IKIBIRIRAHO, Igisirikare ca Amerika kivuga ko ibikorwa vy'ubutabazi biriko birabandanya inyuma y'isanganya ry'indege muri Iraki

Igisirikare ca US kivuga ko ibikorwa vy'ubutabazi biriko birabandanya inyuma y'isanganya ry'indege muri Iraq

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Gisele Berwa, Chançard Abimana na Samba Cyuzuzo

  1. Trump ati: "Ntewe ishema no kwica abategetsi ba Iran…Murebe ibibabaho uyu munsi"

    Donald Trump

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Perezida Donald Trump wa Amerika yavuze ko ari “ishema rikomeye” kuba arimo kwica abo mu butegetsi bwa Iran mu butumwa yashyize ku mbuga nkoranyambaga.

    Muri iki gitondo yanditse ku rubuga rwe Truth Social ati: “Turimo gusenya nyabyo ubutegetsi bw’iterabwoba bwa Iran, igisirikare, ubukungu n’ibindi.

    “Igisirikare cya Iran cyagiye, igisirikare kirwanira mu kirere nta kigihari, za misile, n’ibindi byose birimo gusibwa, kandi n’abategetsi babo bavanywe ku isura y’isi”.

    Hagati aho Iran yo ikomeje ibitero byo kwihimura kuri Israel n’ibihugu bituranye na yo aho Amerika ifite ibirindiro by’ingabo.

    Igisirikare cya Israel cyatangaje ko ubu kirimo guhangana n’ibitero bya za misile zarashwe na Iran zerekeza kuri Israel

    Intabaza ziburira rubanda zumvikanye mu bice byibasiwe muri Israel kandi ubutumwa bwo kuri telephone bubwira abantu kujya mu bwihisho bwoherejwe mu bice bitandukanye bya Israel, nk’uko ingabo zibivuga.

    Trump we yavuze ko Amerika ifite intwaro “zitagereranywa, n’igihe gihagije” – ati: “Murebe ibigiye kubabaho uyu munsi”.

    Aterekanye ibihamya, Trump ashinja abategetsi bwa Iran “kwica inzirakarengane” mu myaka 47 ishize.

    Ati: “None ubu, njyewe Perezida wa 47 wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ndimo ndabica. Mbega ibintu biteye ishema gukora!”.

    Hari abantu bashyigikiye ibikorwa n’amagambo ya Trump, mu gihe abandi bamunenga gushora isi mu ntambara, ubwicanyi ku basivile, no guteza ingaruka mbi kuri benshi ku isi.

  2. Ivyo ukwiye kumenya gushika ubu ku ntambara iriko iraba mu burasirazuba bwo hagati

    ifoto ya Mojtaba Khamenei

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Mojtaba Khamenei

    Ngibi ibigezweho vyavuye mu makuru yacu tubandanya dutanga ku ntambara iriko iraba hagati ya Amerika-Israel na Irani.

    • Igisirikare ca Amerika cemeje ko indege ikoreshwa mu gutanga ibitoro ku zindi ndege yakoze isanganya igakoroka mu burengero bwa Iraq, inyuma y’“ikibazo” cabaye hagati y’indege zibiri. Ibiro bikuru vya Amerika bijejwe ingwano muri ako karere vyavuze ko “ivyo vyabereye mu kirere kiri mu maboko y’abafatanyabikorwa muri ibi bitero bise "Operation Epic Fury” kandi ko "ibikorwa vy'ubutabazi biriko birabandanya" mu burengero bwa Irak
    • Umukuru w’Ubufaransa, Emmanuel Macron, yatangaje ko umusirikare w’Ubufaransa yishwe mu gitero c’indege zitajamwo abadereva (drone) cabereye mu karere ka Erbil muri Iraq , abandi benshi bagakomereka. Uwo ni wo musirikare wa mbere w’Ubufaransa apfuye kuva iyi ntambara itanguye.
    • Israel na yo yavuze ko yatanguye “igitero kinini ku bikorwa remezo bitandukanye” biri i Teheran, umurwa mukuru wa Iran. Mbere y’ivyo, yari yasubiye kugaba ibindi bitero ku murwi wa Hezbollah mu bumanuko bwa Liban no mu gisagara ca Beirut.
    • Mbere y’aho, umukuru w’ikirenga mushasha wa Irani Mojtaba Khamenei yatangaje, mu butumwa bwasomwe kuri televiziyo ya leta, ko Irani izobandanya ibuza ubwato guca mu muhora wa Hormuz. Ariko gushika ubu ntarigera aboneka kumugaragaro kuva igitero cahitanye se wiwe Ayatollah Ali Khamenei, ivyo bikaba bituma havugwa vyinshi ku buzima bwiwe.
    • Uwo mutegetsi mushasha kandi yerekanye ko Irani ishobora kubandanya igaba ibitero ku ibirindiro vya Amerika mu bihugu bibanyi. Hagati aho, umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Ubwongereza John Healey yavuze ko ejo Ubwongereza bwarashe indege zibiri za drone, buzirasiye ku birindiro vyabo biri muri Iraq.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Uburusiya bwavuze ko isoko ry'isi rikeneye ibitoro byabwo

