Amerika yagize ibitero vyo kwihora ku bibanza 85 muri Syria no muri Irak

Reta zunze ubumwe za Amerika zatanguje ibitero muri iri joro ku migwi ifashwe mu mugongo na Iran muri Irak na Syria, ku bibanza n'imiburiburi 85.

Ivyo bitero bikurikiye igitero ca drone cabaye ku musi wa Mungu uheze kw'ikambi ya gisirikare ra Amerika iri muri Yordania, cahitanye abasirikare batatu b'abanyamerika, kinakomeretsa abandi barenga mirongo mirongo ibiri.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika vyagirije Iran kuba inyuma y'ivyo bitero, prezida Joe Biden yari yagabishije "mu gihe uteye Amerika, tuzokwishura".

Iran yarahakanye kugira uruhara muri ivyo bitero ikavuga ko ivyo Amerika ivuga "ata shingiro bifise".

Indege nyinshi n'ibigwanisho bigema neza 125 vyakoreshejwe muri ivyo bitero.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi Lloyd Austin yavuze ko ico gihugu "kizobandanya gukora kugira intambara ntikwiragire hose" ariko kizofata ingingo zose zikenewe mu kwigwanira no kugwanira abanyagihugu baco.

Syria na Irak bivuga iki kuri ivyo bitero

Mu kwishura kuri ivyo bitero vya Amerika ku ngabo za Iran n'imigwi bakorana muri Irak na Syria, Syria yavuze ko "ukwigarurira" ubutaka bwa Syria kwa Amerika "bidashobora kubandanya".

Mw'itangazo ryakwiragijwe n'itororokanirizo ry'amakuru rya Sana, igisirikare ca Syria kivuga ko abantu benshi bishwe abandi barakomereka, batavuze igitigiri nyaco.

Riravuga kandi "ibintu vyinshi vyononekaye" muvyo abikorera ivyabo na reta.

Umuvugizi w'umushikiranganji wa mbere wa Irak avuga k ibitero vya Amerika "bihonyanga ubwigenge bw'ico gihugu, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Gen Yehia Rasool yongeyeko ko ivyo bitero bizozana "inkurikizi mbi cane ku mutekano n'ituze muri Irak no mu karere", nk'uko AFP ibandanya ibivuga.

Reta ya Irak ivuga ko n'imiburiburi abantu 16, harimwo abasivire, bishwe abandi 25 barakomerekera muri ivyo bitero vy'igisirikare ca Amerika muri iri joro.

Uwo muvugizi avuga ko ivyo bitero, vyagizwe ku migwi yitwaje ibigwanisho ifashwa na Iran ari agasomborotso ku bwigenge bwa Irak, avuga ko bishobora gushira mu kaga Irak n'akarere.

Kubera iki Amerika ifise amakambi muri Irak na Syria?

Ikambi ya gisirikare ya Amerika yatewe ku musi wa Mungu mu gitero ca drone cahitanye abasirikare batatu mu buraruko bushira uburengero mw'ihembe rya Yordania ni kimwe mu birenga mirongo ibiri ku basirikare ba Amerika bakorera muri Irak, Yordania na Syria.

Aha ni hamwe mu harangwa amakambi ya Amerika hirya no hino mu burasirazuba bwo hagati.

Irak - hari abasirikare 25.000 ba Amerika muri Irak. Bariyo ku butumire bwa reta ya Irak mu runani rwo kugwanya umugwi wa Islamic State, IS, n'ubu ukirangwayo inyuma yo gutuzwa mu 2017.

Syria - Hari kandi abasirikare ba Amerika 900 muri Syria. Bizwi ko bariyo mu ntumbero yo gushigikira abagwanya IS, abagwanyi b;aba Kurdes ba Syrian Democratic Forces, mu karere kigenga ko mu buraruko bushira ubuseruko bwa Syria.

Amerika kandi irafise abasirikare 3.000 bafise icicaro muri Yordania, gisanzwe gifitaniye ubucuti bukomeye na Amerika, hari kandi ayandi makambi harimwo atatu y'abagwanira mu kirere mu kigobe no ku kivuko ca Bahrain.

Ibitero ku makambi ya Amerika si ibintu bidasanzwe, aho Amerika yama yagize ibitero vyo kwihora.