Lionel Messi afise indoto yo gutsindira Ligue des Champions muri Paris St-Germain

Ahavuye isanamu, Getty Images
Lionel Messi avuga ko afise indoto yo gusubira gutsindira Ligue des Champions/Champions League inyuma y'aho ashikiye muri Paris St-Germain, akongerako ati: "Nibaza ko hano dufise umurwi ushobora kubishikako".
Uyu mukinyi rurangiranwa w'imyaka 34 ari na we kizigenza w'umurwi nserukiragihugu wa Argentina, yatsindiye Ligue des Champions incuro zine muri Barcelona, iyo aheruka ikaba ari iyo mu 2015.
PSG iracarwana ngo itahukane ku ncuro ya mbere iri higanwa rihuza imirwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya, mw'ihiganwa rya 2020 ikaba yatsinzwe na Bayern Munich mu rukino rwa nyuma.
Igihe yerekanwa nk'umukinyi wa PSG, Messi yavuze ati: "Intumbero n'indoto vyanje ni uko nosubira gutahukana Ligue des Champions".
Messi yavuye muri Barcelona yari yinjiyemwo afise imyaka 13 inyuma y'aho uwu murwi wa La Liga unaniriwe no guha ayandi masezerano uyu mukinyi kubera inzitizi zishingiye ku mategeko ajanye n'ikoreshwa ry'amafaranga muri iryo higanwa. Nk'umwe mu bakinyi b'ibihangange baranze amateka y'umupira w'amaguru, Messi yinjije ibitsindo 672 mu nkino 778 yakiniye uwu murwi rurangiranwa w'i Catalan.
Yaraciye umuhigo mu gutsindira umupira w'inzahabu (Ballon d'Or) incuro zitandatu, aterura n'ibikombe 35 mu gihe cose yari amaze i Nou Camp, ariko avuga ko ubu aryohewe no gutangura ibihe bishasha mu buzima bwiwe, inyuma y'aho aviriye muri Barcelona "bigoranye".
Ari i Parc des Princes (ikibuga ca PSG), yabwiye abanyamakuru ati: "Yari impinduka igoye cane inyuma y'igihe kirekire cane". "Ariko maze gushika hano, numvise mfise umunezero mwinshi cane kandi ndipfuza gutangura imyimenyerezo vuba bwango. Nshaka kwihuta".
"Ikintu conyene nshaka ubu ni ugutangura imyimenyerezo. Ndashaka gukorana n'abakinyi bagenzanje hamwe n'abakozi, kugira ngo ntangure iki gihe gishasha mu buzima bwanje".
"Ndafise iri shaka ryo gukina. Numva ndiko ndaribwaribwa. Numva ngishaka gutsinda nk'uko nabikoze mu gihe ca mbere c'umwuga wanje".
"Ndumva ko uwu murwi witeguriye kurwanira ibikombe vyose. Ni ryo hangiro ryanje, nshaka kubandanya ntera imbere ngatsindira ibikombe, iki nico catumye nza muri uno murwi".

Ahavuye isanamu, Getty Images
'Vyoba biryoshe cane gusubira i Barcelona'
Kuzana Messi muri uno murwi usanzwe urimwo ibihangange ni intambwe ikomeye kuri PSG mu rugamba rwo kurondera kuba kw'isonga mu mupira w'amaguru i Buraya.
Inyuma yo gutsindwa na Manchester City mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu mwaka w'inkino uheze, mu nyuma igatakaza Ligue 1 yo mu Bufaransa yatsindiwe na Lille, PSG yaronse abakinyi bamaze gutahukana Ligue des Champions, nka Sergio Ramos, Georginio Wijnaldum na Messi.
Ariko, Messi arazi neza ko, kugira ngo aterure igikombe ca Ligue des Champions ku ncuro igira gatanu, bishobora gushika agahura na Barcelona, kandi aremera ko gukina i Nou Camp yambaye umwambaro wa PSG vyoba ari ibintu "bigoye cane kwumva".
Yongerako ati: "Barcelona ni muhira kuri jewe - nabayeyo kuva ndi umwana muto kandi nahakoreye ibintu vyinshi cane.
"Sinzi ko tuzohura nabo - ariko vyoba biryoshe cane gusubira i Barcelona.
"Vyoba ari ibintu bigoye kwumva gukina muhira i Barcelona ndi mu wundi mwambaro ariko birashoboka, reka tuzoraba".
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
'Dufise umurwi wa mbere ukomeye cane kw'isi'
Umuzo wa Messi ku mugwa mukuru w'Ubufaransa utumye PSG iba umwe mu mirwi ifise umurongo ukomeye cane w'abasatirizi kw'isi mu mateka y'umupira w'amaguru.
Uyu mukinyi agiye gukina ku ruhande rw'abasatirizi muri PSG ari kumwe n'abakinyi babiri bazimvye kurusha abandi mu bihe vyose vyabayeho, aba nabo bakaba ari Neymar bahoze bakinana muri Barcelona, hamwe na Kylian Mbappe.
Umukuru wa PSG Nasser Al-Khelaifi aremeza ko kugura Messi bizotuma uwu murwi ushobora kugumana Mbappe, mu gihe amasezerano asanzwe afitaniye nawo azorangira mu 2022.
Al-Khelaifi ati: "Yahora yipfuza umurwi ushobora guhiganwa, ubu ndibaza ko dufise umurwi wa mbere ukomeye cane kw'isi, rero nta citwazo ubu afise - nta kindi yokora atari kuguma hano".
Avuga ku bijanye n'uko umurwi ukoresha amafaranga y'umurengera, Al-Khelaifi yongeyeko ati: "Ico mwebwe nk'abanyamakuru mukwiye kwibandako gusumba ibindi ni ukuraba iciza azaniye uno murwi hakwibanda ku bintu bibi".
"Twabanje kuvugana n'abaduha amafaranga kandi twari tuzi ko dushobora kumuzana. Muri ivyo vyose, twabanje kuraba ko tutorenza urugero mw'ikoreshwa ry'amahera, kandi tuzokurikiza amategeko ngenderwako mw'ikoreshwa ryiza ry'amafaranga".










