Wayne Rooney: Uyu yahoze ari umusatirizi wa England avuga ko yatinya ko inzoga zari kumwica

Ahavuye isanamu, BBC Sport
- Umwanditsi, Na Ciaran Varley
- Igikorwa, BBC Sport
Wayne Rooney avuga ko yari afise ubwoba ko yari gupfa canke akica umuntu kubera ibibazo yaterwa no kunywa inzoga.
Uyu mumenyereza w'umurwi Derby County akaba n'umusatirizi wa mbere yinjirije ibitsindo vyinshi Manchester United be n'Ubwongereza gusumba abandi yabivugiye mu kiganiro na BBC imbere y'uko hasohoka ireresi nshasha isigura ubuzima bwiwe.
Yashize ahabona ahantu inzoga be n'ibibazo vyo mu mutwe vyari bimugejeje, hanyuma abajijwe ikintu kinini yatinya gusumba ibindi muri ivyo bihe, yishuye ati: "Kumbure ni urupfu".
Avuga ku "makosa" yakoze, uyu mumenyereza w'imyaka 36 yongeyeko ati: "Mfise kuba niruka inyuma y'abakobwa, mfise kuba nagendesha imodoka mborewe, ivyo narabikoze, nari gushobora kwica umuntu - aha urashobora kwiyica wewe nyene - aho rero niho uba ugeze habi".
"Nari nzi ko nari nkeneye gufashwa, kugira ngo nshobore kurokoka ariko kandi nshobore kurokora umuryango wanje".
Rooney avuga ko yumva y'uko yategerezwa kwigumizamwo vyinshi mu bibazo yari afise nk'umukinyi.
"Imyaka cumi, cumi n'itanu iheze, sinari kuja mu cumba c'iyambariro ngo mvuge nti 'ndafise ibibazo vy'inzoga, ndafise ibibazo vyo mu mutwe'. Ivyo ntavyo nari gukora".
Ireresi 'Rooney'izoshirwa ahabona na ku wa gatanu ikaba ivuga ubuzima bwa Rooney kuva akiri umwana gushika atanguye akazi kiwe nk'umumenyereza wa Derby.
Muri iyi nkuru, BBC Sport yatoyemwo ibintu indwi nyamukuru yavuzeko muri iyi reresi.
Akaborerwe no kurwana vyari kuba vyarishe umwuga wanje nk'umusore
Hari ahantu Rooney yemeza ko yari "umwana adashoboka" akiri umuyabaga. Aravuga atarya umunwa ko ari kenshi yisanga ari mu bugizi bwa nabi.
Hari ahandi avuga ati : "Twahora tuja i Southport tukarwana cane. Aho vyagiye kurangira bahatswe kunkura ijisho. Nari mfise hafi imyaka 12".
Rooney aravuga kandi ko yahoza aja mu mazu y'ubutambiro akiri umuyabaga mu nyuma akisanga mu ruhagarara.
"Ndibuka igihe kimwe ko bamenye umusaya i Manchester. Nari mfise hafi imyaka 13."
Hari ahantu Rooney asigura ibintu biteye isoni vyamubayeko igihe yari kumwe n'abandi bigana umupira muri Everton.
"Umusi umwe nariko ndajabuka ibarabara mfise icupa rya cider [inzoga ikaze cane]. Umumenyereza wanje Colin Harvey, vyabaye ngombwa ko ahagarara akanjabukana.
"Umusi wakurikiye, yanjanye mu myimenyerezo ambwira ati 'umviriza, wewe ufise italanto ihanitse cane ntari bwigere mbona ku muntu uw'ari we wese angana nawe - ntuyipfushe ubusa".
Rooney yari yariyemeje kuba umusatirizi akiri muto gusumba abandi muri Premier League

