Julen Lopetegui niwe yasubiriye Zidane muri Real Madrid

Ahavuye isanamu, Getty Images
Julen Lopetegui niwe yatowe gusubirira Zidane mu kumenyereza Real Madrid, ariko akaba yaciye ahagarikwa mu mabanga yo kumenyereza umugwi w'igihugu ca Espagne hasigaye iminsi ibiri ngo gihure na Portugal.
Umuyobozi w'igisata c'ikarashishi, Fernando Hierro niwe agiye gukurikirana umugwi w'igihugu mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose.
Real Madrid yatangaje ku munsi wa kabiri ko Lopetegui agiye gusubirira Zinedine Zidane ku kibuga ca Bernabeu, ku masezerano y'imyaka itatu.
Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ryo muri Espagne (RFEF) ryavuze ko ribuze uwo mugabo w'imyaka 51 kuko yagiye kwumvikana na Real "ata na kimwe amenyesheje RFEF.
Uwumusubiriye, Fernando Hierro yahora akina inyuma muri Real Madrid na Bolton Wanderers.
Ihiganwa ry'igikombe c'isi yose gitangura ku munsi wa kane, mu gihugu c'Uburusiya.
Umukuru wa RFEF, Luis Rubiales, yabwiwe ivy'uko Lopetegui agiye muri Real hasigaye iminota itanu ngo bishikirizwe, yavuze ko yishize mu mananiza.
"Ndazi ko ivyo nkoze bija kuvugwako cane," niko yabandanije avuga.
"Ndazi neza ko bino bigiye kudukomeza inyuma y'igihe. Ndakunda cane Julen, ndamwubaha cane. Ni umumenyereza wo hejuru ivyo bigatuma bigorana iyo hageze gufata ingingo.
"Ntushobora kugira ibintu ukwo, hasigaye iminsi ibiri canke itatu ngo ihiganwa ry'igikombe c'isi yose ritangure. Vyabaye ngombwa ngo dufate ino ngingo."

Ahavuye isanamu, EPA
Ku mwanya Lopetegui yaramaze mu mugwi wa Espagne, watsinze inkino 14 kuri 20, izindi zitandatu uranganya.
Urukino rwa mbere rwa Espagne rutegekanijwe ku munsi wa gatanu, uwo mugwi ukina na Portugal wa Cristiano Ronaldo.
Muri Espagne bakiriye gute iyo ngingo?
Ikinyamakuru El Mundo gifata ivyabaye nk'"ibitwengeje mu kubona Lopetegui na Rubiales bamara ijoro ryose bumviriza ivyiyumviro vy'abantu, ariko mu mutwe ingingo yo kumwirukana".
Ikinyamakuru AS kivuga ko ivyabaye ari nka "nyamugigima".
El Pais co kivuga ko umumenyereza atarakwiye kwatsa umuriro hasigaye amasaha ngo atanguze urukino rwa mbere.










