Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

‘Nta murundi aragira ingorane mu ntambara mu kigobe c’Abarabu’ – Umushikiranganji Bizimana

Abarundi bashika 21,000 baba cane cane muri Arabia Saoudite uyu mushikiranganji avuga ata numwe aragira 'ingorane' muri iyi ntambara.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Gisele Berwa, Chançard Abimana na Samba Cyuzuzo

  1. Aha ni ho dusoreje amakuru yacu y'ikibiriraho y'uyu munsi. Mwakoze kubana natwe, ni aho ku wa mbere.

  2. Nyuma y’imyaka, Stromae yabonetse atunguranye mu gitaramo ku isabukuru ye

    Ku isabukuru ye y’imyaka 41 mu ijoro ryo ku wa kane Stromae yabonetse atunguranye kuri ‘scene’ mu gitaramo cyabereye i Bruxelles mu Bubiligi cyari icy’inshuti ye y’igihe kinini, nk’uko ibinyamakuru mu Bubiligi bibivuga.

    Stromae yaherukaga kuboneka aririmba mu gitaramo mu 2023, mu ijoro ryacyeye yatumiwe ku rubyiniro na Orelsan umuraperi w’umufaransa w’inshuti ye urimo gukora ibitaramo bizenguruka i Burayi.

    Stromae na Orelsan baririmbanye basubiza inyuma abantu mu ndirimbo zabo zakunzwe mu myaka yashize.

    Orelsan wariho yishimira isabukuru ya Stromae yahaye micro umuhungu w’uyu muhanzi ufite umubyeyi umwe w’umunyarwanda wari muri iki gitaramo.

    Uwo mwana w’imyaka umunani w’uyu muhanzi waririmbye ‘Papaoutai” agira ati: “Isabukuru nziza papa”.

    Stromae, wabonetse mu gitaramo gikomeye mu gihugu cya se mu 2015, mu mwaka wakurikiyeho yatangaje atunguranye ko abaye ahagaritse muzika mbere yo kugaruka hashize imyaka itandatu azanye album yise “Multitude”.

    Nyuma yo gusohora indirimbo zakunzwe nka ‘Fils de joie’(2022), kuva mu 2023 ubwo yasubikaga ibitaramo yari afite kubera impamvu zitanduakanye, Stromae ntabwo yongeye kuboneka mu bitaramo nk’icyabaye mu ijoro ryacyeye.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. ‘Nta murundi aragira ingorane mu ntambara mu kigobe c’Abarabu’ – Umushikiranganji Bizimana,

    Mu barundi barenga ibihumbi mirongo ibiri bari mu bihugu vyo mu buseruko bwo hagati nta uragira ingorane ntambara irimwo kuba, nk’uko bishikirizwa n’umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu w’Uburundi.

    Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu musi wa gatanu umushikiranganji Edouard Bizimana yavuze ko Uburundi bubandanya bukurikirana ibiriko bibera murico kigobe c’abarabu.

    Gusa abajijwe aho Uburundi buhagaze kuri iyi ntambara Bizimana yasubije ko ivyo itariyo yari intumbero y’ikiganiro yari yatumiyemwo abamenyeshamakuru.

    Abanyagihugu b’ibihugu vy’amakungu bakorera mu bihugu nka Arabia Saoudite, Qatar canke Emirati Zunze Ubumwe z’Abarabu baheze muri ivyo bihugu kuko ingendo z’indege zahagaritswe n’ibitero vya misile na 'drones' mu kirere c’ako karere.

    Bizimana yavuze ko ico kibazo kitashikiye Abarundi gusa, ati: “Icyo dukora ni ugukurikirana tukamenya neza yuko badashikirwa, twifashishike ibiro vy’ubuserukirizi bwacu”.

    Mu gukorana n’amakompanyi 64 arungika abakozi mu makungu, nk’uko Bizimana abivuga, Abarundi bashika 21,600 bamaze kurungikwa mu bihugu vyo mu kigobe, muri bo 21,200 bari muri Arabie Saoudite, naho 420 bari muri Emirati Zunze Ubumwe z’Abarabu.

    Abandi bacyeya bari muri Qatar na Oman nk’uko Bizimana abivuga.