    Bumwe mu mato y'Uburusiya atwara ibitoro bwafatiriwe mu nyanja

    Ahavuye isanamu, AFP

    Insiguro y'isanamu, Bumwe mu mato y'Uburusiya atwara ibitoro bwafatiriwe mu nyanja. Amerika ubu iravuga ko igiye kwemerera ibihugu kugura ibitoro by'Uburusiya ubundi byari biri mu bihano

    Intumwa ishinzwe ubukungu y'Uburusiya, Kirill Dmitriev, yavuze ko isoko mpuzamahanga ry’ingufu ridashobora kumera neza ridafite ibitoro by’u Burusiya.

    Mu butumwa yashyize ku rubuga rwa Telegram, Dmitriev yagize ati:“Leta Zunze Ubumwe za Amerika zirimo kwemera ikintu kigaragara: ko isoko mpuzamahanga ry’ingufu ridashobora guhagarara neza ridafite ibitoro by’u Burusiya.”

    Dmitriev yavuze ibi nyuma y’uko America yemeye by'agateganyo ko ibihugu bigura ibitoro by'Uburusiya byari bisanzwe byarafatiwe ibihano hagamijwe kureba uko byafasha isoko mpuzamahanga ry’ingufu muri iki gihe cy’intambara.

    Nubwo hasanzweho ibihano, White House yavuze ko izaha ibihugu uburenganzira bw’iminsi 30 bwo kugura ibitoro by’Uburusiya ubu bwaheze mu mato yafatiwe mu nyanja kugira ngo isoko ry’ibitoro kw’isi rikomerewe muri iyi minsi ryoroherwe.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Igisirikare c’Uburundi cinjije aba ‘sous-officiers’ bashasha barenga 400

    Général Prime Niyongabo ashikiriza urupapuro rw'umutsindo umusirikare arangije amasomo mu ishure rya Bururi

    Ahavuye isanamu, RTNB

    Insiguro y'isanamu, Général Prime Niyongabo ashikiriza urupapuro rw'umutsindo umusirikare arangije amasomo mu ishure rya Bururi mu ntara ya Burunga

    Abasirikare 441 b’Uburundi na 24 bo muri Centrafrique basozereye inyigisho za gisirikare zibagira aba ‘sous-officiers’ mw'ishure rya ESO de Bururi ku musi wa kane, nk’uko bivugwa na radio-televiziyo y’Uburundi.

    Mu birori vyo gusozera izo nyigisho zabo Général Prime Niyongabo atwara ibiro bikuru vya gisirikare yavuze ko izi ntwazangabo zatojwe neza kandi “ziteguriye kwitangira gukingira igihugu” cazo.

    Ni incuro ya 53 iri shure rya École des Sous-Officiers (ESO) de Bururi ritanze intwazangabo zihejeje amasomo yo kuba aba sous-officiers.

    Mu mezi aheze igisirikare c’Uburundi caragowe na bamwe bamwe muri co bataye akazi bakaja gushaka ubuzi hanze y’igihugu, gushika aho Général Niyongabo yibukije abasirikare n’inzego zindi zibijejwe ko ata musoda arekuriwe guhabwa 'passport' y’abaja mu mahanga atavyemerewe.

    Igisirikare c’Uburundi kirafise ingabo mu burseruko bwa Congo carungitse kurwanya imihari yitwaje ibirwanisho ku bwumvikane bwa Kinshasa na Gitega.

    Gen Niyongabo avuga ko izi ntwazangabo "ziteguriye kwitangira gukingira igihugu" cazo

    Ahavuye isanamu, RTNB

    Insiguro y'isanamu, Gen Niyongabo avuga ko izi ntwazangabo "ziteguriye kwitangira gukingira igihugu" cazo

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Indege za Amerika zitanga igitoro mu kirere zifise uruhara uruhe mu bitero kuri Iran?

    Indege yo mubwoko bwa KC-135

    Ahavuye isanamu, EPA

    Insiguro y'isanamu, Indege yo mubwoko bwa KC-135

    Ntituramenya neza igituma iyi ndege yo mu bwoko bwa KC-135 itanga igitoro mu kirere yaguye, ariko kimwe mu bishoboka ni uko hashobora kuba habaye ukugongana kw’indege zibiri mu kirere.

    Izi ndege zitanga igitoro zifise uruhara runini cane mu ntambara, kuko zituma indege z’intambara n’indege zitera ibisasu ziguma zifise igitoro gihagije mu gihe zija kugaba ibitero kure cane y’aho ziva.

    Ni igikorwa kinini gikeneye gutunganywa neza, kuko haba hari indege nyinshi mu kirere icarimwe, kandi imwe yose iba ikeneye igitoro.

