Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Intambara ya Ukraine: Putin yemeye guha Kyiv agahengwe k’indwi imwe kubera ubukonje bw’akataraboneka - Trump

Perezida Donald Trump wa Amerika avuga ko Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yemeye guhagarika ibitero ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, hamwe no mu bindi bisagara mu kiringo c’indwi imwe kubera “ubukonje bw’akataraboneka”.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira, na Dinah Gahamanyi

  1. Jeneral Muhoozi yateje impaka ku mbuga nkoranyambaga kubyo ashinja Ambasade ya Amerika muri Uganda

    Umuhungu wa Perezida Yoweri Museveni akaba n'umuyobozi w'ingabo z’igihugu cya Uganda (UPDF), Jeneral Muhoozi Kainerugaba, mu ijoro ryakeye, yateje impaka nyinshi ku mbuga nkoranyambaga nyuma yo kohereza ubutumwa butandukanye bunenga Ambasade y'Amerika muri Uganda kubera gukekwaho gucumbikira umuyobozi utavuga rumwe n’ubutegetsi, Robert Kyagulanyi Ssentamu, uzwi kcyane kw’izina rya Bobi Wine.

    Kyagulanyi yaje ku mwanya wa kabiri mu matora rusange yo ku ya 15 Mutarama, nyuma y’uko Perezida Museveni, se wa Jenerali Muhoozi, atangajwe ko ari we watsinze ku buryo bw’amajwi menshi.

    Jenerali Muhoozi, akaba n'umujyanama mukuru wa Perezida Museveni mu bikorwa byihariye bya gisirikare, yavuze ko ubuyobozi bw'Ambasade ya Amerika muri Uganda buriho ubu bwagize uruhare mu gufasha Kyagulanyi kuva mu rugo rwe i Magere, mu Karere ka Wakiso, mu gikorwa cya gisirikare cyabaye mu ijoro ryo ku ya 16 Mutarama 2026.

    Mu butumwa yashyize kuri X (yahoze ari Twitter), Jenerali Muhoozi yagize ati:

    “Bavandimwe banjye b’Abagande, bitewe n’uko uyu muyobozi w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi yiyambuye ubuzima bwe, kandi dukurikije amakuru yacu twizeye, ibi bikorwa byakozwe ku bufatanye n’ubuyobozi bw’Ambasade ya Amerika mu gihugu cyacu buriho ubu. Kubera iyo mpamvu, UPDF yahagaritse ubufatanye bwose n’ubuyobozi bw’Ambasade ya Amerika i Kampala buriho ubu. Ibi bikorwa birimo n’ubufatanye bwacu muri Somaliya. Ubufatanye bw’umutekano bwari bufite agaciro gakomeye hagati ya Uganda na Amerika bwahungabanyijwe cyane kuva mu 2015 n’imirimo idasobanutse ya ambasade.”

    Nyuma, Jenerali Muhoozi yasibye ubwo butumwa maze asaba imbabazi ku byo yavuze.

    Yanaburiye ko igihugu cyose cy’amahanga kizagerageza gusohora Kyagulanyi mu gihugu mu buryo butemewe n’amategeko ko kizateza amakimbirane akomeye hagati ya Uganda n’icyo gihugu.

    Ariko, ku ya 24 Mutarama 2026, Robert Kyagulanyi yavuze ko abasirikare bateye urugo rwe nijoro, bagabye igitero ku bakozi be bahohoteye umugore we, Barbara Kyagulanyi.

    Iki gikorwa cyongeye gukaza amakimbirane ya politiki na dipolomasi muri Uganda, bituma habaho ibibazo bishya ku burenganzira bw'abaturage, umutekano n'uruhare rw'abagize uruhare mpuzamahanga muri politiki y'imbere mu gihugu.

  2. Rwanda: Barafinda Sekikubo Fred yapfunzwe kubera ivyo avuga kuri Youtube

    Igisata c’Urwanda gishinzwe amatohoza ku vyaha, RIB, cataye muri yompi Barafinda Sekikubo Fred, hamwe n’abandi bagabo babiri kibagiriza gutangaza “amakuru y’ibihuha ashobora guteza indyane canke imidugararo mu banyagihugu babicishije ku mihora itandukanye ya YouTube”.

