Man City 2-0 PSG: Kuba Kylian Mbappé atari ahari si urwitwazo rwo gutsindwa – Pochettino

Kylian Mbappe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Rutahizamu wa Paris St-Germain Mbappé (wambaye 'gants' z'umukara n'umutuku) ntabwo yakinnye umukino wo kwishyura na Manchester City kubera kuvunika impfundiko

Umutoza wa Paris Saint-Germain (PSG) Mauricio Pochettino yanze kwitirira isezererwa ry'ikipe ye muri Champions League ikuwemo na Manchester City ku kuba rutahizamu we Kylian Mbappé watwaye igikombe cy'isi ari kumwe n'Ubufaransa atari ahari.

Mbappé, w'imyaka 22, yari umusimbura utakinishijwe kubera imvune yo ku mpfundiko, mu mukino wo ku wa kabiri wo kwishyura wo muri kimwe cya kabiri Manchester City yatsinzemo PSG ibitego 2-0, biba 4-1 mu mikino yombi.

Pochettino, wageze muri PSG mu kwezi kwa mbere uyu mwaka, yagize ati: "Bari [Man City] ba mudahusha".

"Nshimiye Manchester City, barimo kugira umwaka mwiza w'imikino".

Nta Mbappé, PSG yananiwe kumenera muri ba myugariro ba Man City ndetse ntiyatera ishoti mu izamu, n'uwakinnye mu mwanya we Mauro Icardi ntiyatanga umusaruro.

Mauricio Pochettino

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Pochettino yageze muri PSG mu kwezi kwa mbere uyu mwaka

Pochettino, wagejeje Tottenham ku mukino wa nyuma wa Champions League mu 2019, yongeyeho ati:

"Kuriya [kubura kwa Mbappé] ntabwo gushobora kuba urwitwazo".

Ati: "Turi ikipe. Birumvikana, ni ibyago kuba atari ameze neza ngo afashe ikipe, ariko ibyo si urwitwazo. Ntabwo twakoresha urwo rwitwazo kuko imikinire y'ikipe yari myiza".

"Twakinnye umukino twari twateganyije gukina. Twatangiye rwose neza, dukora uburyo bwavamo igitego ndetse tuganza Manchester City. Ibyo si ibintu byoroshye".

Riyad Mahrez yabaye umukinnyi wa kabiri gusa wo muri Premier League utsinze mu mukino ubanza n'uwo kwishyura wa Champions League muri kimwe cya kabiri, nyuma ya Sadio Mané mu 2017-2018

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Riyad Mahrez yabaye umukinnyi wa kabiri gusa wo muri Premier League utsinze mu mukino ubanza n'uwo kwishyura wa Champions League muri kimwe cya kabiri, nyuma ya Sadio Mané mu 2017-2018

"Rimwe na rimwe mu mupira w'amaguru ucyenera ijanisha [runaka] ry'amahirwe mu bice bimwe by'umukino. Batsinze mu gihe twarimo tubotsa igitutu cyane n'umupira muremure".

"Abakinnyi bose baraza kumva bababaye. Twakoze neza. Gahunda, umukino wari mwiza. Ubu ni ubwoko bw'umukino aho ucyenera ko amahirwe agusekera".

Mu mukino ubanza, Idrissa Gueye wa PSG yeretswe ikarita itukura, ndetse no muri uwo mukino wo kwishyura kwa City ku kibuga Etihad, nabwo PSG basoje umukino ari abakinnyi 10 nyuma yuko Angel Di Maria yeretswe ikarita itukura kubera gutera umugeri Fernandinho.

Pochettino ati: "Ikarita itukura ya Di Maria yahinduye uko twiyumvaga".

Manchester City boss Pep Guardiola

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ibitego bibiri bya Man City byose byinjijwe na Riyad Mahrez ku munota wa 11 no ku wa 63, afasha atyo ikipe ye kugera bwa mbere ku mukino wa nyuma wa Champions League.

Umutoza wa Man City Pep Guardiola yagize ati: "Ntewe ishema cyane kandi nifatanyije n'abakinnyi batakinnye uyu munsi. Bari bakwiye gukina, buri muntu yagize uruhare none ubu cyari igihe cyo kubyishimira..."

"Bari [PSG] bashyize abakinnyi benshi hagati biratugora cyane mu gice cya mbere... nuko duhindura mu gice cya kabiri... kandi gutsinda 4-1 muri rusange ikipe yatsinze Barcelona na Bayern Munich bivuze ikintu kinini kuri twe".

Yongeyeho ati: "Abantu batekereza ko byoroshye kugera ku mukino wa nyuma wa Champions League. Kugera ku mukino wa nyuma ubu bigize icyo bisobanuye ku byo twakoze mu myaka ine cyangwa itanu ishize".