Messi yatowe nk’umukinyi wa mbere wa 2019 ku ncuro ya gatandatu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Lionel Messi, umusatirizi wa Barcelona niwe yatahukanye agashimwe k'umukinyi wa mbere wa FIFA mu mwaka wa 2019, imbere ya Christiano Ronaldo wa Juventus na Virgil van Dijk wa Liverpool.
Igize incuro ya gatandatu Messi atwaye ako gashimwe, inyuma y'aho agatahukaniye mu myaka ya 2009, 2010, 2011, 2012 na 2015.
Uyo mukinyi akomoka muri Argentine yafashije umurwi wiwe gutsindira ihiganwa rya Espanye, La Liga, wongera ushika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c'ihiganwa rya Uefa Champions League.
Ku ruhande rw'abagore naho, Megan Rapinoe wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika niwe yatahukanye agashimwe k'umukinyi mwiza ku ruhande rw'abagore.
Klopp nawe yatwaye agashimwe k'umumenyereza wa mbere
Ku ruhande rw'abamenyereza naho, Jurgen Klopp, umumenyereza wa wa Liverpool niwe yatwaye agashimwe k'umumenyereza wa mbere.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Liverpool yahejeje ari iya kabiri mw'ihiganwa ry'Ubwongereza Premier League n'amanota 97, ni mu gihe wari watahukanye igikombe ca Champions League utsinze Tottenham mu rukino rwa nyuma ku bitsindo 2-0.
Klopp yasumbije bagenziwe muri Premier League, Pep Guardiola wa Manchester City hamwe na Mauricio Pochettino wa Tottenham.
Klopp ati: "Ni ibintu bidasanzwe, mu myaka 20, 10, itanu canke ine iheze, nta muntu yiyumvira ko nshobora kuba mpagaze ng'aha uno munsi".
"Twese turazi igikorwa wewe [Mauricio Pochettino] wakoze n'ico Pep yakoze. Ndashimira bidasanzwe cane umurwi wa Liverpool".
Umurwi wa Liverpool umaze gutsinda inkino zose zitandatu umaze gukira kuva rino higanwa rya 2019-2020 ritanguye.
Liverpool yahawe kandi irindi teka ry'ukubona umunyegori wayo, umunya Brezili Alisson Ramses Becker atahukanye agashimwe k'umunyegori wa mbere kw'isi.
Yasumbije abanyegori Ederson Santana de Moraes wa Manchester City na Marc-André ter Stegen wa Barcelona.
Abakinyi cumi n'umwe b'umurwi wa FIFA
Muri ivyo birori vyaraye bibereye mu gisagara ca Milan, FIFA yanatangaje n'urutonde rw'abakinyi cumi n'umwe b'umurwi wa FIFA.
Abo nabo ni:
Umunyegori - Alisson (Liverpool/Brezili)
Abakinyi b'inyuma: - Matthijs de Ligt (Ajax na Juventus/Netherlands), Sergio Ramos (Real Madrid/Espanye), Virgil van Dijk (Liverpool/Ubuholande), Marcelo (Real Madrid/Brezili).
Abakinyi bo hagati - Luka Modric (Real Madrid/Croatia), Frenkie de Jong (Ajax na Barcelona/ Ubuholande), Eden Hazard (Chelsea na Real Madrid/Ububirigi)
Abasatirizi - Kylian Mbappe (Paris St-Germain/Ubufaransa), Cristiano Ronaldo (Juventus/Portugal), Lionel Messi (Barcelona/Argentina)











