'Dusaba Urwanda ngo rutubwize ukuri ico ruhora Uburundi kugira tugire ibiganiro' – Ndayishimiye

Perezida Evariste Ndayishimiye yagirije Urwanda ko rurajwe ishinga no guhungabanya umutekano w'akarere, kandi ko rufise ivyipfuzo bibi ku Burundi.
Mw'ijambo yaraye ashikirije mu kwipfuriza umwaka mushasha Abarundi, Perezida Ndayishimiye yashize isano hagati y'intureka zibera muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo n'umugambi wo gushaka guhungabanya Uburundi.
Yagirije kandi Urwanda ko rukibitse abarondera guhungabanya Uburundi.
Urwanda n'Uburundi bisanzwe birabana ribi kuva igihe Uburundi bwinjira mu ndyane za poritike mu 2015 bitewe n'ingingo y'umuhisi Perezida Petero Nkurunziza yo kwitoreza ikiringo cagira gatatu, abatavuga rumwe na we bavuga ko cari giteye kubiri n'ibwirizwashingiro.
Izo ndyane zagiye kwunyurwa n'abagerageje gutembagaza ubutegetsi ku wa 13 Rusama 2015 bari barongowe na Jenerali Godefroind Niyombare.
Uburundi gushika ubu bubandanya bwagiriza Urwanda ko ari rwo ruhaye indaro abo bagerageje gusenyura intwaro.
Iki cuka kandi cagiye kwunyurwa n'intambara ziriko zirabera mu buseruko bwa RD Congo zatumye igisagara ca Uvira gifatwa n'umuhari wa M23 reta ya Congo n'amakungu babandanya bemeza ko ushigikiwe n'Urwanda, ariko rwo rurabihakana.
Urwanda ruvuga gusa ko rwafashe 'ingamba z'ubwirinzi'.
Mw'ijambo ryiwe, Perezida Ndayishimiye arashima ko umubano w'igihugu ciwe n'ibindi bihugu vy'umuryango wa Afrika y'Ubuseruko, EAC, umeze neza, kiretse Urwanda.
Ati: "Ntitunezerejwe n'uko Urwanda rutarajwe ishinga n'amahoro mu karere, mu gihe ibindi bihugu bikora ibishoboka vyose ngo bibane neza n'ivyo bihana urubibe.
"Ibiriko birabera mu gihugu kibanyi ca Congo, turabikurikiranira hagufi, na cane cane ko ico gihugu gitera Congo dufitaniye akazika kuko ari co kiguma kibungabunga abicanyi bahigira Uburundi.
"Nta kitwereka rero ko inyuma ya Congo atari Uburundi, nk'uko mbere abo Barundi b'imburakimazi bakirimbira mu Rwanda n'i Bulaya bavyivugira".
Perezida Ndayishimiye avuga ko Uburundi budahengeshanya gusaba "Urwanda ngo rutubwize ukuri ico ruhora Uburundi kugira tugire ibiganiro, bitorerwe umuti ata kirononekara".
Ati: "Ariko ikibabaje kandi giteye amakenga ni uko ata na kimwe abarongozi b'Urwanda badushikiriza cotuma batera Uburundi".
Ndayishimiye asaba ababishoboye kwumvisha Urwanda ko rwokwemera rugashikiriza abo yita inkozi z'ikibi kugira ngo zishirwe imbere y'ubutungane, "nk'uko natwe duhora tubikora, iyo hari inkozi z'ikibi z'Urwanda zije ngaha iwacu".
Ati: "Ivyo babikoze, ni ho twoba tubonye ko ivyipfuzo bibi ku Burundi babisezereye".
Urwanda ntirwabona ryiza ingingo y'Uburundi yo kurungika ingabo muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo mu rwego rwo gufasha reta y'iki gihugu kurwanya imihari yitwaje ibigwanisho ibica bigacika mu ntara za Kivu ya Ruguru n'iyo Epfo, harimwo n'umuhari M23.
Mu ntambara zikarishe zabaye imbere n'inyuma y'amasezerano ya Washington yo kuwa 4 Kigarama, Uburundi bwaragirije Urwanda ko ari rwo rwabandanya rutera ibirindiro vy'abasirikare babwo, aho izi mpande zompi zabandanije zagirizanya.
Mu gihe reta y'Urwanda n'umuhari M23 bagiriza ingabo z'Uburundi ko ari zo zatuma amasezerano ataja mu ngiro, ico gihugu co cavuga ko baguma barungika ingabo muri ako karere, mu ntumbero yo gufata igisagara ca Uvira gihana urubibe n'Uburundi, ivyahavuye biba ku wa 10 Kigarama (12) 2025, igihe M23 yatangaza ko yigaruriye iki gisagara.
Ariko kubera igitsure c'amakungu, harimwo cane cane Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagirije Urwanda ko ruriko rushora akarere mu ndyane, M23 yahavuye itangaza ingingo yayo yo kuva muri ico gisagara, inyuma y'imisi mike.
Reta ya RD Congo ifata iyi ngingo nk'uruhendo kuko yemeza ko ingabo z'Urwanda na M23 zikiri muri Uvira no mu micungararo yayo.
Aya makenga akaba yarashikirijwe na Amerika na yo nyene.
Congo ntihengeshanya gutunga urutoki iki gihugu kibanyi, mbere ikaba yaraye isubiye kuvuga ko kibandanya kwigarurira no kwiyagurira uturere twa RD Congo, "cane cane mu gisagara ca Uvira no mu micungararo yaco", nk'uko biri mw'itangazo ry'ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru.
Iri tangazo rivuga kandi ko Urwanda ruherutse kurungika "batayo [bataillons] zitatu z'ingabo zarwo zashizwe mu misozi ihanamiye Uvira, muri Fizi no muri Mwenga ziyise abarwanyi ba Twirwaneho mu ntumbero yo kwiyoberanya no kunyegeza ibikorwa vyazo".
"Ibi bikorwa birerekana amayeri ya gisirikare yateguwe mu ntumbero yo gushika muri Fizi, be no kubandanya gushika i Kalemie, mu ntara ya Tanganyika", ni ko iri tangazo ribandanya rivuga.
Ntaco Urwanda rurabivugako. BBC yagerageje kurondera umuvugizi wa reta y'Urwanda hamwe n'uw'igisirikare c'iki gihugu ariko ntaco barishura.
Eka na Perezida Paul Kagame, mw'ijambo rigufi ryo kwipfuriza umwaka mushasha Abanyarwanda, ntaco avuga kuri ibi birego igihugu ciwe cagirizwa, aho gusa yashimiye ibihugu vya Amerika, Qatar n'Ubumwe bwa Afrika, mu guhagararira amasezerano ya Washington.
"Ni intambwe ikomeye cane mu gutorera umuti imvo n'imvano z'iyi ntureka mu buseruko bwa DRC, no kugarukana ituze mu karere".
Mw'iryo jambo, Perezida Kagame yavuze ko Urwanda rwiteguriye gushira mu ngiro ivyo rwiyemeje, ariko ko rudashobora kwihanganira ivyoza bibangamira umutekano w'igihugu ciwe, kandi ko bikiriho.
Ati: "Urwanda rwiteguye rudahigima gushira mu ngiro aya masezerano, ariko ikintu ico ari co cose coza kibangamira amahoro n'umutekano w'Abanyarwanda ntigishobora kwihanganirwa.
"Birababaje ko iterabwoba ry'ubugome ribandanya rishigikiwe na reta rikiri ukuri".












