Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Impuzu Nigeria izambara mu gikombe c'isi zose zagurishijwe inyuma y'aho abantu imiliyozi 3 bazirondereye.
Nigeria ntawiyumvira ko yotwara igikombe c'isi ariko biboneka ko ari bo bafise abakunzi benshi uravye ingene bagura impuzu zabo nshasha.
Abakunzi ba Nigeria bashika imiliyoni 3 baramaze gusaba izo mpuzu nk'uko bivugwa n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Nigeria, abagura na bo bakaba baratonze imirongo miremire imbere y'iduka ya Nike mu gisagara ca Londres ku musi wa gatanu kugira bashobore kugura izo mpuzu.
Iyo mipira yariko iragurishwa amapawundi 64.95 zagurishijwe ku rubuga rwa Nike inyuma y'umwanya muto zisohotse.
Umukinyi wo hagati wa Arsenal Alex Iwobi ni umwe mu baguze izo mpuzu zerekanywe incuro ya mbere mu kwezi kwa kabiri, hamwe n'umukinyi wa Leicester Wilfred Ndindi, yambaye inkofero n'ikoti kw'ifoto ry'amakompanyi agurisha izo mpuzu.
Nigeria yambaye izo mpuzu nshasha igihe yahura n'Ubwongereza mu rukino rwa kivandimwe ku kibuga ca Wembley kuri uyu wa gatandatu mw'ijoro.