Thomas Tuchel: Chelsea yagenye uyu yahoze amenyereza PSG inyuma yo kwirukana Frank Lampard

Thomas Tuchel ari kumwe na Christian Pulisic

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imbere y'aha, Tuchel yarakoranye n'abakinyi batari bake ba Chelsea, harimwo uwahoze ari umusatirizi wa Borussia Dortmund Christian Pulisic

Chelsea yagenye uwahoze ari umumenyereza wa Paris St-Germain boss, Thomas Tuchel, nk'umumenyereza mushasha mu masezerano azomara amezi 18 ariko ashobora kwongerezwa.

Igiye yameyereza PSG, Tuchel yatsindiye ihiganwa ry'Ubufaransa incuro zibiri, igikombe c'Ubufaransa (Coupe de France) hamwe n'igikombe c'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bufaransa (Coupe de la Ligue).

Tuchel avuga ati: "Mfise igishika cinshi co kubonana n'umurwi wanje mushasha ngahiganwa muri rino higanwa rya mbere mu mupira w'amaguru. Ndishmiye kuba ndi mu muryango wa Chelsea".

Chelsea yirukanye Frank Lampard ku wa mbere inyuma y'amezi 18 yari amaze amyimenyereza, yari amaze gutsinda urukino rumwe gusa mu nkino zitanu za nyuma z'ihiganwa ry'Ubwongereza, Premier League.

Tuchel yongerako ati: "Twese turubaha cane igikorwa cakozwe na Frank Lampard n'iragi asize muri Chelsea".

Uyu mudagi w'imyaka 47 abaye umumenyereza wa Chelsea agize 11 agenywe na nyene umurwi Roman Abramovich kuva aho uyu mutunzi ruhebwa awuguriye mu 2003.

Umukuru wa Chelsea Marina Granovskaia avuga ko Tuchel ari "umwe mu bamenyereza bakomeye ba Buraya" kandi ko "hakiri vyinshi vyo gukinira na vyinshi vyo gushikako, uno mwaka n'inyuma yaho".

Tuchel aza kuba ari muri Stamford Bridge uno musi ku wa gatatu igihe uyu murwi uza kuba uriko urakina na Wloves mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, Premier League.

Tuchel ntashobora gukwepa amategeko ajanye n'itaramurwa rya coronavirus, ariko ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza rizomuha akaryo ko kwitabira inkino n'imyimyenyerezo mu gihe yopimwa agasanga ntiyanduye imbere y'ukwinjira neza na neza muri Premier League.

Ku wa Mungu, niho uyu yahoze ari umukinyi wo hagati wa Chelsea Lampard yakinisha urukino rwa nyuma, aho uyu murwi wirahiye Luton 3-1 mu gice ca kane ca rya higanwa ry'igikombe ca FA.

Frank Lampard, Chelsea

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Frank Lampard yari amaze gutsinda inkino 28 muri 57 za Premier League kuva baye umumenyereza wa Chelsea

Yari yagenywe ngo amenyereze uyu murwi mu kiringo c'imyaka itatu asubiriye Maurizio Sarri i Stamford Bridge mu kw'indwi 2019, akaba yarashoboye gushikana Chelsea mu kibanza ca kane mw'ihiganwa ry'Ubwongereza be no mu rukino rwa nyuma rwa FA mu mwaka wiwe wa mbere amenyereza uyu murwi.

Mu rukino rwayihuje na Leeds igatsinda 3-1 mu ntango z'ukwa cumi na kabiri, rwatumye ija mu kibanza ca mbere muri Premier League igihe gito, ariko inkino zitanu zose yatakaje ku munani zanyuma zatumye uyu murwi wisanga mu kibanza c'icumi muri uno mwanya.

Ni umuntu amenyereye gutsinda

Tuchel agiye kumenyereza Chelsea haciye hafi amezi atanu ashikanye ubwa mbere Paris St-Germain mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo, Champions League.

Imbere y'aho yaramenyereje Mainz na Borussia Dortmund yose iri mw'ihiganwa ry'Ubudagi, akaba agiye i Londres azwi ko afise ubuhinga bukomeye.

Azwi ko yashikanye imirwi yamenyereje aho itari bwigere ishika.

Mw'ihiganwa ry'ubudagi Bundesliga, Tuchel yashoboye kumenyereza Mainz, umurwi wari uherutse kuduzwa mu cicaro ca mbere, ukarangiza uri mu kibanza c'icenda, hari mu mwaka w'igihganwa wa 2009-10.

Mu 2016-17, yatsindiye igikombe c'Ubudagi igihe yamenyereza Borussia Dortmund, maze arateza imbere abakinyi Christian Pulisic, Ousmane Dembele na Pierre-Emerick Aubameyang.

PSG watsinzwe na Bayern Munich 1-0 mu rukino rwa nyuma rwa Champions League mu kwezi kw'umunani umwaka uheze, akaba yirukanywe mu mpera z'ukwa cumi na kabiri uyu murwi utsinzwe mu nkino zine zose, ivyatumye wisanga mu kibanza ca gatatu.

Igikorwa ca mbere muri uno murwi mushasha, ni ugushikana Chelsea muri zine za mbere muri Premier League, ikaba ibura amanota atandatu kugira ngo ishobore gushika muri kino kibanza coyituma ija muri Champions League mu mwaka w'inkino uza.