Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi - Football: Stade Intwari yinjiwe, umukuru wa FFB ati 'Twari turushe n'agasuzuguro'
- Umwanditsi, Patrick Wasso
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru ari i Bujumbura
- Igihe co gusoma: iminota 4
Kuva kw'izina rya Prince Louis, hanyuma Intwari, iyo stade yo mu Burundi yongeye kwandika amateka.
Ico kibuga kiri hagati na hagati mu gisagara ca Bujumbura gisanzwe kizwi kuva kera.
Niho ibendera ry'Uburundi ryadugiye ubwa mbere umunsi Uburundi buhimbaza irya mbere intahe yo kwikukira buvuye mu bukoroni bw'Ububirigi ku wa 01 Mukakaro (ukwezi kw'indwi) mu 1962.
Ni naho cari cakuye izina Prince Louis Rwagasore, umuganwa yabaye incungu y'ukwikukira kw'Uburundi.
Ariko kuva ku wa 01 Mukakaro mu 2019, carahinduriwe izina citwa Stade Intwari.
None kuri uyu wa gatandatu canditse ayandi mateka muri kahise k'Uburundi.
Cinjiwe icese nk'ikibuga c'umupira w'amaguru gikwije ibisabwa n'inzego mpuzamakungu z'uwo mukino muri Afrika no kw'isi, CAF na FIFA.
Ibirori vyari birongowe n'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye vyitabiriwe n'abanyagihugu benshi kuko kwinjira kwari ku buntu.
Imigwi ya Vital'O na Bumamuru niyo yatewe iteka ryo gukwangura icese ico kibuga mu rukino rw'indwi igira iya 19 muri shampiyona y'igihugu. Vital'o niyo yatahukanye itsinzi kuri 2-1.
'Twari turushe n'agasuzuguro ko gusembera'
Mu kwezi kwa gatanu mu 2021 niho urwego rw'umupira w'amaguru muri Afrika rwafata ingingo ko ata nkino mpuzamakungu z'umupira w'amaguru zizosubira gukinirwa mu bihugu 20 harimwo n'Uburundi.
Ibibuga vy'ivyo bihugu ntivyari bikwije ibisabwa n'urwo rwego. Kuva ico gihe, inkino Uburundi bwaba butegekanijwe kwakira zaca zija gukinirwa ku bibuga vy'ibitirano mu bihugu bibanyi nka Tanzania.
Uwurongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi FFB yiruhukije kubona uko kuja gusembera mu mahanga kurangiye, asaba ko hoboneka ikibuga kigira kabiri gikwije ibisabwa kw'isi.
Mw'ijambo yashikirije mu birori vyo kwinjira Stade Intwari, Général de brigade de police Alexandre Muyenge yagize ati:
"Twari turushe n'agasuzuguro ko gusembera ibibuga mu babanyi. Ndasavye ko kino kibuga cacu tukibungabunga neza cane."
Igihe ico kibuga congera gusubira kwakira inkino mpuzamakungu vy'imfatakibanza mu kwezi kw'icenda imbere y'uko cinjirwa icese, umunyamabanga mukuru wa FFB yavuze ko ''ikibuga co hanze cakotwa amafaranga ari hagati ya 6.000 na 12.000 vy'amadorari y'Abanyamerika''.
"Igihugu cahomba amahera y'amatike yo kwinjira mu kibuga'', niko Elysé Niyubahwe niko yongeyeko. ico gihe.
''Ku nkino zose zabera hanze y'Uburundi twarariha ibintu vyinshi harimwo amatike y'indege, amahoteli, imodoka zo kwiyunguruza. Ubu ayo mahera yose azoca agaruka mu kigega ca FFB na leta".
Mu bintu bitamenyerewe mu Burundi, habaye kurasa ibimuri mu kirere (feux d'artifice/fire works) mu kuryosha ibirori vyo kwinjira icese ico kibuga.
Mw'ijambo ryo kwinjira ice ico kibuga, umukuru w'urwego rw'umupira w'amaguru mu Burundi yaboneyeho "gusaba ikindi kibuga ca kijambere nk'iki nyene mu ntara ya Gitega".
Ivyo yabisavye umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye ngo "n'i Gitega turonke ikindi kibuga ca kijambere kizoruhurira iki ca Bujumbura".
Yamenyesheje ko FIFA yamaze kwemera imfashanyo ingana hafi imiriyoni 2 z'amadolari y'Amerika kugira ico kibuga ca kijambere kiboneke.
Uko ikibuga giteye n'uko kingana
Ibikorwa vyo gusubiramwo Stade Intwari vyatwaye hafi imyaka itatu.
Yasubiwemwo ku ntererano ya leta y'Uburundi. Igitigiri c'amafaranga yose yakoreshejwe nticavuzwe ariko ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi, FIFA, ryo ryatereye ayangana na miriyoni zibiri z'amadorari ($2.000.000).
Ayo yavuyemwo "umusezero" w'ikizungu (pelouse synthétique), amatara abonesha ikibuga mu gihe habaye inkino zo mw'ijoro hamwe n'aho abakinyi basubirira abandi n'abahagarikiye inkino baba bicaye (bancs de touche ), nk'uko vyavuzwe n'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi, Elysé Niyubahwe.
Ibibanza vyose aho abantu bashobora kwicara ni ibihumbi 15 (15.000), ubwugamo bw'iteka (bw'icubahiro) bwonyene nibwo busakaye.
Ikibuga Intwari gifise ama 'shops' canke amabutike yo kudandarizamwo angana 180.
Aho imodoka zihagarara (parking) hashobora kwakira imodoka zirenga gato 400 nk'uko bivugwa n'umwe mu bahinga ari mu basubiyemwo Stade Intwari.
Kuva ico gihe kimaze gukinirwako inkino mpuzamakungu 6.
Souleiman Hassan Waberi, yaserukiye FIFA muri ivyo birori, yagize ati: "Turiyemeje ko tuzobandanya dushigikira Uburundi mu migambi yabwo yo guteza imbere inkino z'umupira w'amaguru."
Waberi arongoye ishirahamwe ry'umupira wa maguru muri Djibouti, akaba ari mu nama nyobozi ya FIFA, yavuze ko baryohewe ko "Uburundi busubiye kandi kwakira inkino mpuzamakungu z'umupira w'amaguru".
Umukuru w'Uburundi yavuze ko ico kibuga kivuye mu co yise "Opération Agateka" yatanguje "kuko twari mu mwiheburo wo kuronka ikibuga gikwije ivyankenerwa kugira twakire inkino mpuzamakungu.
"Ariko turi kumwe twese birashoboka kandi birashoboka iyo turi kumwe twese."