Umutoza Fernando Hierro wa Espanye yeguye

Ubwo yakinaga muri Real Madrid, Fernando Hierro yatwaye igikombe cya Champions League inshuro eshatu

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ubwo yakinaga muri Real Madrid, Fernando Hierro yatwaye igikombe cya Champions League inshuro eshatu

Umutoza Fernando Hierro watoje ikipe y'umupira w'amaguru ya Espanye mu gikombe cy'isi cy'uyu mwaka kiri kubera mu Burusiya yeguye ku mirimo ye, ndetse avuga ko atazasubira ku kazi yakoraga mbere k'umuyobozi ushinzwe ibya siporo mu ikipe y'igihugu.

Hierro yari yahawe akazi ko kuba atoza ikipe ya Espanye nyuma yaho uwari umutoza wayo Julen Lopetegui yirukaniwe habura iminsi ibiri ngo igikombe cy'isi gitangire.

Ariko mu mikino ya kimwe cy'umunani cy'irangiza, ikipe ya Espanye yatwaye igikombe cy'isi cyo mu mwaka wa 2010, yasezerewe kuri penaliti n'Uburusiya bwakiriye icy'uyu mwaka.

Nkuko ishyirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Espanye ryabitangaje, Hierro w'imyaka 50 y'amavuko yavuze ko yafashe umwanzuro wo "kugerageza amahirwe mu bindi".

Nyuma yo gusezererwa gutunguranye kwa Espanye mu gikombe cy'isi, Hierro yavuze ko ari we ukwiye kubazwa ukuba ikipe ya Espanye itarashoboye gukomeza.

Yagize ati: "Twese twagerageje gukora uko dushoboye ariko nyine umupira w'amaguru ni umupira w'amaguru."

Yongeyeho ati: "Sintekereza ko wavuga ko ikipe ya Espanye ibyayo birangiye. Gutsinda no gutsindwa ni ibintu bibaho."