    Gushiramwo igitoro mu kirere bisaba ko indege yindi yegera cane iyo itwara igitoro. Hanyuma umuringoti ukava kundege itanga igitoro uja kuyindi ishaka igitoro.

    Umudereva w’indege iriko irahabwa igitoro aragenda ayegera, agashira indege yiwe neza akurikije amatara ari munsi y’indege itanga igitoro kugira uwo muringoti ushobore kwinjira neza mu ndege yiwe.

    Indege yo mubwoko bwa KC-135 iriko iratanga igitoro ku ndege y'inrwano
    Insiguro y'isanamu, Indege yo mubwoko bwa KC-135 iriko iratanga igitoro ku ndege y'inrwano

    Iyo amaze gushikira wamuringoti, igitoro gitangura kwimurirwa mu ndege igikeneye, igikorwa gishobora kumara iminota itari mike.

    Muri ico gihe cose, izo ndege ziba zegeranye cane, rimwe na rimwe ziri hafi cane ku buryo zishobora gutandukanywa n’intambwe nke gusa, kandi kenshi ivyo bikorwa biba mw’ijoro.

    Bisaba ubuhinga n’ubumenyi ku mudereva kugira agume yegeranye neza n’uwo muringoti, canke rimwe na rimwe n’igikoresho kimeze nk’agakopo kitwa "drogue", mu gihe mu kirere hashobora kuba hari izindi ndege nyinshi hafi yaho.

    Mu bikorwa vyo gushiramwo igitoro mu kirere, rimwe na rimwe amatara y’izo ndege arashobora kuzimwa burundu kugira ngo umwansi ntazibone.

    Ibiro bikuru vya Amerika bijejwe ingwano muri ako karere bivuga ko ivyo vyabereye mukirere ca Irak, ariko ntituramenya aho vyabereye ugereranije n’igihugu kibanyi ca Iran.

    Indege yo mu bwoko bwa KC-135 akenshi igira abakozi batatu bayikorerako: umudereva mukuru, icegera ciwe, n’uwukurikirana umuringoti utanga igitoro.

    Nk’uko igisirikare co mu kirere ca Amerika kibivuga, ishami ryitwa Air Mobility Command rifise hafi indege 400 zitwara igitoro ku ndege zigikeneye mu ntambara.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Macron yatangaje umusirikare wa mbere w’Ubufaransa wishwe muri iyi ntambara

    Emmanuel Macron arimo kuramutswa n'umusirikare

    Ahavuye isanamu, AFP

    Umusirikare w’Ubufaransa yishwe mu gitero cya ‘drone’ mu karere ka Erbil muri Iraq naho abandi benshi barakomereka, nk’uko byatangajwe na Perezida Emmanuel Macron.

    Macron yavuze ko Adjudant-chef Arnaud Frion nk’umunsirikare wa mbere w’Ubufaransa wishwe kuva iyi ntambara kuri Iran yatangira mu kwezi gushize.

    Yanditse ku mbuga nkoranyambaga ati: "Ku muryango we, ku basirikare bagenzi be, ndashaka kubabwira ko igihugu kifatanyije namwe mu kababaro"

    Macron yongeyeho ko "Abandi basirikare bacu benshi bakomeretse. Ubufaransa buri kumwe na bo n’ababo".

    Uyu mukuru w’Ubufaransa yamaganye ibitero ku ngabo z’Ubufaransa ziri muri Iraq kurwanya umutwe wa Islamic State mu karere, avuga ko "bitakwihanganirwa".

    Avuga ko ingabo z’Ubufaransa ziri muri Iraq kurwanya iterabwoba, ko "Intambara muri Iran idakwiye gusobanura ibi bitero" kuri zo.

    Ubufaransa buvuga ko butari mu ntambara Amerika na Israel birimo kurwana na Iran.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Indege ya gisirikare ya Amerika yakorotse muri Iraq

    Ifoto yerekana Indege y'igisirikare ca Amerika

    Ahavuye isanamu, EPA

    Insiguro y'isanamu, Indege y'igisirikare ca Amerika

    Indege y'intambara y'igisirikare ca Amerika yakorotse muri Iraq, nk'uko vyemezwa n'igisirikare ca Amerika.

    Indege ya gisirikare yo mu bwoko bwa KC-135 yakorotse inyuma y'"impanuka" yabaye hagati y’indege zibiri.

    KC-135 ni indege y'intambara ikorwa na Boeing ijejwe kwikorera no guhereza izindi ibitoro.

    Igisirikare cavuze ko ata "kuraswa n’abansi canke kuraswa n’abagenzi babo" kwabigizemwo uruhara.

    Ibiro bikuru vya Amerika bijejwe ingwano muri ako karere bivuga ko "ibikorwa vy'ubutabazi biriko birabandanya" mu burengero bwa Irak - mu kirere igisirikare cise ko ari “ikirere gifise umutekano ”.

    Itangazo ribandanya rivuga ko iyindi ndege yari iri muri iryo sanganya yashoboye kugwa amahoro ata ngorane.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’aka kanya.