Amerika yafashe bwa bwato bw'Uburusiya yagiriza gutwara igitoro ca Venezuela

Leta Zunze Ubumwe za Amerika zatangaje ko zafashe ubwato bugira kabiri mu ibahari Atlantika inyuma yo kuvuga ko bafashe n'ubundi bwato bw'Uburusiya bagiriza gutwara ibitoro vyo muri Venezuela.

Abategetsi muri Amerika bavuze ko abajejwe umutekano mu ibahari bafashe amato abiri atarimwo abantu.

Ubwo bwato bugira kabiri Amerika yafashe ni ubwitwa M/T Sophia, igisirikare ca Amerika kimenyesha ko bwariko bukora ibikorwa bitemewe mu karere k'inyanja ya Karayibe, kandi bwahise buherekezwa ku mwaro wa Amerika.

Kare, indege nyinshi z'intambara zabonetse zija ku bwato Marinera mu buraruko bw'ibahari ya Atlantika.

Ubushikiranganji bujejwe kunguruza ibintu n'abantu mu Burusiya bwamenyesheje ko bwatakaje itumatumanako n'ubwato Marinera kandi buvuga ko "ata gihugu gifise uburenganzira bwo gukoresha inguvu ku mato y'ibindi bihugu".

Ubu bushikiranganji buvuga ko abasirikare ba Amerika binjiye mu bwato Marinera ku isaha icenda z'umuhingamo ku isaha ya Moscow [14:00 ku isaha ya Gitega na Kigali] maze Moscow bagahita Babura itumatumanako n'ubu bwato bwabo.

Igenekerezo 24 Kigarama(12) Marinera yahawe "uruhusha rw'imfatakibanza" rwo kugenda mu ibahari nk'ubwato bw'Uburusiya.

Amasanamu yerekanywe n'ibimenyeshamakuru mu Burusiya agaragaza kajugujugu isatiriye cane ubwo bwato.

Ubwo bwato ubu bubarizwa ku bilometero 200 mu bumanuko bw'izinga rya Iceland, nk'uko BBC Verify, igisata ca BBC kijejwe guhinyuza ibivugwa kivyemeza.

Amerika yagiriza ubu bwato kurenga ku bihano yafashe bukikorera ibitoro bibujijwe.

Haheze imyaka myinshi ubu bwato butwara ibitoro bubivana muri Venezuela bukoreshwa n'ibihugu bitandukanye, ariko bivugwa ko ata kintu bwari butwaye ubwo bwafatwaga n'ingabo za Amerika.

Kare, Uburusiya bwari bwamenyesheje ko bwarungitse ubwato bw'intambara bugendera hasi mu mazi n'ayandi mato y'igisirikare guherekeza ubwo bwato bwabo buri mu ibahari Atlantika.

Inkuru ya kare

Uburusiya bwarungitse ibikoresho vy'igisirikare kirwanira mu mazi kugira ngo biherekeze ubwato bwabwo bw'igitoro buriko burahigwa n'ingabo za Amerika mw'ihabari Atlantiki, nk'uko bitangazwa n'ikimenyeshamakuru CBS gikorana na BBC muri Amerika.

Ubu bwato, muri iki gihe ata kintu kirimwo, kuva muri kahise bwahoze bwunguruza igitoro ca Venezuela kitarahingurwa, bukaba bwavugwa hagati ya Ecosse na Iceland ejo ku wa kabiri.

Mu kwezi guheze, Perezida Donald Trump yatangaje ko yategetse "ugutangira" amato yunguruza igitoro ava n'ayinjira muri Venezuela, ingingo reta y'iki gihugu yari yavuze ko ari "ubusuma".

Imbere y'uko Nicolas Maduro yahora arongoye iki gihugu afatwa mu gitero co ku wa gatandatu, Trump yaguma yagiriza reta ya Venezuela ko yakoresha amato mu kwinjiza ibiyayuramutwe muri Amerika.

