Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ng’aba ba basirikare ba Amerika bicirwa mu gitero muri Yorodaniya
- Umwanditsi, Na Fiona Nimoni
- Igikorwa, BBC News
Reta ya Amerika yasohoye amazina ya ba basirikare bayo bicwa mu gitero c’indege itagira umudereva (drone) muri Yorodaniya ku wa Mungu.
Sereja (Sergeant) William Jerome Rivers w’imyaka 46, Specialist Kennedy Ladon Sanders w’imyaka 24 hamwe na Specialist Breonna Alexsondria Moffett w’imyaka 23 bishwe igihe drone itera inzu babamwo.
Amerika yegeka iki gitero ku mihari ifashwe mu mugongo na Irani, Pentagon (ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika) ikavuga ko gisa n’ica Hezbollah.
Pentagon kandi ishimangira ko Amerika itipfuza intambara na Irani.
Sabrina Singh, umuvugizi wa Pentagon, avuga ati: "Ntiturondera intambara, ariko tuzofata ingingo, kandi twishure ku bitero bikorwa ku ngabo zacu”.
CBS News, ikinyamakuru gikorana na BBC muri Amerika, ivuga ko yabwiwe n’umutegetsi wa Amerika ko iyi drone yakoreshejwe muri iki gitero isa n’iyahinguriwe muri Irani.
Uno mutegetsi avuga ko yari “drone yo mu bwoko bwa Shahed", ubwoko bwa drone Irani isanzwe iha Uburusiya.
Irani irahakana ivyo yagirizwa na Amerika be n’Ubwongereza ko ifashe mu mugongo imihari yagirizwa iki gitero.
Pentagon ivuga ko aba basirikare batatu bishwe mu gitondo co ku wa Mungu bari bavuye mu kigo c’ingabo z’integabizoza kiri i Fort Moore, mu ntara ya Georgia.
Liyetena Jenerali Jody Daniels, umukuru w’igisata c’integabizoza mu gisirikare ca Amerika, yunamiye aba basirikare bishwe.
"Kw’izina ry’igisirikare c’integabizoza nifatanije mu mubabaro n’abagenzi, imiryango n’abakunzi babo. Igikorwa n’ubwitange vyabo ntibizokwibagirwa, kandi turiyemeje gufata mu mugongo abasigaye inyuma y’aka kaga”, niko Jenerali Daniels avuga.
Iki gitero ca drone cabereye ahitwa Rukban, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Yorodaniya, hafi y’urubibe bwa Syria. Abategetsi ba Amerika bahavuye bavuga ko iki kirindiro citwa Tower 22.
Abasirikare barenga 40 barakomeretse igihe iyi ndege itagira umudereva yakubita inzu barimwo mu gatondo ko ku wa Mungu.
Ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bwarazimijwe kuri Tower 22 igihe iki gitero caba, nk’uko abategetsi ba Amerika babibwiye CBS News, kubera ino drone y’umwansi yashikiye rimwe na drone ya Amerika yari igarutse ku kirindiro.
Bavuga kandi ko ingabo z'iyi kambi y'indege zari zigisinziriye igihe iyi drone itera – ata n’uko bagabishijwe.
Irani irahakana ko ata ruhara ibifisemwo mu gufata mu mugongo imirwi yikekwa ko ari yo yakoze iki gitero.
Nasser Kanaani, umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Irani bujejwe imigenderanire, avuga ko ata “ruhara mw'ifatwa ry'ingingo ry'iyo migwi mu guhitamwo kugwanira Abanyapalestina canke ibihugu vyayo”.
Umushikiranganji wa Iran ajejwe igendereza Esmail Khatib avuga ko imirwi y’akarere ifitaniye ubucuti na Irani yihora “abasotoranyi ba Amerika” atawe irinze kubibwira.
Perezida Joe Biden wa Amerika avuga ko igihugu ciwe "kizokubita intahe mu gahanga abo bose babikoze ku gihe no mu nzira tuzohitamwo”.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi Lloyd Austin avuga ko we na Biden bazofata “ingingo zose zikenewe” inyuma y’iki gitero ku ngabo za Amerika.
Umuvugizi wa Pentagon Sabrina Singh avuga ko iki gitero cakozwe n’umurwi w’abarwanyi biyitira idini rya Islam ufashwe mu mugongo n’igisirikare ca Irani, kandi ko gifise “ibimenyetso” vy’umuhari Hezbollah wo muri Libani.
Umuhari Islamic Resistance wo muri Iraki ni wo wiyitiriye iki gitero.
Uno murwi mpuzamirwi wavutse mu 2023 kandi uhurikiyemwo imihari itari mike y’abarwanyi bafashwe mu mugongo na Irani ikorera muri Iraki. Ni wo wiyitirira n’ibindi bitero ku ngabo za Amerika mu ndwi nkeya ziheze.
Mw’itangazo, uno muhari uvuga ko wateye ibirindiro bitatu vya Amerika muri Syria – wabihaye amazina ya Shaddadi, Tanf na Rukban. Hagati aho, Rukban iri ku ruhande rwa Yorodaniya ku rubibe na Syria.
Uno murwi uvuga kandi ko wakubise ikigo c’igitoro ca Israel muri Mediterane.
Ni bwo bwa mbere habaye igitero gihitanye ingabo za Amerika mu karere kuva intambara ya Gaza yadutse, ivuye ku gitero ca Hamas co ku wa 7 Gitugutu 2023 kuri Israel.
Hari ibindi bitero vyabaye ku birindiro vy’ingabo za Amerika mu karere, ariko ntabo vyari bwahitane imbere y’iki gitero co ku wa Mungu, nk’uko bimenyeshwa n’igisirikare ca Amerika.
Abategetsi bavuga ko ibigo vya Amerika muri Irak na Syria bimaze guterwa incuro nibura 165 kuva ku wa 17 Gitugutu (10).
Mu kwezi guheze, Amerika yakoze ibitero vyo mu kirere ku mirwi ifitaniye ubucuti na Irani inyuma y’aho abasirikare ba Amerika bakomerekeye mu gitero ca drone ku kirindiro co mu buraruko bwa Irak, umwe akaba yarasinzikaye.
Mu ntango za Nzero (1), igitero kimwe ca Amerika co kwihora ku mugwa mukuru wa Irak Baghdad, cahitanye umutegetsi w’umuhari w’abarwanyi yagirizwa ko ari wo yakoze ibitero ku ngabo za Amerika.