    Yongeraho ko bakomeza “gutegereza ko ibintu bihinduka kugira ingendo z’indege zisubukurwe” kugira abarondera gutaha batahe.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Kremlin ivuga ko inyungu z’Uburusiya n’iza Amerika zihuye inyuma y’ugutezurirwa ibihano

    Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) ivuga ko inyungu z’Uburusiya n’iza Reta Zunze Ubumwe za Amerika zihuye inyuma y’uko ubutegetsi bwa Perezida Donald Trump butezuye ibihano ku gitoro c’Uburusiya, ku mvo zishingiye ku ntambara iri hagati ya Amerika na Iran.

    Ibiciro vy'ibitoro vyaraduze cane mu misi iheze kubera ko intambara iri mu Buseruko bwo Hagati ibandanya gukara.

    Mu majambo yatangajwe na Reuters, umuvugizi mu biro vy’umukuru w’igihugu Dmitry Peskov yavuze ko Uburusiya bubona ko: “Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zirafata ingingo zo kugerageza gutûza amasoko y’ibitoro; muri ico kibazo rero, inyungu zacu zirahuye”.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Abakozi bane bari mu ndege ya Amerika yagize isanganya bapfuye

    Mu butumwa yashize ku rubuga X kuri uyu wa gatanu mu gitondo, Ibiro bikuru vya Amerika bijejwe ingwano mu karere k’Ubuseruko bwo Hagati(centcom) vyavuze ko “abakozi bane muri batandatu bari bari mu ndege bemejwe ko bapfuye”.

    Centcom yavuze ko ivyatumye iyo ndege igwa bigitohozwa, kandi ko “kubura iyo ndege bitatewe n’amasasu y’umwansi canke ay’abagenzi babo.”

    Amazina y’abapfuye ntazomenyekana mu masaha 24, kugira ngo babanze bamenyeshe imiryango yabo.

    Ku mugoroba wo ku wa kane, Centcom yari yatangaje ko indege ya KC-135 ikoreshwa mu gutanga igitoro ku zindi ndege yaguye mu kirere kigenzurwa n’abagenzi babo, mu gihe iyindi ndege ya kabiri yari iri muri ico gikorwa yashoboye kugwa amahoro.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Amafoto yerekana ingaruka z’igitero ca Iran hafi y’i Nazareth

    Hatangajwe ibitero vyabaye mu gisagara ca Zarzir muri Israel, hafi y’i Nazareth, mu masaha ya kare yo kuri uyu wa gatanu.

    Urwego rw’ubutabazi rwa Israel Magen David Adom rwatangaje ko muri ico gihe abantu benshi,barenga amajana, bariko baravurwa.

    Amafoto yasohotse yerekana abakozi b’ubutabazi bariko barasuzuma inzu yasambuwe n’ico gitero muri ako karere.

    Ntibiratangazwa nimba hari abishwe n'iki gitero ca Iran muri ako karere.

    Izindi nkuru wosoma :

  7. Intambara hagati ya Iran na Amerika: Igitutu c’Intambara ya Iraq kiracarimwo

    Uguhangana kuriko kuba hagati ya Iran na Amerika akenshi kugereranywa n’intambara Amerika yatanguje muri Iraq mu 2003, intambara yabaye ndende kandi ingaruka zayo ziguma zigira ico zikoze kuri politike mpuzamakungu gushika uno musi.

    Kw'igenekerezo rya 9 Ndamukiza(4) 2003, abasivire ba Iraq be n’abasirikare ba Amerika barasambuye igishusho ca prezida Saddam Hussein i Baghdad, ikimenyetso c’uko ubutegetsi bwiwe bwari burangiye.

    Haciye imisi mike, umukuru w’igihugu ca Amerika w’ico gihe, George W. Bush, yatangaje ko “intumbero y’intambara yashitsweko”. Ariko mu vy’ukuri, intambara yari ikiri kure yo kurangira.

    Intambara yo muri Iraq yahavuye ihinduka intambara ndende kandi izimvye cane.

    Hagati y'umwaka wa 2003 na 2011, haragereranywa ko abantu bashika ku bihumbi 461,000 baciwe muri iyo intambara, kandi Leta Zunze Ubumwe za Amerika zakoresheje hafi amadolari miliyaridi 3,000.

    Gutera Iraq vyari vyashingiye cane ku vyagirizwa ko ico gihugu gifise ibirwanisho ruhonyanganda, ariko nyuma ntivyigeze biboneka.

    Iyo ntambara yarahinduye cane uko ibintu vyifashe mu Buseruko bwo Hagati kandi iragabanya ukwizera abantu bari bafitiye abakuru b’ibihugu mu bihugu vyinshi vyo mu Burengero.

    Ubu, mu gihe imishamirano hagati ya Amerika na Iran ibandanya kwiyongera, hari ababona ko hari ibintu bisa n’ivyabaye muri Iraq.

