Chancard Abimana, Didier Bikorimana na Dinah Gahamanyi
Intambara ya Israel - Amerika na Iran: Ibyo wamenya kugeza ubu
Mu kiganiro cyabereye mu biro by’ubuyobozi bukuru bwa gisirikare bw'Amerika (US Central Command), Minisitiri w’ingabo Pete Hegseth yavuze ko ingufu z’umuriro kuri Irani zigiye kwaguka cyane kandi ko Amerika yagiye igaba ibitero ku ndege zitajyamo abapilote (drone) na za misile za Irani "buri saha"
Hegseth yavuze ko Amerika ishobora gukomeza ibitero byayo igihe cyose ibishaka, kandi ko hari n'abafatanyabikorwa benshi b'Amerika na bo bafashe ingamba zo gufasha [mu ntambara]
Yavuze kandi ko Perezida w'Amerika Donald Trump azaba afite "ijambo rikomeye" ku muntu uzayobora Irani, mu gihe Trump ubwe yari yabwiye ibitangazamakuru byo muri Amerika ko agomba "kugira uruhare" mu gushyiraho umuyobozi mushya.
Hagati aho, ibisasu byatewe mu murwa mukuru Beirut waLibani; Bahrain yavuze ko Irani yagabye igitero kuri hoteli n'inyubako zo guturamo; na ho Qatar ivuga ko yafashe igitero cya 'drone' ku kigo cya gisirikare cy'Amerika.
Indege ya mbere ya letay'Ubwongereza ikura abaturage bayo mu Burasirazuba bwo Hagati yageze ku kibuga cy'indege cya Stansted i Londres nyuma yo kuva muri Oman.
Qatar yaburijemo igitero cya 'drone' ku kigo cy'indege cy'Amerika
Minisiteri y'ingabo ya Qatar ivuga ko ingabo zayo zirwanira
mu kirere zashoboye kuburizamo igitero
cy’indege zitajyamo abapilote(drone) cyari kigamije gutera ku kigo cy'indege za gisirikare cya al-Udeid, ikigo kinini cya gisirikare cy'Amerika mu Burasirazuba
bwo Hagati.
Ibi bitangajwe nyuma y’uko reta ya Qatar mbere yaho yari yohereje ubutumwa bw’umutekano kuri telefone zigendanwa zo muri icyo gihugu, ikaburira
abaturage kwirinda bakava ku madirishya
n’ahantu harangaye.
Amerika yavuze ko ibitero vyayo kuri Irani bizokwiyongera cane mu gihe Israel ibandanya ibitero i Beirut n'i Tehran
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Perezida wa Amerika Donald Trump yananeguye Ubwongereza
Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump,
n'umushikiranganji wiwe wo kwivuna abansi, Pete Hegseth, baneguye Ubwongereza
kuba bwanka ko ibirindiro vya gisirikare vyabwo mu karere k'uburasirazuba bwo
hagati bikoreshwa mu kugaba ibitero kuri Irani.
Trump yamenyesheje uko ibintu vyifashe muri Irani mu nama
yabereye mu biro vy'umukuru w'igihugu, White House.
Ku ruhande rwiwe, Hegseth yavuze ati: "Ikibabaje ni
uko Ubwongereza bwanse ivyo twasavye kuva ku musi wa mbere."
Abandanya ati: "Ariko twarashitse ku ntumbero yacu.
Twarashitseyo, kandi ivyo ubu biri mu mugambi turiko turakoresha mu gutera
ibitero vy'indege... Hari abasirikare b’abarwanyi benshi, inguvu nyinshi, ubushobozi
bwo kwikingira, n'ibitero vyinshi."
Yongeyeko ati: "Igitigiri c’ibitero bigabwa kuri Irani kigiye kwongerekana cane."
Hegseth kandi yavuze ko Amerika na Israel bariko bararondera
abahohoteye abiyerekana muri Irani.
Hegseth yavuze ati: “Uko murushiriza kubikora,
mugasambura intumbero yabo n’ubushobozi bwabo, ni ko murushiriza gutuma abantu
baronka akaryo ko guhaguruka badatinya.”
Umushikiranganji
wa mbere w'Ubwongereza Keir Starmer yavuze ko atiteguriye ko Ubwongereza bwinjira mu ntambara avuga ko ata shingiro
riboneka kandi itiyumviriweko neza.
US na Israel vs Iran: Reba videwo igaragaza ibisasu biturikira mu mujyi wa Beirut muri Libani
Insiguro ya video, Reba: Igihe ibisasu byakupitaga mu mujyi wa Beirut muri Libani
Amerika yarashe ubwato bw’ingwano 30 bwa Irani
Ahavuye isanamu, White House
Insiguro y'isanamu, Umukuru w’ingabo za Amerika zikorera mu burasirazuba bwo hagati, Admiral Brad Cooper
Umukuru
w’ingabo za Amerika zikorera mu burasirazuba bwo hagati, Admiral Brad Cooper, yavuze ko Leta Zunze Ubumwe za
Amerika zimaze kurasa ubwato burenga 30 bwa Irani gushika ubu.
Hezbollah yaburiye Abanya-Israel kwimuka bakava mu duce turi hafi y'umupaka na Libani
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Israel imaze kugaba ibitero by'indege birenga 1000 kuri Libani
Hezbollah yaburiye Abanya-Israel kuva mu mijyi iri muri kilometero 5 uvuye ku mupaka na Libani.
Uyu mutwe wo muri Libani waburiye ibi mu gitondo cyo kuri uyu wa gatanu mu butumwa bwo ku rubuga nkoranyambaga rwa Telegram bwo mu rurimi rw’Igiheburayi, nkuko bitangazwa n’ibiro ntaramakuru Reuters.
Hezbollah yagize iti: "Ubushotoranyi bw’igisirikare cyanyu ku busugire bwa Libani no ku mutekano w’abaturage, isenywa ry’ibikorwa-remezo bya gisivile hamwe n’igikorwa cyo kwirukana [igisirikare cyanyu] kirimo gukora ntabwo bizagenda nta cyo bikozweho [nta ngaruka].”
Igisirikare cya Israel (IDF) cyatangiye urukurikirane rw’ibitero kuri Libani ku mugoroba wo ku wa kane, nyuma yo gusaba abantu bo mu bice byo mu nkengero y’amajyepfo ya Beirut kuhava, ibyo bice bikaba ari indiri ya Hezbollah.
Mbere yaho gato, IDF yanavuze ko yatangiye “urukurikirane rw’ibitero byagutse ku bikorwa-remezo by’ubutegetsi bw’iterabwoba bwa Irani i Tehran.”