Chelsea: Romelu Lukaku yasavye imbabazi akaba yagarutse mu bandi bakinyi, bivugwa na Thomas Tuchel

Romelu Lukaku n'umumenyereza wa Chelsea, Thomas Tuchel

Ahavuye isanamu, EPA

Romelu Lukaku yasavye imbabazi akaba aza kugarukanwa ku rutonde rw'abakinyi ba Chelsea mu rukino rwa mbere rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma ca Carabao Cup ruhuza Chelsea na Tottenham kuri uyu wa gatatu, nk'uko bivugwa n'umumenyereza Thomas Tuchel.

Lukaku yashizwe ku ruhande mu rukino rwo ku wa Mungu rwa Premier League rwahuje Chelsea na Liverpool rugahera ari 2-2, ni inyuma y'amajambo yavuze mu kiganiro yagiranye n'umunyamakuru, haraciye indwi zitatu.

Lukaku na Tuchel baraganiriye bashira hamwe ku wa mbere ku bijanye n'ingene uyu musatirizi yogarukanwa ku rutonde rw'abandi.

Kuva ico gihe, Lukaku avuga ati "ndasavye imbabazi ku wo noba naratirimukije".

Lukaku yabwiye ikinyamakuru ca Chelsea gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi ati: "Nategerezwa gusobanura neza ivyo navuze".

"Iki kiganiro cari cerekeye ingene yasezeye abafana ba Inter [Milan] , nticari cerekeye kwifatira mu gahanga abafana [ba Chelsea], abakinyi bagenzanje, umurwi n'umumenyereza.

"Bagize utwigoro twinshi kugira bangarukane hano kandi naripfuza kugaruka, Nari mu butumwa kuva ngiye, rero ndatahura agashavu k'abafana, ariko ubu ni ah'iwanje gukora uko nshoboye kwose nkerekana ko nitayeho igikorwa canje ijana kw'ijana".

Muri ico kiganiro cafashwe amajwi mu kwa cumi na kabiri, uyu mukinyi wa Chelsea yaguzwe imiriyoni zababa 132 z'amadorari y'abanyamerika, yavuze ko "atari agononokewe" n'ikibanza afise kuri Tuchel, kandi ko yipfuza gusubira muri Inter Milan atari kera.

Ariko Lukaku, mu butumwa yahaye abafana b'uyu murwi, yongeyeko ati: "Ndasavye imbabazi ku wo noba naratirimukije. Ni mwe muzi ubucuti mfitaniye n'uyu murwi kandi ndatahura cane kubona mwarashavuye".

"Nticari co gihe kandi ndipfuza ko ntera nja imbere kugira ndabe ko twotangura gutsinda inkino".

Mu kiganiro yagiranye n'abanyamakuru ejo ku wa kabiri, umumenyereza Tuchel yavuze ati: "Yasavye imbabazi kandi yagarutse hamwe n'abandi bakinyi mu myimenyerezo y'uno musi.

"Twarihaye umwanya kugira ngo tubitorere umuti. Kuri jewe, igikenewe gusumba ni ugutahura - kandi gutahura neza - ko ata gushaka kwarimwo. Ntiyabikoze n'ibigirankana kugira ngo haduke induru imbere y'urukino rukomeye".

Imbere y'uko uru rukino rwo ku wa Mungu ruba rukaza kurangira iyi mirwi yompi inganya 2-2, Tuchel yavuze ko yashize ku ruhande uyu mukinyi w'imyaka 28 kugira ngo "imyimenyerezo igende neza".

Tuchel yongeyeko ati: "N'imbere y'aha, igihe kuri we yabona ko yari yiteguye gukina inyuma y'imvune yari yanduye kuva mu ntango ariko twebwe tukabona ko vyari vyiza kumuha akanya kugira ngo yitegure neza, ntiyigeze yerekana inyifato mbi na ntoya ku murwi.

"Rero bwari bwo bwa mbere yiyumvira uku. Ni ngombwa gutekana mu mutima no kumenya ko ibintu bitayangaye nk'uko abantu bipfuza ko biba".

Lukaku amaze kwinjiza ibitsindo indwi mu nkino 18 amaze gukina kuva agarutse muri Chelsea avuye muri Inter Milan mu Butaliyano mu kwa munani.

Yagiye ahura n'imvune hamwe n'indwara kuva asubiye i Stamford Bridge, rimwe rimwe akaba yagiye ashirwa ku ruhande n'aho ata ngorane yaba afise.

Uyu mumenyereza w'aba Blues avuga ko Lukaku "azi ivyo yakoze", kandi ko uyu musatirizi "yumva neza ko ari ngombwa kuri we gusubiza ibintu mu buryo".

Tuchel ati: "Aracari umukinyi wacu, kandi dufise impamvu nziza, zifadika zo kumukinisha no kumwumvisha ko ategerezwa gukora cane".