Manchester City hanze: uko umwaka utashe amagorwa ni ya yandi– Kevin de Bruyne

Kevin de Bruyne

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Kevin de Bruyne yinjije igitsindo ca Manchester City ku munota wa 60

Umukiyi wo hagati wa Manchester City Kevin de Bruyne avuga ait "dukeneye gusubira kwiga neza", inyuma y'aho bakuriwe mw'ihiganwa ku ncuro ya gatatu yose bageze mu gice ca kane gishira ica nyuma muri Champions League.

Mu rukino rwaraye rubaye mu gice ca kane gishira ica nyuma, Lyon yaraye imaramaje Man City mu kuyitsinda ibitsindo bitatu kuri kimwe.

Moussa Dembele niwe yabakoreye ibara, mu kwinjiza ibitsindo bibiri vyose mu minota ya nyuma, kuwa 79 hanyuma ku wa 87, mw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere i Bulaya.

Uyu murwi Lyon wo mu Bufaransa witeze guhura na Bayern Munich wo mu Budagi mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, uyu nawo weretse Barcelona ico imbwa yaboneye ku mugezi mu rukino rwo ku wa gatanu.

Lyon niyo yabanje kubona igori ku gitsindo catsinzwe na Maxwel Cornet, mu nyuma De Bruyne aragikurayo, ariko ibintu bikaba vyaciye bibabana urudubi.

Avugana na BT Sport De Bruyne yagize ati: "Amagorwa ni ya yandi, imyaka yose".

Mw'ihiganwa ryaraye rirangiye mu Bwongereza, City yahejeje ari iya kabiri inyuma ya Liverpool yatahukanye iryo higanwa, Pep Guardiola n'abakinyi biwe bavuvudikira igikombe c'ihiganwa ryu Bwongereza (EFL Cup).

Kuva uyu murwi utanguye kumenyerezwa na Guardiola, City yari imaze gutsindwa na Monaco igeze mu gice c'umunani gishira ica nyuma, hanyuma mu myaka iheze ibiri ikurikirana naho ikurwamwo na Liverpool na Tottenham igeze mu gice ca kane gishira ica nyuma.

De Bruyne ati: "Igice ca mbere nticatugendeye neza. Ariko mu gice ca kabiri twakinye urukino rwiza cane turabasatira bikomeye. Tuvugishije ukuri Lyon nta bintu bihambaye bakoze kuko twarabarushije umupira, ariko dukeneye gusubira kwiga neza".

Man city yararonse amahirwe menshi yo gushobora kwinjiza ariko biranka. Inkokora zagiye gucika igihe Raheem Sterling, bamaze gutsindwa ica kabiri, ahushirije igitsindo imbere y'igori wenyene, igitsindo cari gutuma iyo mirwi inganya 2-2. Ariko rero Moussa Dembele amaze gutsinda ica gatatu. Ibintu vyari birangiye muri city.

Man City v Lyon

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Raheem Sterling yahushije igitsindo umunyegori wa Lyon yavuye mw'igori, ntatahura ivyamubayeko

Pep ati: "Sintahura neza. Ndaza kumuvugisha ni twashika mw'ihoteri. N'ukuri abakinyi barashavuye, ariko ni kimwe mu bigize urukino".

Guhindagura imikenyuro

Umumenyereza wa Manchester City yamye yagirizwa ko yama atsindwa muri Champions League kubera yama ahindagura imikenyuro, ugasanga bitumye abakinyi bata umutwe.

Umuhinga muvyo inkino Pat Nevin yigeze gukinira Chelsea n'umurwi nserukiragihugu wa Ecosse (Scotland) yabwiye iradiyo BBC Radio 5 Live ko uravye City yitaye mu ngorane yo nyene.

Ati: "Iminota 22 ya mbere yabaye akaga. Pep Guardiola yagiye kwikangura haciye iminota 60. Urumva ko iyo minota yose uba wayipfishije ubusa kandi wari kuyikoresha".

"Uno munsi vyari vyamwankiye. Wewe yipfuza abantu biwe ko bafata urukino mu minwe, ariko uravye urukino rusa n'urwari rwabananiye".

"Nta nguvu bari bafise nk'uko dusanzwe tubamenyereye".

Umumenyeshamakuru w'inkino w'umufaransa Julien Laurens, wewe, abona ko Lyon yaronkeye akoyoko ku "mikenyuro y'uburofa" ya Pep.

Ati: "Niwe yananiwe. Yavyifashemwo nabi kuva mu ntango mbere no mu gice ca kabiri".

"Yama ahindagura cane imikenyuro iyo ageze muri Champions League. Nivyo rimwe na rimwe birashobora kumuzanira akarusho, twarabibonye nk'igihe ahura na Real Madrid. Koko vyaragize akamaro. Ariko akenshi vyama vyanka".

"Yarahinduye umukenyuro ariko biranka igihe yahura na Tottenham umwaka uheze, co kimwe n'igihe ahura na Monaco imyaka itatu iheze".

"Kubera iki utokoresha umukenyuro abakinyi bawe bawe basanzwe bamenyereye mu gihe uzi neza ko uwo mugiye guhura umusumba kure? Kubera iki urondera kwisunga uwo muhiganwa?".

"Uko siko bigenda. Amakosa ni rwiwe. Bimaze kuba kenshi".

"Nibaza ko yotera intambwe akemera agasaba imbabazi. Yarishe umukino".