Diego Maradona: Rurangiranwa mu mupira w'amaguru apfuye ku myaka 60

Diego Maradona

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Maradona yari umwe mu bakinyi b'umupira w'amaguru bakomeye isi imaze kubona

Rurangiranwa mu mupira w'amaguru Diego Maradona yaryamiye ukuboko kw'abagabo ku myaka 60.

Uyu yahoze ari rutahizamu wo hagati wa Argentine akanaba umumenyereza, yarabazwe ubwonko kandi bigenda neza, igihe yagira ikibumbe c'amaraso mu bwonko mu ntango za kuno kwezi kwa cumi na rimwe.

Vyaciye bitangazwa ko azovurwa ku kibazo yari afise co kwihebera inzoga.

Maradona yari umwe mu bakinyi bakomeye isi imaze kubona, akaba yarabaye kapitene wa Argentine igihe yatwara igikombe co mu 1986, akina ku buryo buteye igomwe kandi bucibukwa n'ubu.

Mu rwandiko rwashizwe ku mbuga hwaniro, ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Argentine ryavuze ko "tubabajwe cane n'urupfu rwa rurangiranwa wacu", ryongerako riti: "Uzokwama mu mitima yacu."

Maradona yakiniye Barcelona na Napoli mu gukinira amakipe kwiwe, atwara ibikombe vya Serie A mu Butariyano.

Yinjije ibitsindo 34 mu nkino 91 za Argentine, ayiserukira mi bikombe vy'isi bine.

Maradona mu 2008

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Maradona yaranakoze akazi ko kumenyereza amakipe y'umupira w'amaguru

Maradona yashikanye igihugu ciwe mu rukino rwa nyuma mu gikombe c'isi co mu Butaliyano mu 1990, igihe batsindwa n'Ubudage bw'Uburengero, imbere y'uko asubira kuba kapitene mu gikombe c'isi muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1994, ariko aza gusubizwa muhira kubera gufata imiti yongera inguvu.

Mu muce wa kabiri w'ugukina kwiwe, Maradona vyaramugoye kwihanganira ikiyovyabwenge ca cocaine aranahagarikwa gukina amezi 15 nyuma yo gusanganwa mu maraso ico kiyovyabwenge mu 1991.

Yagiye mu bukukuruke mu mupira w'amaguru mu 1997, ku munsi yakwiza imyaka 37 y'amavuko, mu kiringo ca kabiri akinira ikipe ikomeye yo muri Argentine, Boca Juniors.

Maradona mu kwezi kwa gatatu 2020

Ahavuye isanamu, Jam Media

Insiguro y'isanamu, Uyu yahoze ari rutahizamu wo hagati wa Argentine akanaba umumenyereza yarabazwe ubwonko kandi bigenda neza

Nyuma yo kumenyereza igihe gito amakipe abiri muri Argentine igihe yari agikina, Maradona yagenywe kuba umumenyereza w'ikipe y'igihugu mu 2008 aca ava muri ako kazi nyuma y'gikombe c'isi co mu 2010, igihe ikipe yiwe yatsindwa n'Ubudage mu ca kane c'ihiganwa.

Mu nyuma yaje kumenyereza amakipe muri United Arab Emirates na Mexique, anamenyereza Gimnasia y Esgrima, ikipe ikomeye cane muri Argentine, gushika ku gihe c'urupfu rwiwe.