Salah umukinyi wa mbere w'uno mwaka muri Premier League

Mohamed Salah yinjije ibitsindo 31 muri Premier League, 11 muri Champions League na 1 muri FA Cup uno mwaka

Ahavuye isanamu, Premier League

Insiguro y'isanamu, Mohamed Salah yinjije ibitsindo 31 muri Premier League, 11 muri Champions League na 1 muri FA Cup uno mwaka

Umukinyi w'imbere wa Liverpool Mohamed Salah niwe yegukanye agashimwe ka Premier League, k'umukinyi wa mbere mwiza uno mwaka.

Uwo mukinyi w'imyaka 25 ari no mu mugwi w'igihugu ca Misiri, yinjije ibitsindo 31 ku nkino 37 za Premier League mu mwaka wa mbere akinye avuye muri AS Roma ku mahera imiliyoni 34 z'amapawundi.

Ni yaramuka yinjije mu rukino rwa nyuma bazohuramwo na Brighton ku munsi wa Mungu, azoba agiye hejuru umukinyi yaramaze kwinjiza vyinshi mw'ihiganwa, yagize ibitsindo 31 ku nkino 38.

Salah yaheruka gutahukana akandi gashimwe k'ishirahamwe ry'abanditsi ku vy'umupira w'amaguru "Football Writers' Association".

Mu gihe atotsinda ku munsi wa Mungu, abo bazoba banganya ibitsindo 31 ku nkino 38 ni: Alan Shearer (Blackburn Rovers, 1995-96), Cristiano Ronaldo (Manchester United, 2007-08) na Luis Suarez (Liverpool, 2013-14).