    Barafinda, yigeze gushaka kwitoza kuba prezida w’Urwanda, yafunganywe na Mazimpaka Patrick na Nkeramihigo Japhet nk’uko RIB yabitangaje.

    RIB isubira kugabisha abantu bose kwirinda gukoresha imbuga hwaniro mu nzira ziteye kubiri n’amategeko, kandi ko “itazokwihanganira uwo ari we wese azozikoresha mu gukora ivyaha”.

    Barafinda Sekikubo Fred yari azwi cane kuri Youtube aho yavuga amajambo anegura reta, ariko hakaba hari abamubona ko umengo yoba afise ibibazo vyo mu mutwe, cane cane ko vyigeze kwemezwa n’amasentare yo mu Rwanda, mbere akanajanwa mu kigo kivura abafise uburwayi bwo mu mutwe, akahamara igihe.

    Yari mu bakoresha urubuga rwa Youtube mu Rwanda bubahuka kunenga reta y’iki gihugu. Yari kandi mu bavuga ibintu bimwe bimwe ku bibazo biri mu karere ata bimenyetso yerekana vy’ivyo avuga.

    Mu 2017, Barafinda yashatse kwiyamamariza kuba umukuru w’igihugu, ariko ico gihe umurwi ujejwe gutegura no guhagarikira amatora waramwankiye ku mvo z’uko atari akwije ivyisabwa.

    Ntiyashizwe, yarasubiye aragerageza mu mwaka wa 2024 ariko naho nyene ntiyemerewe ku mvo nyene z’uko atari akwije ivyasabwa.

    RIB ivuga ko aba bantu bapfungiwe ku kigo ca RIB ca Kimironko, Kicukiro na Kimihurura mu gihe amatohoza abandanya ku vyaha bagirizwa.

  3. Umuhuza Perezida Gnassingbé wa Togo yageze i Kigali mu ruzinduko

    Perezida Faure Gnassingbé wa Togo yaraye ageze i Kigali mu ruzinduko, nk’uko bivugwa na Minisiteri y’ububanyi n’amahanga y’u Rwanda.

    Ntabwo hatangajwe ikigenza Gnassingbé wakiriwe ku kibuga cy’indege na Minisitiri w’ububanyi n’amahanga Olivier Nduhungirehe.

    Gnassingbé, muri Mata (4) ishize yagizwe umuhuza w’Ubumwe bwa Afurika hagati y’u Rwanda na DR Congo mu muhate wo guhagarika amakimbirane hagati y’ibi bihugu byombi, asimbuye Perezida João Lourenço wa Angola.

    Kuva icyo gihe umuhate we ntiwabonetse cyane kubera imbaraga zari zifitwe n’ibiganiro bya Doha muri Qatar n’amasezerano ya Washington yasinywe muri Nyakanga (7) ishize akemezwa na Perezida Tshisekedi na mugenzi we Kagame i Washington mu kwezi gushize.

    Muri iyi minsi, bisa n’aho Doha na Washington bahaye umwanya Umuryango w’Ubumwe bwa Afurika ngo wongere imbaraga mu buhuza.

    Muri uku kwezi gusa Faure Gnassingbé amaze kuyobora inama zirenze ebyiri kuri iki kibazo.

    Nubwo hatatangajwe ikimugenza i Kigali, iyi nshingano y’ubuhuza Gnassingbé yahawe ishobora kuba iri mu bimugenza.

    DR Congo na ONU bashinja u Rwanda ko ari rwo rufatiye umuriro umutwe wa M23 urwanya ubutegetsi bwa Kinshasa.

    U Rwanda na ONU na bo bashinja Kinshasa gufatanya n’abarwanyi ba FDLR barwanya leta ya Kigali bari muri DR Congo.

    Ubutegetsi bwa Kigali n’ubwa Kinshasa buri ruhande ruhakana ibyo rushinjwa.

  4. Ntibikunze kubaho: Abaganga barokoye ubuzima bw’injangwe yari irwaye kanseri

    Abaganga b'amatungo bo mu bitaro bya Kaminuza ya Kamdhenu mu Mujyi wa Anand mu Buhinde barokoye ubuzima bw'injangwe yari irwaye kanseri y'umwijima.