    Ariko hariho n’itandukaniro: Amerika ntirarungika abasirikare benshi ku butaka kandi ntiyubatse urunani mpuzamakungu rukomeye rw’abayishigikiye muriyo ntambara nk’uko vyari mu mwaka wa 2003.

    Icigwa gikomeye cavuye ku ntambara ya Iraq ni iki:Intambara zirahindagurika, iyo zitanguye ntawuba azi aho ziherera n’uko zizohera, kandi ingaruka zazo zishobora kumara imyaka myinshi, mbere n’ibinjana.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Trump ati: "Ntewe ishema no kwica abategetsi ba Iran…Murebe ibibabaho uyu munsi"

    Perezida Donald Trump wa Amerika yavuze ko ari “ishema rikomeye” kuba arimo kwica abo mu butegetsi bwa Iran mu butumwa yashyize ku mbuga nkoranyambaga.

    Muri iki gitondo yanditse ku rubuga rwe Truth Social ati: “Turimo gusenya nyabyo ubutegetsi bw’iterabwoba bwa Iran, igisirikare, ubukungu n’ibindi.

    “Igisirikare cya Iran cyagiye, igisirikare kirwanira mu kirere nta kigihari, za misile, n’ibindi byose birimo gusibwa, kandi n’abategetsi babo bavanywe ku isura y’isi”.

    Hagati aho Iran yo ikomeje ibitero byo kwihimura kuri Israel n’ibihugu bituranye na yo aho Amerika ifite ibirindiro by’ingabo.

    Igisirikare cya Israel cyatangaje ko ubu kirimo guhangana n’ibitero bya za misile zarashwe na Iran zerekeza kuri Israel

    Intabaza ziburira rubanda zumvikanye mu bice byibasiwe muri Israel kandi ubutumwa bwo kuri telephone bubwira abantu kujya mu bwihisho bwoherejwe mu bice bitandukanye bya Israel, nk’uko ingabo zibivuga.

    Trump we yavuze ko Amerika ifite intwaro “zitagereranywa, n’igihe gihagije” – ati: “Murebe ibigiye kubabaho uyu munsi”.

    Aterekanye ibihamya, Trump ashinja abategetsi bwa Iran “kwica inzirakarengane” mu myaka 47 ishize.

    Ati: “None ubu, njyewe Perezida wa 47 wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ndimo ndabica. Mbega ibintu biteye ishema gukora!”.

    Hari abantu bashyigikiye ibikorwa n’amagambo ya Trump, mu gihe abandi bamunenga gushora isi mu ntambara, ubwicanyi ku basivile, no guteza ingaruka mbi kuri benshi ku isi.

  9. Ivyo ukwiye kumenya gushika ubu ku ntambara iriko iraba mu burasirazuba bwo hagati

    Ngibi ibigezweho vyavuye mu makuru yacu tubandanya dutanga ku ntambara iriko iraba hagati ya Amerika-Israel na Irani.

    • Igisirikare ca Amerika cemeje ko indege ikoreshwa mu gutanga ibitoro ku zindi ndege yakoze isanganya igakoroka mu burengero bwa Iraq, inyuma y’“ikibazo” cabaye hagati y’indege zibiri. Ibiro bikuru vya Amerika bijejwe ingwano muri ako karere vyavuze ko “ivyo vyabereye mu kirere kiri mu maboko y’abafatanyabikorwa muri ibi bitero bise "Operation Epic Fury” kandi ko "ibikorwa vy'ubutabazi biriko birabandanya" mu burengero bwa Irak
    • Umukuru w’Ubufaransa, Emmanuel Macron, yatangaje ko umusirikare w’Ubufaransa yishwe mu gitero c’indege zitajamwo abadereva (drone) cabereye mu karere ka Erbil muri Iraq , abandi benshi bagakomereka. Uwo ni wo musirikare wa mbere w’Ubufaransa apfuye kuva iyi ntambara itanguye.
    • Israel na yo yavuze ko yatanguye “igitero kinini ku bikorwa remezo bitandukanye” biri i Teheran, umurwa mukuru wa Iran. Mbere y’ivyo, yari yasubiye kugaba ibindi bitero ku murwi wa Hezbollah mu bumanuko bwa Liban no mu gisagara ca Beirut.
    • Mbere y’aho, umukuru w’ikirenga mushasha wa Irani Mojtaba Khamenei yatangaje, mu butumwa bwasomwe kuri televiziyo ya leta, ko Irani izobandanya ibuza ubwato guca mu muhora wa Hormuz. Ariko gushika ubu ntarigera aboneka kumugaragaro kuva igitero cahitanye se wiwe Ayatollah Ali Khamenei, ivyo bikaba bituma havugwa vyinshi ku buzima bwiwe.
    • Uwo mutegetsi mushasha kandi yerekanye ko Irani ishobora kubandanya igaba ibitero ku ibirindiro vya Amerika mu bihugu bibanyi. Hagati aho, umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Ubwongereza John Healey yavuze ko ejo Ubwongereza bwarashe indege zibiri za drone, buzirasiye ku birindiro vyabo biri muri Iraq.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. Uburusiya bwavuze ko isoko ry'isi rikeneye ibitoro byabwo

