Ballon d'Or: France Football yakoze impinduka mu gutora uwuronswa aka gashimwe

Lionel Messi yatsindiye Ballon d'Or mu 2021 ku ncuro igira indwi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Lionel Messi yatsindiye Ballon d'Or mu 2021 ku ncuro igira indwi

Agashimwe k'Umupira w'Inzahabu, Ballon d'Or, gahabwa umukinyi wa mbere kw'isi haba ku ruhande rw'abagabo canke rw'abagore, kuva ubu kagiye gutangwa hisunzwe ingene abakinyi bavyifashemwo mu kiringo c'umwaka w'inkino (saison) aho kwisunga umwaka usanzwe (année civile).

Ikinyamakuru France Football - ari naco gitegura aka gashimwe k'iteka - cafashe kandi ingingo yo kugabanya abagize umurwi w'abafata ingingo.

Uyu murwi w'abanyamakuru 170 wagabanijwe gushika kw'ijana ku ruhande rw'abagabo, mu gihe ku ruhande rw'abagore uyu murwi uzoba ugizwe n'abantu 50.

Pascal Ferre umukuru wa France Football avuga ati: "Imbere y'aha, twahora dufata ingingo dufatiye ku bice bibiri vy'imyaka y'inkono ibiri itandukanye. Ubu rero ibintu bigiye gutomoka neza".

Uyu mukuru wa France Football ati: "Ni akaryo keza ko kuyiha inguvu nshasha".

Izi mpinduka zitangajwe inyuma y'aho umusatirizi wa Paris St-Germain Lionel Messi acaguriwe nk'umukinyi yatsindiye Ballon d'Or mu 2021, abatari bake bakaba barabineguye cane, aho abakunzi benshi b'umupira w'amaguru babona ko umusatirizi wa Bayern Munich Robert Lewandowski ari we yari akwiye kuronswa aka gashimwe.

Messi yatsindiye aka gashimwe k'iteka ku ncuro igira indwi mbere akaba ari we aciye umuhigo, ariko Lewandowski - yaje mu kibanza ca kabiri - yari yinjije ibitsindo 41 mw'ihiganwa ry'Ubudagi, Bundesliga, mu mwaka w'inkino wa 2020-21 anafasha Bayern gutsindira iri higanwa ku ncuro igira icenda yikurikiranya.

Ferre avuga kandi ko bazokwibanda cane cane ku vyo abakinyi bazoba bashitseko ku gatwe kabo hakwibanda ku bikombe umurwi kanaka uzoba watsindiye.

Impinduka zabaye ku gitigiri c'abagize umurwi ufata ingingo zizoshira hamwe abanyamakuru 100 bava mu bihugu vy'ibihangange mu mupira w'amaguru ku ruhande rw'abagabo, hamwe na 50 kandi bava mu bihugu vy'ibihangange mu mupira w'amaguru ku ruhande rw'abagore.

Ibindi birori vyimirije vyo gutanga udushimwe twa Ballon d'Or bizoba mu kw'icenda canke ukw'icumi 2022 kandi tukaba tuzokwisunga umwaka w'inkino uzorangira mu kw'indwi hamwe n'ihiganwa ry'abagore Euro 2022.

Ihiganwa ry'igikombe c'isi yose ku ruhande rw'abagabo - rizobera muri Qatar mu kw'icumi na rimwe na cumi na kabiri - ntirizokwisunga gushika mu bushimwe bwa 2023.