Mu gikombe c'isi Ronaldo yatsinze ibitego 3 mu rukino rwa Portugal na Espagne

Umukinyi w'imbere wa Portugal Christiano Ronaldo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Christiano Ronaldo yagize urukino rwiza mu gikombe c'isi mu gutsinda ibitego bitatu afasha umugwi wiwe wa Portugal kunganya na Espagne.

Uwo mukinyi w'imbere wa Real Madrid yatsinze igitego kigira gatatu aburizamwo icizere ca Espagne co gutahukana intsinzi ku munota wa 88.

Inkuru yavuzwe cane ibabaje ku mugwi wa Espagne n'iyirukanwa ry'umumenyereza Julen Lopetegui imisi ibiri gusa imbere y'uko ihiganwa ritangura.

Ronaldo ni we yavuzwe cane muri urwo rukino.

Ni we yatanguye gutsinda kuri penalite ku munota wa kane imbere y'uko Diego Costa yishura ico gitego.

Diego Costa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ariko imbere yo kuja kuruhuka, umunyegoli wa Espagne David de Gea yakoze ikosa rikomeye, umupira utewe na Ronlado umuca mu myanya y'inoke aba aronse igitego ca kabiri.

Diedo Costa ni we yasubiye kwishura ico giyego inyuma y'iminota icenda igice ca kabiri gitanguye, imbere y'uko Nacho ashiramwo ica gatatu ca Espagne.

Ariko nk'uko vyama, Ronaldo ni we yari afise ijambo rya nyuma.

Cristiano Ronaldo

Uwo kizigenza w'umugwi wa Portugal yamae igice ca kabiri nka cose ata kintu akoze gikomeye, imbere ari imbere y'abakinyi bane ba Espagne atera mw'igoli aba atsine igitego ca gatatu ca Portugal catumye banganya na Espagne.

Mu nkino zari zatanguye, imigwi yo ku mugabane wa Afrika yari yatsinzwe.

Uruguay yari yatsinze Misri igitego kimwe ku busa mu minota ya nyuma, Maroc na yo itsindwa na Iran igitego kimwe ku busa nyene, ari bo biyinjije mu minota ya nyuma nyene.