Ubudagi buracafise amahirwe yo kuja mu gice ca 16 gishira ica nyuma

Umugwi w'igihugu c'Ubudagi uheruka gutwara igikombe mu 2014 uracafise amahirwe yo kwinjira mu gice c'umunani inyuma yo gutsinda umugwi wa Suède ubanje kuwubiza icuya ku bitsindo 2-1.
Muri urwo rukino rwabereye ku kibuga ca Sochi ku munsi wa gatandatu, abadagi bari basigaye ari cumi gusa mu kibuga, binjije igitsindo ca kabiri mu minota ya nyuma y'igice ca kabiri, igitsindo cinjijwe na Toni Kroos ku munota wa 95.
Abo bakinyi bamenyerezwa na Joachim Low baronse amanota atatu mu mikino ibiri, bakaba banganya na Suède, ariko bakaba inyuma ya Mexique yabatsinze ku manota atatu inyuma yaho itsindiye Korea Yepfo 2-1 mu rukino rwatanguye.
Ubudagi buzoca buhura na Korea Yepfo ku munsi wa gatatu, mu gihe umugwi wa Mexique ari nawo wa mbere uzoba uhura na Suède uwo munsi nyene.