Mu kwezi guheze, ingabo za Amerika zijejwe gucungera imbibe zaragerageje kwinjira mu bwato Bella 1 mu karere ka Karayibe igihe bwari bwiketswe ko bwariko buja muri Venezuela. Zari zategetswe gufata ubu bwato bwagirijwe kurenga ku bihano vya Amerika mu kwunguruza igitoro ca Irani.

Ni ho bukwi na bukwi bwaca buhindura inzira - co kimwe n'izina ryabwo aho bwaciye bwiha izina rya Marinera – bikavugwa ko bwaciye buhindurirwa n'igihugu bwegukira, aho bwiswe ko ari ubw'Uburusiya, bwahora buzwi ko ari ubwa Guyane.

Igihe bwegereza umugabane wa Bulaya, vyahuriranye n'uko indege za gisirikare za Amerika zababa cumi zunguruza abantu n'ibintu hamwe na kajugujugu zari zihashitse.

Uburusiya buvuga ko buriko bukurikiranira hafi ibiriko biba kuri ubu bwato, kandi ko bufuse "amakenga".

Abategetsi babiri ba Amerika babwiye CBS News ejo ku wa kabiri ko ingabo za Amerika zariko zitegura kwinjira muri ubu bwato, kandi ko Washington yipfuza kubufata aho kubuzamisha.

Ku wa kabiri, abarongoye ingabo za Reta Zunze Ubumwe za Amerika zikorera mu karere ka Amerika yo hagati, Amerika y'ubumanuko be na Karayibe banditse ku mbuga hwaniro ko biteguye gufasha inzego za reta ya Amerika mu kubuza ko amato yafatiwe ibihano co kimwe n'abantu guca muri ako karere.

"Inzego zacu zo mu mazi zimeze magabo, kandi ziriteguye gukurikirana ubwato bwotera amakenga. Dutewe akamo, ni ho tuzoba turi".

Imbere y'igikorwa ico ari co cose ca gisirikare ca Amerika cokorwa kivuye mu Bwongereza, Washington yategerezwa kubimenyesha incuti zayo.

Ubu, ubushikiranganji bw'Ubwongereza bujejwe kwivuna abansi buvuga ko ataco bushobora gushikiriza ku bikorwa vya gisirikare vy'ibindi bihugu.

Abategetsi ba Amerika basubirwamwo na CBS bavuga ko Amerika ishobora gukora igitero nk'icakozwe mu kwezi guheze, igihe ingabo za Amerika zirwanira mu mazi zifatanije n'ingabo zidasanzwe hamwe n'ingabo zijejwe gucungera imbibe z'ibahari zafata The Skipper, ubwato butebure bwegukira Guyanne bwari buvuye ku kivuko co muri Venezuela.

Ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe imigenderanire bugira buti: "Ubu, ubu bwato bwacu buriko buca mu mazi mpunzamakungu muri Atlantiki y'uburaruko kw'ibendera ry'Uburusiya kandi hakurikijwe amategeko mpuzamakungu agenga inyanja.

"Ku mvo tudatahura, ubu bwato bw'Uburusiya buriko burakurikiranwa n'ingabo za Amerika n'iza OTAN hakoreshejwe inguvu zirenze urugero, nubwo ari ubw'amahoro.

"Twiteze ko ibihugu vy'Uburengero, mu gihe vyiyemeje kwubahiriza uburenganzira bwo kugendera mu mazi mpuzamakungu, bizotangura kwubahiriza izi nshingano vyo nyene ubwavyo".

Iyi mishamirano ishobora kwaduka iturutse kuri ubu bwato ije inyuma y'imisi mike Amerika itangaje isi yose mu gufata Perezida Maduro wa Venezuela ku mugwa mukuru Caracas. Muri ico gitero co kumufata, Amerika yacucagiye ibibombe ku bibanza bimwe vyo muri ico gisagara kugira zimutware n'umugore wiwe, ibagiriza kwinjiza muri Amerika ibiyayuramutwe n'ibirwanisho mu buryo bwa magendo.