    Intumwa ishinzwe ubukungu y'Uburusiya, Kirill Dmitriev, yavuze ko isoko mpuzamahanga ry’ingufu ridashobora kumera neza ridafite ibitoro by’u Burusiya.

    Mu butumwa yashyize ku rubuga rwa Telegram, Dmitriev yagize ati:“Leta Zunze Ubumwe za Amerika zirimo kwemera ikintu kigaragara: ko isoko mpuzamahanga ry’ingufu ridashobora guhagarara neza ridafite ibitoro by’u Burusiya.”

    Dmitriev yavuze ibi nyuma y’uko America yemeye by'agateganyo ko ibihugu bigura ibitoro by'Uburusiya byari bisanzwe byarafatiwe ibihano hagamijwe kureba uko byafasha isoko mpuzamahanga ry’ingufu muri iki gihe cy’intambara.

    Nubwo hasanzweho ibihano, White House yavuze ko izaha ibihugu uburenganzira bw’iminsi 30 bwo kugura ibitoro by’Uburusiya ubu bwaheze mu mato yafatiwe mu nyanja kugira ngo isoko ry’ibitoro kw’isi rikomerewe muri iyi minsi ryoroherwe.

    Izindi nkuru wasoma:

  11. Igisirikare c’Uburundi caramuye aba ‘sous-officiers’ bashasha barenga 400

    Abasirikare 441 b’Uburundi na 24 bo muri Centrafrique basozereye inyigisho za gisirikare zibagira aba ‘sous-officiers’ mw'ishure rya ESO de Bururi ku musi wa kane, nk’uko bivugwa na radio-televiziyo y’Uburundi.

    Mu birori vyo gusozera izo nyigisho zabo Général Prime Niyongabo atwara ibiro bikuru vya gisirikare yavuze ko ibi bisongerezi vyigishijwe neza kandi “vyiteguriye kwitangira gukingira igihugu” cazo.

    Ni incuro ya 53 iri shure rya École des Sous-Officiers (ESO) de Bururi ritanze ibisongerezi bihejeje amashure yo kuba aba sous-officiers.

    Mu mezi aheze igisirikare c’Uburundi caragowe na bamwe bamwe muri co bataye akazi bakaja gushaka ubuzi hanze y’igihugu, gushika aho Général Niyongabo yibukije abasirikare n’inzego zindi zibijejwe ko ata musoda arekuriwe guhabwa 'passport' y’abaja mu mahanga atavyemerewe.

    Igisirikare c’Uburundi kirafise ingabo mu burseruko bwa Congo carungitse kurwanya imihari yitwaje ibirwanisho ku bwumvikane bwa Kinshasa na Gitega.

    Izindi nkuru wasoma:

  12. Indege za Amerika zitanga igitoro mu kirere zifise uruhara uruhe mu bitero kuri Iran?

    Ntituramenya neza igituma iyi ndege yo mu bwoko bwa KC-135 itanga igitoro mu kirere yaguye, ariko kimwe mu bishoboka ni uko hashobora kuba habaye ukugongana kw’indege zibiri mu kirere.

    Izi ndege zitanga igitoro zifise uruhara runini cane mu ntambara, kuko zituma indege z’intambara n’indege zitera ibisasu ziguma zifise igitoro gihagije mu gihe zija kugaba ibitero kure cane y’aho ziva.

    Ni igikorwa kinini gikeneye gutunganywa neza, kuko haba hari indege nyinshi mu kirere icarimwe, kandi imwe yose iba ikeneye igitoro.

    Gushiramwo igitoro mu kirere bisaba ko indege yindi yegera cane iyo itwara igitoro. Hanyuma umuringoti ukava kundege itanga igitoro uja kuyindi ishaka igitoro.