    Nkuko byatangajwe n'ibitaro by'inyamaswa, iyi njangwe yazanwe na nyirayo ku bitaro igaragaza ko ifite ububabare bukabije

    Abahanga mu by'ubuzima bw'inyamaswa bavuga ko ubusanzwe kanseri y'inkondo y'umura ikunze kugaragara mu mbwa, ariko kanseri y'injangwe ni indwara idakunze kugaragara.

    Umwe muri bo yagize ati: "Ugereranyije n'inyamaswa zo mu gasozi, umubare w'inyamaswa zirwara kanseri uba uri hejuru cyane mu nyamaswa zitungwa n’abantu mu rugo." Imbwa cyangwa injangwe ziba mu rugo zihabwa ibiryo by'ibikorano.

    Baragira bati: "Biragaragara ko kanseri y'inkondo y'umura yiyongereye bitewe n'imiti igabanya ubukana bwa kanseri ihabwa inyamaswa."

  5. Perezida Traoré 'yafuse' imigambwe yose muri Burkina Faso

    Reta ya gisirikare ya Burkina Faso yafuse imigambwe yose ya poritike aca akuraho n’itegeko ryayigenga, nk’uko biri mw’itegeko ryemejwe n’inama nshikiranganji y’iki gihugu ejo ku wa kane.

    Iyi ngingo yafashwe n’ubutegetsi bwa gisirikare burongowe na Perezida Ibrahim Traoré yashitse ku butegetsi atembagaje ubwari buhari muri Nyakanga (9) 2022, ni yo ya vuga ifise intego yo gutsimbataza ubutegetsi bwiwe, inyuma yo guhagarika ibikorwa vya gisirikare inyuma y’iri vtembagazwa ry’ubutegetsi.

    Umushikiranganji w’intwaro yo hagati wa Burkina Faso, Emile Zerbo, avuga ko iyi ngingo ari igice kimwe mu twigoro two “kwubaka gushasha igihugu”, akavuga ko intwaro ishingiye ku migambwe myinshi yakoreshwa nabi, ikananirwa kurangura amabanga yaro.

    Avuga ko umwihwezo wa reta wasanze imigambwe yagiye yiyongera cane yacanishijemwo abanyagihugu inatosekaza ubumwe hagati yabo.

    Imbere y’uko ubutegetsi bwahahora butembagazwa, Burkina Faso yari ifise imigambwe irenga 100, 15 gusa ikaba ari yo yari iserukiwe mu nama nshingamateka inyuma y’amatora rusangi yo mu mwaka wa 2020.

    Iyi ngingo ifuta imigambwe yose n’inani za poritike zose. Itegeko rikuraho amabwirizwa agenga imigambwe, imfashanyo zayo, hamwe n’ikibanza c’uwurongoye abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi, rizoshikirizwa inama nyobozi mfatakibanza kugira ngo ryemezwe nk’uko biri mu cegeranyo c’iyi nama nshikiranganji .

    Amatungo yose y’ino migambwe yafuswe azoshirwa mu minwe ya reta.

    Iki gihugu co mu karere ka Sahel, nk’uko bimeze mu bindi bihugu bibanyi vya Mali na Niger, kimaze igihe gihanganye n’ibitero vy’abarwanyi biyitirira idini rya Isilamu bafitaniye isano n’imihari al-Qaeda na Reta ya Kisilamu (Islamic State), imaze imyaka mirongo igisibije.

  6. Abantu bakekwa kuba inyeshyamba za Jihadi bateye ikibuga cy'indege hafi y'umurwa mukuru wa Niger

    Abakekwaho kuba inyeshyamba za kisilamu bagabye igitero ku kibuga cy'indege mpuzamahanga kiri hanze y'umurwa mukuru wa Niger, Niamey.

    Minisiteri y’ingabo ya Niger yavuze ko abasirikare bane bakomeretse naho 20 mu bagabye igitero 20 bakichwa, televiziyo ya leta ivuga ko hari umufaransa umwe uri mu bishwe.

    Abantu 11 batawe muri yombi kubera ibyabaye ku kibuga cy’indege mpuzamahanga cya Diori Hamani mu ijoro ryo kuwa gatatu kugeza kuwa kane, aho amasasu menshi n’ibisasu byinshi byumvikanaga hafi yicyo kibuga.

