Zidane aravuye mu mugwi wa Real Madrid

Ahavuye isanamu, Reuters
Zinedine Zidane yamenyesheje ko atanze imihoho mu mabanga yo kumenyereza Real Madrid, inyuma y'imisi mike atwaye igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo.
Zidane yabwiye abamenyeshamakuru ko ibintu vyose vyahindutse kandi ko ari co gituma afashe iyo ngingo.
Yagize ati: "Ico nibaza n'uko uyu mugwi ukeneye kubandanya utsinda ariko nibaza ko ukeneye impinduka, irindi jwi, ubundi buhinga. Ni yo mpamvu nafashe iyi ngingo".
Zidane w'imyaka 45 yari yasubiriye Rafael Benitez yirukanywe akaba yari amaze kugaragara mu nkino 149.
Yafashije Real gutsinda inkino 104, anganya incuro 29, atsinda ku bice 69.8% hanyuma atsindira ibikombe 9.

Ahavuye isanamu, AFP
Mu kwezi kwa kabiri, Zidane yari yavuze ko azokinjura n'iyabona "ataco asigaje gukora".
Ariko, igihe atoye mu kumenyesha iryo kinjura ribabaje benshi inyuma y'imisi mike Real itsinze Liverpool 3-1 mu rukino rwa Champions League.
Inyuma y'intsinzi i Kiev, Zidane yagize ati: "Uyu ni umugwi umaze gutwara ibikombe 13 vya Buraya, ndanezerewe kubona narabigizemwo uruhara.
"Tugiye kwiyumvira ivyo twashitseko, reka twigine uyu mwanya ubwa mbere. Iki ni co gikomeye gisumba ibindi vyose ubu."
Akiri umukinyi, Zinedine Zidane yatsindiye ibikombe vyose bishoboka mu buzima bw'umukinyi w'umupira w'amaguru.