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ku myaka 16, Rooney yari afise ubuhinga bukomeye ku gihagararo ciwe c'umugabo akuze. Muri iyo reresi, avuga ko yari azi ko ari we yakina neza mu myimenyerezo.
Ku wa 19 gitugutu (ukw'icumi) 2002, niho yimenyekanisha kw'isi yose.
Hari hasigaye imisi itanu ngo Rooney ahimbaze isabukuru yiwe y'imyaka 17, ico gihe Everton ikaba yariko ikina na Arsenal - iyi nayo ikaba yari iramutse ikina urukino rwayo rugira 30 itari bwigere itsindwa na rimwe ico gihe.
Uyu murwi warimwo abakinyi bakomeye nka Thierry Henry, Patrick Vieira, David Seaman na Sol Campbell.
Rooney aribuka neza ingene aba bantu bose bari ibihangange. Hagati aho, uyu muyabaga yashaka kwandika izina muri urwo rukino.
Ati: "Uru ni rwo rwabaye urukino rwanje rwa nyuma nari nkinye mfise imyaka 16. Nabona umengo ntaco maze, nkaguma niyumvira, mvuga nti 'ndashaka gutera igitsindo ku myaka 16'".
Avuga ko igihe yinjiye mu kibuga nk'umusubirizi yari afise iciyumviro kimwe: "Nkaronka akaryo na gatoya gusa, ndatera aho nzoba ndi hose".
Ku munota wa nyuma, Campbell yameze nk'uwusubira inyuma, Rooney aba aronse akanya keza maze yinjiza igitsindo mw'ishuti yasarishije abafana ku kibuga ca Goodison Park.
Uyu murwi wari uwa mbere mw'ihiganwa ry'Ubwongereza ico gihe, watakaje urukino rwa mbere inyuma y'ico gihe cose wari umaze utari bwigere utsindwa gushika n'aho umunyamakuru yariko atangaza umupira Clive Tyldesley yaguma atubwira ati "mwibuke iri zina" rya Wayne Rooney.
Yari azi ko ari we mukinyi wa mbere mwiza kw'isi ku myaka 18

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mw'ihiganwa ry'igikombe ca Bulaya mu 2004 ryabereye muri Portugal, Rooney yari inkingi y'umurwi w'Ubwongereza imbere y'uko avunika ukuguru, kuri we - mbere n'Ubwongereza - ihiganwa rigaca rihagararira mu gice ca kane gishira ica nyuma batsinzwe na Portugal.
Igihe yari ashikanye imyaka 18 gusa, mu rukino rwa mbere, yarateye ubwoba umurwi w'Ubufaransa wishimira ibihangange nka Henry, Zinedine Zidane na Lilian Thuram.
Ati: "Abakinyi b'inyuma babo baratinya kunyegera, babona ko batari guhangana na njewe".
Igihe kimwe yakubise hasi Thuram, umwe mu bakinyi b'inyuma b'ibihangange kw'isi ico gihe, mw'ikosa ryahatswe gutuma ahabwa ikarata itukura.
"Naramusetse, ndamukubita ku musaya nca ndahindukira ndamuraba, nk'uko umengo nashaka kumubwira nti 'ubu rero uramenye uwo ndi we'".
Ubufaransa bwaratsinze urwo rukino 2-1, ariko Henry aremera ko Ubwongereza "bwabangamiye bikomeye" umurwi wabo ku buryo vyari ngombwa ko butsinda. Kuri Rooney avuga ati: "Waramuraba ukabona ko koko yari afise ishaka ryo gutsinda".
Rooney ati: "Ndibuka igihe niyumvira nti 'ivyo ari vyo vyose ni jewe mukinyi wa mbere kw'isi' . Kandi ndemeza ko ico gihe, nari we mukinyi wa mbere kw'isi".
Colleen avuga ko yabaye mu bihe vy'uguhemukira umuryango
Rooney n'umugore wiwe Colleen, bompi baravuga batarya umunwa ibihe Rooney yagiye ahemuka.
Rooney ati: "Nagiye nishira mu bihe bibi, hanyuma rero iyo hagiyemwo inzoga hoho, usanga uriko urafata ingendo mbi kandi zikugirira ingaruka mbi. Gusa ibi ntivyigera binyaka urukundo mfitiye Colleen."
Colleen aremeza ko inzoga zagiye zigira ingaruka mbi. Hari n'aho avuga ko atari vyiza ko Wayne "yigumana wenyene atawuriko aramukurikirana".
Hagati aho, arasigura ingene we na Wayne bicaye kugira ngo batorere hamwe umuti w'ibibazo vyabo vyose bari hamwe.
Ati: "Ndazi ko abantu bavuga ngo 'ubwo koko boba bari kumwe kugira ngo umuryango ntusambuke?' Ici cari kimwe mu vyo bavuga, ariko kandi turacakundanye. Ndizeye ko yagiye yiga mu buzima kandi ko atazosubira muri ivyo bihe bibi cane".
Yakomerekeje n'ibigirankana umukinyi wa Chelsea mu 2006