    Inkuru n'amashusho by'abatanze ubuhamya byagaragaje ko sisitemu zo kurinda ikirere zisa nkaho zarasa ibisasu bitaramenyekana mu masaha ya kare yo ku wa kane ariko serivisi zo ku kibuga cy'indege zongeye gukora nkuko bisanzwe.

    Kuwa kane, umuyobozi w'umutwe w'ingabo za Niger yashimiye Uburusiya ku bufasha bwabwo mu guhagarika igitero cyagabwe ku kibuga cy'indege, anashinja perezida w'Ubufaransa n'uwa Benin gushyigikira ababikoze.

    Umutwe w'ingabo wagiye ku butegetsi mu gihe ubutegetsi bwahirikwaga mu kwezi kwa karindwi 2023 ufitanye umubano utari mwiza n'Ubufaransa na Benin, kandi uhora ubishinja kugerageza guhungabanya umutekano wa Niger, ibi ariko bikaba bihakanwa n'ibihugu byombi.

  7. Minisitiri w'Ingabo wa Amerika: Igisirikare cyiteguye gushyira mu bikorwa icyemezo icyo ari cyo cyose Trump yafatiye kuri Iran

    Minisitiri w’ingabo wa Amerika yavuze ko igisirikare cy’igihugu cyiteguye gushyira mu bikorwa icyemezo icyo ari cyo cyose Donald Trump yafatira Iran, kugira ngo iyibuze gutunga intwaro za kirimbuzi.

    Mu nama y'Abaminisitiri, Perezida Trump yasabye Pete Hegsett gutanga igitekerezo cye ku bijyanye no kohereza ingabo za Amerika mu kigobe cya Perse.

    Bwana Hegsett yagize ati: “Iran ntigomba gushaka ingufu za kirimbuzi. Twiteguye gukora icyo perezida yiteze kuri ministeri y'intambara".

    Perezida Trump yahinduye ministeri y'ingabo ayita ministeri y'intambara.

    Abategetsi ba Amerika bavuze ko Bwana Trump arimo gusuzuma amahitamo, ariko ntarafata icyemezo ku gitero cyagabwa kuri Iran.

    Ubwumvikane buke hagati ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Iran bwiyongereye mu byumweru bishize nyuma y’uko reta ya Iran ihanganye n’abanyagihugu bakoze imyigaragambyo ikaze bamagana imikorere mibi y’ubutegetsi bwicyo gihugu.

    Donald Trump yavuze ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zizagira icyo zikora Tehran yongeye gushyiraho gahunda yayo ya gukora intwaro za kirimbuzi nyuma y'ibitero by'indege za Israel na Amerika byateye ahantu hakomeye hakorerwa ibitwaro bya kirimbuzi muri Iran.

    Izindi nkuru wasoma:

  8. Icyamamare mu muziki Fela Kuti abaye umunyafurika wa mbere uhawe igihembo cya Grammys Lifetime Achievement Award

    Nyuma y'igihe kirekire yambitswe ikamba n'abafana be nk'umwami wa muzika mu njyana ya Afrobeat, nyakwigendera Fela Kuti yemejwe nk’icyamamare nabahanga b’umuziki ku isi.

    Nyakwigendera Kuti ukomoka muri Nigeria azahabwa igihembo cy’ubuzima bwose nyuma y’urupfu rwe muri Grammys nyuma y’imyaka hafi mirongo itatu apfuye afite imyaka 58.

    "Fela amaze igihe kinini mu mitima y'abantu. Ubu ibihembo bya Grammys byarabyemeye, kandi ni intsinzi ebyiri," umuhungu we w'umucuranzi Seun Kuti yabwiye BBC.

    Yagize ati: " Biragaragaza ukuri nyako k’ubuzima bwa Fela."

    Rikki Stein, inshuti y'igihe kirekire akaba n'umuyobozi wa muzika w'uyu muhanzi witabye Imana, avuga ko Grammys yashimiye Fela Kuti ari "byiza ko batinze kubikora kurenza kurusha kutazigera bikorwa".

