Adama Traore muri Barcelona avuye muri Wolves

Ahavuye isanamu, Getty Images
Barcelona yaraye igiriraniye amasezerano y'intizo n'umukinyi Adama Traoré akina imbere ku ruhande rw'i buryo muri Wolves, akaba agiye gukinira uyu murwi gushika ku mpera y'uyu mwaka w'inkino.
Uyu murwi wo muri Espagne uzohemba uyu mukinyi w'imyaka 26 ariko urafise uburenganzira bwo kumugura ukamugumya burundu mu gihe wobishaka.
Traoré asigaje amezi 18 gusa mu masezerano afitaniye na Wolves kandi gushika ubu ntibarashobora kwumvikana ku masezerano mashasha.
Scott Sellars arongoye igisata c'ubuhinga muri Wolves avuga ati: "Nta n'umwe atazi ko Barcelona ari igisagara, kikongera kikaba n'umurwi, gishika ku mutima Adama. Rero kuri we ni indoto igiye mu ngiro".
Traoré yatanguriye gukina umupira muri Barcelona imbere y'uko asezera i Nou Camp akaja muri Aston Villa mu 2015.
Aho yamaze imyaka ibiri akinira Middlesbrough imbere y'uko yinjira muri Wolves mu 2018 ari we mukinyi aciye umuhigo muri uyo murwi mu kugurwa imiriyoni zirenga 24 z'amadorari y'abanyamerika.
Uyu mukinyi wo ku ruhande amaze gukina inkino 154 muri uyo murwi, akaba amaze kwinjiza ibitsindo 11.
BBC Sport yamenye ko Tottenham yari yemeye gutanga imiriyoni zababa 20 z'amadorari y'abanyamerika kugira ironke Traoré ariko Wolves yaranse, n'aho hari amakuru ava i Londres ahakana ko Tottenham itigeze yemera gutanga amahera.
Sellars ati: "Adama yamye akinana ubuhinga bwo ku rwego rwo hejuru".
"Ariko, nta kinyegezwa kirimwo, vyaranse ko dushika ku mwumvikano kugira tumuhe amasezerano mashasha, inyuma y'ibiganiro vyamaze igihe kirekire, kandi icipfuzo ciwe muri kino gihe ni uko aja gukinira uwundi murwi".
"Twashitse kandi ku masezerano meza cane mu gihe Barcelona yoshaka kumugura mu ci riza".










