Tokyo 2020: Peruth Chemutai yabaye umugandakazi wa mbere yatsindiye umudari w'inzahabu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Peruth Chemutai abaye umugandakazi wa mbere atsindiye umudari mu nkino za olempike mu gutsindira umudari w'inzahabu mu rukino rwo gusiganwa ku metero 3000 basimba imitego (steeplechase/course d'obstacles) ku musi ugira 12 w'izi nkino za Tokyo.
Umukenyakazi Hyvin Kiyeng yari mu bahiganwa na Chemutai yatahukanye umudari wa bronze.
Uwundi mukenyakazi Faith Kipyegon yashoboye kuronka uburenganzira bwo kwinjira mu gice ca nyuma c'ihiganwa ryo kwiruka ku metero 1500 inyuma y'aho atsindiye igice ca kabiri gishira ica nyuma ku musi ugira 12 w'inkino za Tokyo.
Peruth Chemutai w'imyaka 22 yaciye umuhigo mu gihugu, aho yasize ku metero 20 zose umunyamerikakazi Courtney Frerichs yari yatsindiye umudari w'i feza mu mahiganwa ya 2017.
Aciye ku rubuga rwa Twitter, Perezida Yoweri Museveni wa Uganda yamukeje kubona ari we mugandakazi wa mbere ashitse kuri iyo ntambwe.
Muri ubwo butumwa yanditse ati: "Uganda irakwishimiye cane. Kongoi!"
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Umukenyakazi Hyvin Kiyeng yirutse hamwe na Chemutai we yatahiye umudari wa bronze yongeye ku w'i feza yatsindiye mu nkino nk'izi zabereye i Rio mu 2016.
Umunya-Ethiopia Mekides Abebe yabaye uwa kane mu gihe uwundi mukenyakazi Beatrice Chepkoech yari asanzwe afise umudari w'inzahabu yahejeje ari uw'indwi kubera imvune. Umunya Ethiopia agira kabiri Zerfe Wondimagegn yahejeje ari uw'umunani.
Uwundi munya-Kenya Julius Yegon nawe vyanse ko ashika mu gice ca nyuma mu nkino zo gutera umuhunda (Javelin/javelot) ku ruhande rw'abagabo.
Ku metero 1500, umukenyakazi Faith Kipyegon arabandanya guhiganwa kugira ngo agumane ikibanza ca mbere ku ruhande rw'abagore, aho mu gice ca kabiri gishira ica nyuma yatsinze umunya-Ethiopia Freweyni Hailu, n'aho bompi bazosubira guhurira mu gice ca nyuma ku wa gatanu.
Ariko ku gihamana kibi, umukenyakazi Winny Chebet yaguye, ivyatumye arangiza ari uwa nyuma mu bo bariko barahiganwa, urubanza yashingishije kugira bamushumbushe rukaba ataco rwashitseko, vyumvikana rero ko atazoba ari mu gice ca nyuma.
Mu mugwi ugira kabiri w'igice ca kabiri gishira ica nyuma, umugandakazi Winnie Nanyondo yahejeje ari uwa kane, ivyamuhaye uburenganzira bwo guhiganwa mu gice ca nyuma, ariko umunya Ethiopia Lemlem Hailu hamwe n'umukenyakazi Edina Jebitok vyabankiye bakaba bavuye mw'ihiganwa.