    Stein yabwiye BBC ati: "Afurika ntiyigeze iha agaciro gakomeye inyungu zayo mu bihe byashize. Ndatekereza ko ibyo birimo guhinduka vuba."

    Nyuma y’intsinzi ku isi ya Afrobeats, ubwoko bw’indirimbo bwaririrmbwe n’amajwi ya Fela, ibihembo bya Grammy byazanye icyiciro cya Best African Performance mu 2024.

    Muri uyu mwaka, ikindi icyamamare cyo muri Nigeria, Burna Boy, yabonye kandidatire mu cyiciro cya Best Global Music Album.

    Ariko Fela Kuti azaba ari we Munyafurika wa mbere uzahabwa igihembo cy’ubuzima bwose, nubwo yapfuye. Iki gihembo cyatanzwe bwa mbere mu 1963 ku muhanzi akaba n’umukinnyi wa filime w’umunyamerika, Bing Crosby.

    Abandi bahanzi bazahabwa igihembo uyu mwaka barimo umucuranzi wa gitari w’Umunyamerika ukomoka muri Mexico Carlos Santana, Chaka Khan, umuririmbyi w’Umunyamerika uzwi ku izina rya Queen of Funk, na Paul Simon.

    Umuryango wa Fela Kuti, ndetse n'inshuti na bagenzi be, bazitabira ibihembo bya Grammys kugira ngo bashikirizwe igihembo cye.

  9. Intambara ya Ukraine: Putin yemeye guha Kyiv agahengwe k’indwi imwe kubera ubukonje bw’akataraboneka - Trump

    Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yemeye guhagarika ibitero ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, hamwe no mu bindi bisagara mu kiringo c’indwi imwe kubera “ubukonje bw’akataraboneka”.

    Uburusiya ntaco buravuga kuri uno mwumvikano, ariko Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yakirije yompi itangazo rya Trump, akavuga ko yiteze y’uko Uburusiya buzokurikiza ivyo bwiyemeje.

    Trump ntavuga igihe aka gahengwe kazotangura, ariko vyari vyitezwe ko ibipimo vy’ubushuhe ku mugwa mukuru wa Ukraine vyari kumanuka cane rwose kuva mw’ijoro ryakeye gushika kuri -24C (ni ukuvuga 24C musi y’ubusa) mu misi mikeyi iri imbere.

    Mw’ijambo yashikirije inama nshikiranganji yerekanywe ku mboneshakure ku mugwa mukuru wa Amerika Washington DC, Trump yagize ati: "Jewe ubwanje nasavye Perezida Putin kutarasa muri Kyiv no mu bisagara bitandukanye mu kiringo c’indwi imwe, kandi yemeye ko azobikora”.

    "Vyagenze neza cane. Abantu benshi bavuga ngo 'Reka guta umwanya uhamagara, ntashobora kwemera.' Ariko [Putin] yemeye", niko Trump yongeyeko.

    Eka n’abanya-Ukraine, nk’uko abivuga, "na bo nyene ni nk’uko batari bavyemeye, ariko baryohewe cane kuko ntiborohewe na gato".

    Uburusiya bwarongereje akariro mu bitero vyabwo ku masoko ntanganguvu ya Ukraine muri iki gihe c’ubukonje, nk’uko bwamye bubikora mu gihe c’imbeho kuva butanguje iyi ntambara muri Ukraine mu 2022.

    Mu masaha yitereye y’ejo ku wa kane, mu butumwa yacishije ku mbuga hwaniro, Zelensky yanditse ko Trump yasohoye "ubutumwa bukomeye" ku bijanye "no guha agahengwe Kyiv n’ibindi bisagara vya Ukraine muri iki gihe c’ubukonje burenze urugero".

    Ati: "Intumwa cacu zari zabiganiriyeko muri Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu. Twiteze ko ivyo twumvikanye bija mu ngiro".

    BBC yamenye ko na Ukraine yemeye gukora nk’uko Moscou (ubutegetsi bw’Uburusiya) izokora – na yo igahagarika ibitero vyayo ku bigo vy’Uburusiya bihungura igitoro.

    Inzindi nkuru wasoma:

  10. Ikaze ku makuru y'aka kanya yo mu karere no mu mahanga.