Haribonekeza ubukene bwa Amstel ndende na bock mu Burundi

Haraciye igihe mu Burundi hibonekeza ubukene bw'ikinyobwa ca Amstel ndende, hamwe na Amstel ngufi bita bock nk'uko abakunzi b'izi nzoga babivuga.

Abihereza ivyo binyobwa bavuga ko bisigaye ari umuzi w'ibuye, bikaba ngombwa ko bihereza Primus canke Royal badakunda, canke bakanywa za skol bavuga ko ziva mu gihugu c'u Rwanda, zigurishwa ku giciro kiri hejuru.

Umwe ati: "Si benshi bashoboye kwigurira skol kuko zirazimvye".

Hampande y'inzoga za Amstel, haranavugwa kandi n'ikena ry'amafanta yo mu bwoko bwa coca.

Ikompanyi Brarudi iremera ko izo nyobwa zikenye, ariko ko ikibazo kiri ahanini ku bakiriya b'umurengera muri kino gihe. Aho ni mu gihe hari abibaza ko vyoba bitumwa n'ikena ry'amafaranga y'agaciro.

Remy Ndayishimiye ajejwe kumenyesha amakuru mw'ihinguriro ry'inzoga Brarudi, aremeza ko iyo ngorane iriho ariko ko bakora ibishoboka kugira ngo bayitorere umuti.

Ati: "Mu gihe nk'iki, turonka abanywanyi b'umurengera, ariko Brarudi iriko irakora ibishoboka vyose kugira ngo ishobore gushimisha abakiriya bayo".

Kuva Uburundi bwinjiye mu ngorane za politike mu mwaka wa 2015, ibihugu biteye imbere bimwe vyahagaritse imfashanyo vyahora biha ico gihugu, ivyagize ingaruka mbi ku butunzi bwaco.

Ibanki y'isi ivuga ko mu 2015 ubutunzi bw'Uburundi bwagabanutse ku rugero rwa -3.9%, mu 2016 bukagabanuka ku rugero rwa -0.6%, mu 2017, ariko bukaduga kuri 0.5% nayo mu 2018 bukaduga kuri 1,6%.

Iyi banki ariko ivuga ko iri duga ryo mu myaka ibiri iheze ari rito cane ugereranyije n'ivyo igihugu gikenera, ikena rikomeye ry'amafaranga y'agaciro, ihagarikwa ry'intererano z'amakungu ivyo bikagira ingaruka mbi ku rudandazwa rw'ibiva hanze.