    Umudereva w’indege iriko irahabwa igitoro aragenda ayegera, agashira indege yiwe neza akurikije amatara ari munsi y’indege itanga igitoro kugira uwo muringoti ushobore kwinjira neza mu ndege yiwe.

    Iyo amaze gushikira wamuringoti, igitoro gitangura kwimurirwa mu ndege igikeneye, igikorwa gishobora kumara iminota itari mike.

    Muri ico gihe cose, izo ndege ziba zegeranye cane, rimwe na rimwe ziri hafi cane ku buryo zishobora gutandukanywa n’intambwe nke gusa, kandi kenshi ivyo bikorwa biba mw’ijoro.

    Bisaba ubuhinga n’ubumenyi ku mudereva kugira agume yegeranye neza n’uwo muringoti, canke rimwe na rimwe n’igikoresho kimeze nk’agakopo kitwa "drogue", mu gihe mu kirere hashobora kuba hari izindi ndege nyinshi hafi yaho.

    Mu bikorwa vyo gushiramwo igitoro mu kirere, rimwe na rimwe amatara y’izo ndege arashobora kuzimwa burundu kugira ngo umwansi ntazibone.

    Ibiro bikuru vya Amerika bijejwe ingwano muri ako karere bivuga ko ivyo vyabereye mukirere ca Irak, ariko ntituramenya aho vyabereye ugereranije n’igihugu kibanyi ca Iran.

    Indege yo mu bwoko bwa KC-135 akenshi igira abakozi batatu bayikorerako: umudereva mukuru, icegera ciwe, n’uwukurikirana umuringoti utanga igitoro.

    Nk’uko igisirikare co mu kirere ca Amerika kibivuga, ishami ryitwa Air Mobility Command rifise hafi indege 400 zitwara igitoro ku ndege zigikeneye mu ntambara.

    Izindi nkuru wosoma:

  13. Macron yatangaje umusirikare wa mbere w’Ubufaransa wishwe muri iyi ntambara

    Umusirikare w’Ubufaransa yishwe mu gitero cya ‘drone’ mu karere ka Erbil muri Iraq naho abandi benshi barakomereka, nk’uko byatangajwe na Perezida Emmanuel Macron.

    Macron yavuze ko Adjudant-chef Arnaud Frion nk’umunsirikare wa mbere w’Ubufaransa wishwe kuva iyi ntambara kuri Iran yatangira mu kwezi gushize.

    Yanditse ku mbuga nkoranyambaga ati: "Ku muryango we, ku basirikare bagenzi be, ndashaka kubabwira ko igihugu kifatanyije namwe mu kababaro"

    Macron yongeyeho ko "Abandi basirikare bacu benshi bakomeretse. Ubufaransa buri kumwe na bo n’ababo".

    Uyu mukuru w’Ubufaransa yamaganye ibitero ku ngabo z’Ubufaransa ziri muri Iraq kurwanya umutwe wa Islamic State mu karere, avuga ko "bitakwihanganirwa".

    Avuga ko ingabo z’Ubufaransa ziri muri Iraq kurwanya iterabwoba, ko "Intambara muri Iran idakwiye gusobanura ibi bitero" kuri zo.

    Ubufaransa buvuga ko butari mu ntambara Amerika na Israel birimo kurwana na Iran.

    Izindi nkuru wasoma:

  14. Indege ya gisirikare ya Amerika yakorotse muri Iraq

    Indege y'intambara y'igisirikare ca Amerika yakorotse muri Iraq, nk'uko vyemezwa n'igisirikare ca Amerika.

    Indege ya gisirikare yo mu bwoko bwa KC-135 yakorotse inyuma y'"impanuka" yabaye hagati y’indege zibiri.

    KC-135 ni indege y'intambara ikorwa na Boeing ijejwe kwikorera no guhereza izindi ibitoro.

    Igisirikare cavuze ko ata "kuraswa n’abansi canke kuraswa n’abagenzi babo" kwabigizemwo uruhara.

    Ibiro bikuru vya Amerika bijejwe ingwano muri ako karere bivuga ko "ibikorwa vy'ubutabazi biriko birabandanya" mu burengero bwa Irak - mu kirere igisirikare cise ko ari “ikirere gifise umutekano ”.

    Itangazo ribandanya rivuga ko iyindi ndege yari iri muri iryo sanganya yashoboye kugwa amahoro ata ngorane.

    Izindi nkuru wosoma:

  15. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’aka kanya.