Ayavugwa mu mupira w’amaguru i Bulaya 06/08/2019: Zaha, Eriksen, Rooney, Pogba, Koscielny

Ahavuye isanamu, Getty Images
Everton yegeranije imiliyoni 100 z'amapawundi kugira ngo ishobore kugura umukinyi Wilfried Zaha w'imyaka 26 asanzwe akinira Crystal Palace, ishizeko abakinyi Cenk Tosun, umunya Turukiya akina imbere, be na James McCarthy, umunya Ireland akina hagati, bompi bafise imyaka 28. (Sun)
Uyo mukinyi mpuzamakungu Zaha wa Côte d'Ivoire yitezwe muri Everton mu mpera z'ikiringo c'igura n'igurishwa ry'abakinyi, Palace ikaba yitezwe kwemera kumutanga ku miliyoni 65 z'amapawundi. (Independent)

Ahavuye isanamu, Reuters
Juventus iriko itegura gutanga abakinyi batatu ikabaguza n'umukinyi wo hagati wa Manchester United Paul Pogba w'imyaka 26 asanzwe anakinira n'umurwi w'Ubufaransa. (Mirror)
Manchester United iri hafi yo gushika ku masezerano n'umukinyi Christian Eriksen wa Tottenham akomoka muri Danemark, inyuma y'aho umunya Portugali Bruno Fernandes w'imyaka 24 asanzwe akina muri Sporting Lisbon - uwundi yariko aronderwa na Man United - amenyeshereje ko yipfuza kwinjira muri Tottenham. (AS)
Tottenham iriko yitegurira ko imirwi y'i Bulaya itanga ibiciro vyo hasi ku mukinyi wo hagati Eriksen mu gihe uyo mukinyi w'imyaka 27 atoshobora kugurishwa imbere yo ku munsi wa kane aho ikiringo c'igura n'igurishwa ry'abakinyi muri Premier League kizoba kirangiye. (Telegraph)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Burnley iriko irondera umukinyi yahoze akina muri Man United kandi yabaye na kizigenza w'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza Wayne Rooney asanzwe akina muri DC United muri Amerika. Uyo mukinyi w'imbere w'imyaka 33 aherutse kugiriranira ibiganiro na Derby County imurondera nk'umukinyi n'umumenyereza. (Burnley Express)
Leicester City ntizoshobora kugura umukinyi w'inyuma Nathan Aké w'imyaka 24 muri kino kiringo c'igura n'igurishwa ry'abakinyi, mu gihe Bournemouth imushakako igiciro c'imiliyoni 75 z'amapawundi. (Sky Sports)

Ahavuye isanamu, BBC Sport
Arsenal yagerageje kwumvikana na kizigenza wayo Laurent Koscielny, ariko uyo mukinyi w'inyuma w'imyaka 33 yanse kujana na Arsenal mu nkino z'imyiteguro, yaranse ibiganiro. (Mirror)
Arsenal ishobora kuronderera muri RB Leipzig ku mukinyi w'inyuma w'Umufaransa Dayot Upamecano w'imyaka 20, mu kibanza c'umukinyi wa Juventus Daniele Rugani - ariko intambamyi ikaba ari igiciro c'imiliyoni 50 z'amapawundi imuronderako. (Mirror)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Wolves imaze gutanga igiciro c'imiliyoni 30 z'amapawundi isaba uyo mukinyi w'umutaliyano Rugani. (Times)
Norwich City iripfuza umukinyi w'Umwongereza Danny Drinkwater w'imyaka 29 asanzwe akinira Chelsea, aboneka nk'umuzigo i Stamford Bridge. (Mail)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bournemouth iri hafi gushika ku masezerano n'umurwi Liverpool, kugira ngo ushobore kuyitiza umukinyi wo ku ruhande Harry Wilson w'imyaka 22 akomoka muri Pays des Galles. (Mail)
Umukinyi w'inyuma wa Tottenham Jan Vertonghen w'imyaka 32 akomoka mu Bubiligi, ashimangira ko yishimiye kuguma muri uyo murwi w'i Londres, mu gihe asigaje umwaka umwe gusa ngo amasezerano afitaniye nawo arangire. (Goal.com)

Ahavuye isanamu, BBC Sport
Umukinyi wo hagati wa Manchester City, Fernandinho w'imyaka 34 akomoka muri Brezili, aremeza ko ashobora kuzokinishwa ku ruhande rw'inyuma mu nkino zimwe zimwe, inyuma y'aho haziye umukinyi Rodri w'imyaka 23 akomoka muri Espanye avuye muri Atletico Madrid. (Manchester Evening News)










