Basketball - Kenya: Umukinyi avuga ko ihohoterwa rifatiye ku gitsina rimaze imyaka myinshi

Kenyan basketball is under the spotlight
    • Umwanditsi, Na Piers Edwards & Romain Molina
    • Igikorwa, BBC Sport Africa

Umugore yahora ari umukinyi wa besketball muri Kenya avuga ko ihohoterwa rifatiye ku gitsina ryamunze urwo rukino mu gisata c'abagore "kuva kera cane " yamara ko icuka c'ubwoba gituma abarikorerwa batubahuka kubivuga ku mugaragaro.

Uwo mugore, ubu afise imyaka 30, avuga ko yahohotewe mu buryo bw'igitsina n'umwe mu bamenyereza biwe igihe yatangura urwo rukino.

Ivyo yavuze vyahuriranye n'uko ku ndwi iheze hasohotse icegeranyo cerekana ido n'ido ry'ingene muri basketball y'abagore "ihohoterwa rifatiye ku gitsina ryabaye nk'iryemewe muri urwo rukino" mu myaka mirongo muri Mali.

Uwo vyashikiye muri Kenya twise Rachel kugira dukingire umwidondoro wiwe, yabwiye BBC Sport ati: "Hose muri Kenya, abakinyi ba basket barazi ivyo bintu ariko ntawuvuga.

"Abakobwa benshi barakoreshejwe ariko ntibashaka kugira na kimwe bavuze.

"Hari abakobwa benshi n'ubu mbona, no mu migwi ikomeye ngaha, ariko ntibakura ururimi mu kanwa. Nibaza ko abantu batinya. Aha muri Kenya, abantu barakoreshejwe."

Rachel, atashatse ko umwidondoro wiwe umenyekana, yavuze ko ihohoterwa akenshi ryajana no kwemererwa gutezwa imbere mu rukino ku bakinyi bakiri bato, benshi baba ari abayabaga (abafise munsi y'imyaka 18) ico gihe.

Rachel yabivuze atazi ko hari amatohoza ariko arakorwa na Human Rights Watch (HRW) ku bivugwa ko haba ihohoterwa rishingiye ku gitsina mu rukino rwa baskeball muri Uganda.

Iryo shirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu ryaragize uruhara rukomeye mu gufasha bamwe mu bahuye n'ibibazo nk'ivyo muri Mali kugira ijwi ryabo ryumvikane, bene iryo hohoterwa muri Mali rikaba ryari rimaze imyaka myinshi nk'uko bigaragara mu cegeranyo cakoreshejwe n'urwego rwa basketaball kw'isi Fiba.

Ubu rero HMR yahindukiriye Kenya.

Minky Worden, umuyobozi muri HRW yabwiye BBC Sport Africa ati:

"Human Rights Watch iriko irabitohoza kandi iratewe impungenge n'ibivugwa kw'ihohotera ry'abakinyi b'abagore bakiri bato mw'ishirahamwe rya basketball muri Kenya (KBF)."

"Abategetsi mw'ishirahamwe rya basket ry'ibihugu bategerezwa gukingira abakinyi bakiri bato. Fiba, ishirahamwe rya basketball ku rwego rw'isi rifise ukwihangana kungana n'ubusa kw'ihohoterwa mu nkino.

"Ni inshingano za Fiba n'amashirahamwe yo mu bihugu gukingira abakinyi b'imiyabaga, kwirukana mu nkino abakora ihohotera, no gutuma abakorewe ihohoterwa rishingiye ku gitsina baronka ubutungane."

'Nkeneye kwikiza ubwanje'

Itangazo rya HRW rije inyuma y'ukwezi kumwe hari umwe mu bagize komite nshingwabikorwa ya KBF akuweko iceyi mu matohoza yagirizweko kugerageza guhohotera umukinyi w'imyaka 22 ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi.

Mu kwezi kw'indwi, Philip Onyango - afatwa nk'umwe mu bamenyereza beza cane kandi yigeze kumenyereza umugwi wa Kenya w'abakiri bato mu rwego rw'abagore- yaratanze imihoho (yareguye) ku gushaka kwiwe mu mabanga yari ajejwe yose igihe igipolisi cariko kiramukorako amatohoza ku vyavugwa n'uwo mugore.