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu 2006, Chelsea, ico gihe yamenyerezwa na Jose Mourinho, yari itanguye guhangara bikomeye uyu murwi wari wiganje mu Bwongereza.
Ku wa 29 Ndamukiza (ukwa kane) uwo mwaka, Chelsea yari yakiriye Manchester United ku kibuga cayo ca Stamford Bridge, irondera inota rimwe gusa kugira ngo itahukane ihiganwa rya Premier League ku ncuro ya kabiri yikurikiranya. Yatsinze 3-0.
Rooney ntiyavyifashemwo neza na gato.
Aremera ati: "Nari mfise ibirato bishasha, bifise imisumari (crampons/studs) miremire kubera nashaka gukomeretsa umuntu. Iyi misumari yari yemewe n'amategeko, ariko yari miremire gusumba iy'ibirato nari nsanzwe nambara".
Yasekanye na John Terry bikomeye amuca intoboro ku kirenge haruguru y'ikirato ku buryo vyabaye ngombwa ko akenera ibitambuzo (crutches/béquilles).
Haciye akanya gato, vyabaye ngombwa ko ahindura iyi misumari, ivyamugiriye ingaruka mbi kuko yahavuye akomereka, aho amagufa yo mu kirenge yononekaye, maze avanwa mu kibuga ari ku nderuzo. Rooney avuga ko vyose vyamuvuyeko akidogera kandi ibi birato vyiwe.
Nta kibazo yari afise ku nyifato ya Ronaldo mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose mu 2006

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ihiganwa ry'igikombe c'isi yose ryo mu 2006 rizokwibukwa cane n'abafana b'Ubwongereza ku kungene bwatsinzwe na Portugal mu gice ca kane gishira ica nyuma, urukino rwagiye kurangira Rooney ahawe ikarata itukura akomerekeje Ricardo Carvalho.
Amaze gukora iri kosa, mugenziwe Cristiano Ronaldo bakinana muri Manchester United asa n'uwateye igitsure umuhagarikizi mu kumusaba ko yomwirukana.
Rooney amaze kwirukanwa mu kibuga, amakamera yafashe Ronaldo akubitiye urugohe bagenzi biwe ba Portugal.
Mu kwibuka ivyakurikiye, Rooney avuga ati: "Naramenaguye ibintu bimwe bimwe nshitse mu cumba c'iyambariro".
"Ni bwo bwa mbere numvise ko ndi jenyene. Ndibuka niyumvira nti, 'turamutse tubandanije sinzokina igice ca kabiri gishira ica nyuma, kandi ndashobora no kudakina finale. Tuvuyemwo naho, ni jewe bizoba bivuyeko'."
Rooney avuga ko inyuma y'iri kosa yabwiye Ronaldo ko ata "mutima mubi" yari afise mu kwifata uko yifashe, kandi ko bokwibanda cane gutsindira Premier League, ivyahavuye bigenda uko.
Yibaza ko yari mu kuri mu guhangana na Sir Alex Ferguson

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mukw'icumi 2010, Rooney yarababaje isi yose igihe asaba gusezera Manchester United.
Yakoze kandi ibintu ata muntu yari gushobora kwibaza ko vyari kuba, mu guhangara umumenyereza Sir Alex Ferguson.
Mu kwibuka ingene vyagenze, Rooney avuga ati: "Twari twagurishije [Carlos] Tevez, hanyuma tugurisha Ronaldo. Nio jewe mukinyi wo ku rwego rwo hejuru nari nsigaye".
"Naragiye mu biro kwa Alex Ferguson mvuga nti 'mufise imigambi nyabaki hano?' inyishu yampaye yambwiye ati 'mvira mu biro'."
Abahoze bakina inyuma muri United Gary Neville na Rio Ferdinand baravuga muri iyo reresi ingene bababajwe cane n'ingene mugenzi wabo yavyifashemwo nabi ico gihe.
Hagati aho, Rooney abandanya yemeza ko bwari uburenganzira bwiwe bwo kubaza imigambi ya Ferguson ku bijanye no kugura abakinyi.
"Wihweje ingene ibintu vyakurikiye imyaka itanu inyuma y'uwu mubonano, Alex Ferguson yari azi aho umurwi wariko uraja, yaciye yihutira kuvanamwo akarenge adatevye kandi gushika ubu baracarondera gusubira kwiyubaka".










