Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
U Burundi n'Ubufaransa bigira bisubire gufashanya, nyuma y'ingorane zo mu 2015
Ugufashanya hagati y'Ubufaransa n'u Burundi bigire bisubire nyuma y'aho bihagarikiwe mu 2015 kubera imvururu zakurikiye kwitoza kwa Prezida Nkurunziza.
Ico gihe ishirahamwe rya Buraya ryarafashe ingingo yo guhagarika imfashanyo kuri leta y'u Burundi, co kimwe n'ibihugu vya Buraya ukwavyo harimwo n'Ubufaransa.
Iyo ngingo ariko ntiratangazwa na leta n'imwe, yaba iy'Ubufaransa canke iy'u Burundi.
Nk'uko bivugwa n'igitangazamakuru co mu Bufaransa, RFI, vyavuzwe n'uwuserukiye u Bufansa mu Burundi, Delahousse Laurent, igihe yari yakiriye abantu iwe ku munsi mukuru w'igihugu c'Ubufaransa.
RFI ibandanya ivuga ko iyo mfashanyo igizwe no guha inyigisho intwazangabo z'igisirikare c'u Burundi, zikigishirizwa mu Bufaransa hamwe no mu yandi mashure ari mu bihugu vya Gabon na Senegal.
Ngo iyo mfashanyo kandi igizwe n'amafaranga angana imiriyoni 50 z'amadolari ya Amerika azokoreshwa mu gisata c'indero.
Igitangazamakuru RFI kibandanya kivuga ko naho ukwo gufashanya kugire gusubire, ibibazo biracariho vyerekeye agateka ka zina muntu nk'uko bivugwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Ngo ariko Ubufaransa buvuga ko ari mu ntumbero yo gushigikira intambwe nziza iriko iraterwa, na cane cane ko himirije amatora mu 2020, kandi Prezida Nkurunziza akaba yaratangaje ko atazokwitoza.