A girl rests her am on a basketball

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umunsi ukurikira KBF yaciye "yirukana [Onyango] mu mabanga n'ibikorwa vyose vya basket" buno nyene ikurikije amatohoza y'ibanze yo nyene yari yakoze.

Onyango asanzwe ari n'umumenyeshamakuru akurikirana urukino rwa basket arahakana ivyo aregwa.

Mu nyuma igiporisi cahavuye kivuga ko ata kimwagira "bitumwe n'uko ata vyemezo bikwiye" vyabonetse.

BBC imurondeye, uwo mugore w'imyaka 22 yavuze ko ababajwe cane n'ivyo igiporiri cashitseko mu matahoza yaco.

Amatohoza yari yakozwe inyuma y'aho umugenzi w'uwo mugore amufatiye, atabizi, amajwi ariko aramuyagira ingene vyamugendeye. Ayo majwi ntiyarungikiwe KBF gusa, yarahawe kandi benshi mu bahurira ku rukino rwa basket.

Rachel avuga ko yatewe intege zo kuvuga yumvise ivyo vyashitse, vyamwibukije ivyo na we yaciyemwo.

Avuga ati: "Ni ibintu bizobohora urukino rwa basketball muri Kenya, nta wubizi.

"Nkeneye gukingira abandi, kandi nanje nkeneye kwikingira. Ndiko ndakora ikintu kinjana mu nzira yo gukira".

Avuga ko atari yigeze abivuga igihe vyamushikira kuko yibaza ko ata n'umwe yovyemera, kandi yemeza ko hari n'abandi benshi batabikoze kuko batinya gutakaza ikibanza cabo mu migwi yabo.

BBC yaravuganye n'abandi bagore batatu bahora ari abakinyi na bo bavuga ko bakorewe ihohoterwa canke bahatswe kurigirirwa igihe bari bakiri abayabaga.

Umwe yavuze ati : "Twari tukiri bato cane ku buryo tutashobora kwisigura - ico gihe nta n'umwe yari kukwumviriza. Bari kwibaza ko ubesha."

'Hagarika iburabuzwa rishingiye ku gutsina'

Igihe igiporisi cariko kirakora amatohoza, ku mbuga hwaniro muri Kenya haciye hasohoka urwandiko rwiswe "Hagarika ihohoterwa rifatiye ku gitsina" rwatunga agatoki KBF ubwayo ko yaravye hirya ku bivugwa.

Urwo rwandiko rwateweko umukono n'abantu barenga 2.000 igihe rwasohoka.

A picture of women playing basketball

Ahavuye isanamu, Getty Images

Mu kwezi kw'indwi, ubushikiranganji bujejwe inkino muri Kenya bwaciye bushiraho umugwi ku bibazo vy'igitsina wo gushigikira abakinyi b'abagore iyo bikenewe mu migwi y'igihugu. Ubwo bushikiranganji bwasavye abakinyi b'abagore bashikiwe n'icari co cose kubishikiriza uwo mugwi, ariko ntaco urashira ku mugaragaro.

Agatima ko gushigikirana

Kizigenza w'umugwi wa Kenya w'abagore bakuze muri basketball yavuze ko ashigikiye izo ngingo nshasha.

Rose Ouma, we avuga ko ata ngorane aragira, yabwiye BBC Sport Africa ati: "N'ikibazo kigoye cane, ariko harageze ko kija ahabona".

A woman holds a basketball in her hands

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ku wa gatatu, umugwi wa Kenya warasezeye ihiganwa rya basketball y'abagore muri Africa ririko rirabera muri Cameroun.

Muri Mali, abantu indwi bo mw'ishirahamwe rya basketball barahagaritswe mu mabanga n'ishirahamwe ku rwego rw'isi Fiba kubera icegeranyo casohotse ku ndwi iheze.

Amatohoza yasanze ishirahamwe rya Mali ryarapfukiriye ihohoterwa ryakozwe n'abakozi baryo bwite, Amadou Bemba yahora amenyereza umugwi w'abakiri bato mu rwego rw'abagore akaba apfunzwe arindiriye urubanza ku vyaha ahakana.

Gishingiye ku vyavuzwe n'abantu 31 n'abandi 22 banse kuvuga, ico cegeranyo carakuye iceyi ku mukuru wa Fiba Hamane Niang c'uko yafashe minenerwe iryo hohoterwa igihe yatwara ishirahawe rya Mali hagati ya 1999 na 2007.