Amerika yavuze ko ibitero vyayo kuri Irani bizokwiyongera cane mu gihe Israel ibandanya ibitero i Beirut n'i Tehran

Ahavuye isanamu, Reuters
Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, n'umushikiranganji wiwe wo kwivuna abansi, Pete Hegseth, baneguye Ubwongereza kuba bwanka ko ibirindiro vya gisirikare vyabwo mu karere k'uburasirazuba bwo hagati bikoreshwa mu kugaba ibitero kuri Irani.
Trump yamenyesheje uko ibintu vyifashe muri Irani mu nama yabereye mu biro vy'umukuru w'igihugu, White House.
Ku ruhande rwiwe, Hegseth yavuze ati: "Ikibabaje ni uko Ubwongereza bwanse ivyo twasavye kuva ku musi wa mbere."
Abandanya ati: "Ariko twarashitse ku ntumbero yacu. Twarashitseyo, kandi ivyo ubu biri mu mugambi turiko turakoresha mu gutera ibitero vy'indege... Hari abasirikare b’abarwanyi benshi, inguvu nyinshi, ubushobozi bwo kwikingira, n'ibitero vyinshi."
Yongeyeko ati: "Igitigiri c’ibitero bigabwa kuri Irani kigiye kwongerekana cane."
Hegseth kandi yavuze ko Amerika na Israel bariko bararondera abahohoteye abiyerekana muri Irani.
Hegseth yavuze ati: “Uko murushiriza kubikora, mugasambura intumbero yabo n’ubushobozi bwabo, ni ko murushiriza gutuma abantu baronka akaryo ko guhaguruka badatinya.”
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Keir Starmer yavuze ko atiteguriye ko Ubwongereza bwinjira mu ntambara avuga ko ata shingiro riboneka kandi itiyumviriweko neza.
Izindi nkuru wosoma:


