Umumenyereza wa Tottenham Pochettino aripfuza gusubira gukina urukino rwa nyuma rwa champions league

Ahavuye isanamu, Reuters
Umumenyereza za Tottenham, Mauricio Pochettino, arizigiye ko abakinyi biwe bashobora gukora ibishoboka bagasubira gushika "mu rukino rwa nyuma vuba bishoboka".
Tottenham yaraye itsinzwe n'umurwi wa Liverpool ibitsindo bibiri ku busa mu rukino rwa nyuma rw'ihiganrwa ry'umupira rihuza imirwi yabaye iya mbere i Bulaya, rwabereye ku mugwa mukuru wa Espanye, Madrid . Nibwo bwa mbere yari ishitse kuri iyo ntambwe mu mateka yayo.
Pochettino yari yarerekanye amakenga kuri kazoza kiwe muri uwo murwi utarigera ugura umukinyi n'umwe kuva mu kwezi kwa mbere kw'umwaka wa 2018.
Avuga ati: "Igihe cose wama wipfuza gushika ku ntambwe nk'iyi. Nirwo rukino rwa mbere rukomeye inyuma y'igikombe c'isi yose".
"Igikenewe ni ukugerageza kandi ukizera, ugafata urugendo kugira ngo ushike kuri iyi ntambwe vuba bishoboka".
Mu rukino rwa nijoro, Tottenham batewe igitsindo ca mbere ku munota ugira kabiri w'urukino, inyuma y'umupira waterewe ku metero 11 (penalty) na Mohamed Salah. vyari bivuye kw'ikosa ryakozwe na Moussa Sissoko yateye umupira n'amaboko.
Tottenham yaragerageje gusatira kugira ngo irabe ko yogombora ico gitsindo ariko biranka, ibintu bikaba vyagiye kurangira kuri Tottenham umukinyi Divock Origi ateye igitsindo ca kabiri mu minota ya nyuma.

Ahavuye isanamu, EPA
N'aho Tottenham yatsinzwe, irafise ayandi mahirwe y'ugukina iryo higanwa, inyuma y'aho ihereje ihiganwa ry'Ubwongereza iri mu kibanza ca kane - inyuma ya Manchester City, Liverpool na Chelsea.
Pochettino ati: "Ndanezerejwe n'urugamba twakoze, n'ishaka ryinshi berekanye. Twabuze amahirwe gusa. Twaragerageje kurwana kandi twarerekanye umukino mwiza mu gice ca kabiri".
"Guterwa igitsindo urukino rugitangura ntivyari vyoroshe. Irya penalty ni ikintu kigoye kandi tutari twiteguriye".
"Biragoye kwibaza ko ushobora guterwa igitsindo inyuma y'umunota umwe. Ni ikintu kigoye kwihanganira - ariko biduha icigwa, ni nk'uko vyagendeye Liverpool mu mwaka uheze igihe itsindwa na Real Madrid".
Tottenham ntirigera ironka igikombe na kimwe kuva aho itsindiye igikombe c'ihiganwa ry'Ubwongereza (Coupe de la Ligue) mu mwaka wa 2008.

Ahavuye isanamu, Reuters
Eka na Pochettino ntarashobora gutsindira igikombe na kimwe kuva abaye umumenyereza, atanguranye n'imirwi ya Espanyol no muri Espanye na Southampton yo mu Bwongereza.
Arakeza umurwi wa Liverpool ariko akishimira kubona amenyereza umurwi wa Tottenham.
"Turababaye cane nivyo, ariko ndishimiye abakinyi banje. Inkino za nyuma ni ugutsinda, si ukwerekana ko uzi ugukina neza, si ukwerekana ubuhinga. Ubuhinga turabufise bukomeye, ariko uno munsi ntivyatugendeye neza, nta kundi".










