Pochettino yoba agiye kwirukanwa inyuma yo gutsindwa kwa PSG muri Champions League?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mauricio Pochettino avuga ko "indwi nkeya ziri imbere zitagiye kworoha" inyuma y'aho Paris St-Germain yiwe iviriye mw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League) kandi yari ifise ibitsindo 2 uteranije, ariko Real Madrid ikaza kuyivyukiranya maze iyikura mw'ihiganwa.
Mu kiringo c'isaha yose c'uru rukino rwo gusubiza, PSG yari iramutse yakirwa na Real Madrid yariganziye umupira inyuma y'igitsindo ca Kylian Mbappe cari kigize kabiri muri izi nkino zibiri hagati y'iyi mirwi.
Ariko basigaye biyumvira ibibabayeko inyuma y'ibitsindo bitatu vyose vya Karim Benzema mu minota 17 gusa vyatumye basezera n'umubabaro utagira urugero iri higanwa bamaze igihe kirekire barondera gutsindira.
Pochettino ati: "Igitsindo ca mbere [Benzema] cahinduye rwose urukino".
"Mu kiringo c'isaha, twakinye neza gusumba Real Madrid. Ibintu vyahavuye bihinduka mu kibuga. Inyuma y'aho twarakoze amakosa amwe amwe, ntitwovuga ko atayo twakoze. Ikibabaje gusumba ibindi vyose ni uko ari twebwe twari dufise ibintu mu minwe bikaza kutuyangarana mu minota cumi.
"Paris St-Germain imaze imyaka itari mike irondera Champions League.
"Ni ukuri ndababaye cane, ndumiwe - ariko ibi ni ibintu bishobora gushika. Indwi nkeya ziri imbere ntizigiye kworoha".
Kuva iguzwe n'abanya - Qatar mu 2011, PSG yagiye igura abakinyi b'ibihangange.
Ariko indoto zayo zo gutahukana iri higanwa rikuru rihuza imirwi y'umupira w'amaguru ya Bulaya zagiye zipfa incuro nyinshi kandi yari mu mahirwe menshi yo gutsinda, harimwo igihe ikubitwa ibitsindo 6-1 na Bacerlona mu 2017 be n'igihe ivanwa mw'ihiganwa na Manchester United mu gice c'umunani gishira ica nyuma mu mu 2019.
Umunyamakuru w'umupira w'amaguru mu Bufaransa, Julien Laurens, yabwiye BBC Radio 5 Live ati: "Ni kenshi PSG imaze gushika ng'aha. Kenshi cane. Ugutakaza uru rukino ni ikintu kibabaje cane. Amakosa menshi ari ku bakinyi mu kibuga kuko ntushobora gukora amakosa nk'aya.
"Pochettino ntashobora kuba ari ng'aha mu mwaka uza, ivyo novyemeza - kiretse vyanse ko bazana [Zinedine] Zidane. Ariko na we nyene sinzi ko yipfuza kuza ng'aha; ashaka kwigira mu Bwongereza.
"Umuryango wiwe uri i Londres mu gihe wewe amaze umwaka mw'ihoteri i Paris, kumbure iki ni kimwe mu ngorane. Ntushobora kureka ngo umurwi wawe ugwe mu manga nk'uko vyagenze muri iri joro ukaguma ureze amaboko. Yasamaye cane".
Laurens aranegura kandi ingene Pochettino agenda ahindagura abanyegori biwe babiri, Gianluigi Donnarumma na Keylor Navas, akibaza kandi niba koko abakinyi bari bafise intumbero yo nyayo yo gutsinda muri uru rukino rwo hanze - mu gihe kuva umwaka utangura bamaze gutsinda urukino rumwe gusa mu nkino bakiniye hanze mw'ihiganwa ry'Ubufaransa Ligue 1.
Laurens ati: "Uruhande rw'abanyegori ni ibara. Ntiyigera abategura kugira bakine neza. Ntushobora kumenya ni nde azokina urukino rukurikira.
"Mu nkino zo hanze ntibavyifatamwo neza - kandi si muri Champions League gusa. Barafise ingorane iyo bagiye gukinira hanze kubera usanga ata shaka bafise. Iyo basatiriwe ntibashobora kuronka intsinzi.
"Ubu bufyinasi jewe nibwo bumbabaza - iyumvire ubonye ko umaze gutakaza inkino wari ufise mu minwe nk'urw'uno musi ariko ukaguma uyayata nk'uko vyagenze muri iri joro. Iyi ni Champions League, raba ingene vyasubiye kubagendera".
'Ni kimwe mu bigize umugenzo wa PSG'
Umwongereza Steve McManaman yahoze akina hagati, akaba yatsindiye incuro zibiri Champions League igiye yakinira Real Madrid, arasigura amakosa ya PSG yatumye isubira gutsindwa muri iri higanwa.
Mu mahiganwa yayo atandatu muri Champions League, uyu murwi ufise ikibanza ca mbere muri Ligue 1 washitse mu rukino rwa nyuma be no mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu myaka ibiri ikurikirana, ariko kandi ikaba imaze gutsindwa mu nkino z'igice c'umunani gishira ica nyuma incuro zine zose.
McManaman kuri BT Sport ati: "Ni ibintu twari twiteze ko PSG itembagara. Bakoze ivyo bama bakora, iyo basugerejwe, barayonga.
"Bakora mu kajagari, ntawubayobora. Abakinyi barakomeye cane. Iyo ibintu bibakomeranye, ntaco bibabwira. Bakina uko bishakiye.
"Ni ibintu bitumvikana ingene ushobora kubona [abakinyi] bane canke batanu bariko bayayata kandi ibintu biriko birayangara.
"PSG yamye ikora amakosa igihe cose mu gice ca kabiri c'urukino. Ni ngombwa gukeza Real kuko n'aho boba bamaze gutsindwa, babandana bakina n'inguvu zabo zose.
"Tumaze kubona abamenyereza baza bagenda ariko vyaranse ko batorera umuti iki kibazo. Baraza, muri Champions League bagatsindwa hanyuma bakirukanwa, ubuzima bukabandanya".
Eka na Rio Ferdinand yahoze akina inyuma muri Manchester United avuga nk'ivyo, akongerako ati: "Niko vyamye bimeze kandi kumbure ngira ni umugenzo muri uyu murwi.
"Ibi si bishasha muri uyo murwi. Bafise abakinyi beza cane, ariko n'aho ibintu bitoba bimeze neza kuri uwo musi, ni ngombwa ko ubandanya urukino n'inguvu zawe zose. Ivyo nta vyo bakoze. Ni kimwe mu bigize umugenzo washinze imizi muri PSG".










