Mohamed Salah yasubiye kwenurira abandi ku dushimwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi w'imbere wa Liverpool Mohamed Salah yatowe n'ishirahamwe ry'abanditsi b'inkuru z'inkino nk'umukinyi mwiza w'uyu mwaka wa 2018, aba Umunyafrika wa mbere aronse ako gashimwe.
Umukinyi wo hagati wa Manchester City Kevin de Bruyne aza mu kibanza ca kabiri, mu kibanza ca gatatu na ho haza Harry Kane wa Tottenham.
Salah w'imyaka 25 yatsinze ibitego 31 mu nkino 34 yakiniye umugwi wa Liverpool muri uyu mwaka.
Uwo mukinyi nserukiragihugu wa Misri- ari we atsindiye ako gashimwe ubwa mbere- yaratsindiye kandi agashimwe k'ishirahamwe ry'abagize umwuga umupira w'amaguru mu kwezi kwa kane.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi nserukiragihugu w'Ubwongereza na Chelsea Fran Kirby yatahukanye agashimwe gatanzwe ubwa mbere ka FWA k'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu bigeme.
Salah yatsinze ibitego 43 mu mahiganwa yose inyuma yo kugurwa imiliyoni 34 z'amapawundi avuye mu mugwi wa Roma mu ci riheze.
Uwo yahoze akinira Chelsea na Basel yatsinze ibitego bibiri mu rukino rwa mbere rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma rw'igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo mu rukino rwabahuje n'umugwei yahoze akinira wa Roma ku kibuga ca Anfield mu ndwi iheze.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abakinyi bamenyerezwa na Jurgen Klopp bazoja gukina urukino rwo kwishura ku kibuga ca Olimpico ku musi wa gatatu, mu rukino rwa mbere bakaba bari batsinze ibitego 5-2.
Bandi bakinyi bari ku rutonde rw'ahiganirwa ako gashimwe ni: Sergio Aguero (Man City), Christian Eriksen (Tottenham), Roberto Firmino (Liverpool), Nick Pope (Burnley), David Silva (Manchester City), Raheem Sterling (Man City) and Jan Vertonghen (Tottenham).










