Mo Salah yakoze ibikomeye aho Liverpool yatsinda AS Roma 5-2

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukino udasanzwe wa Mohamed Sarah wafashije Liverpool gutsinda mu rukino rwa mbere rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma mu migwi yabaye iya mbere i Buraya- ariko ibitego 2 vya Roma vyahaye ikizere uwo mugwi mu rukino ruzokurikira.
Umugwi wa Liverpool washitse mu gice ca nyuma mu 2007, baraciye ku bakinyi b'inyuma ba Roma banabatsinda ibitego bitanu vyose mu minota 68 ku kibuga ca Anfield.
Salah ubu amaze kwinjiza ibitego 43 kuva ashitse muri Liverpool avuye mu mugwi wa Roma, yinjije ibitego bibiri, anafasha kwinjiza ibindi bibiri.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Yatsinze igitego ciza cane ca kabiri umunyegoli Alisson.
Salah mu nyuma yararonse umupira aracenga imbere yo kuwuhereza Sadio Mane aca yinjiza igitego kigira gatatu, imbere y'uko ahereza uwundi mupira nk'uwo umukinyi w'imbere Robert Firmino yaciye atsinda igitego ca kane.

Ahavuye isanamu, PA
Liverpool yabaye umugwi wa kabiri utsinze ibitego bitanu mu rukino rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma rw'iigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya, igihe Firmino yatsinda n'umutwe umupira utewe na James Milner.
Mu gihe umugwi wiwe wari umaze gutsinda ibitego 5-0 mu minota 68, umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp yasubirije Salah, AS Roma ica iragombora ibitego 2 vyose, ica ironka icizere mu rukino rwo gusubiza ruzobera ku kibuga ca Olimpico.
Eden Dzeko ni we yatsindiye umugwi wiwe igitego ca mbere ku mupira ahawe na Radja Nainggolan, mu nyuma Diego Perotti, yinjiza penalite inyuma y'aho Milner akoreye ku mupira n'amaboko.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ubu Roma itegerezwa gukoresha uburyo bwose kugira itsindo 3-0 mu Butaliyano kugira bashike mu gice ca nyuma c'ico gikombe.
Mu ndwi zibiri ziheze Roma yaranyagiye umugwi wa mbere muri Espagne, Barcelone ibitego 3-0, mu gihe mu rukino rwa mbere Barcelone yari yabatsinze ibitego 4-1.

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, EPA
Mu gihe boshobora gutsindira Liverpool iwabo, bazoca baja mu rukino rwa nyuma ruzobahuza n'umwe mu migwi uzoba watsinze hagati ya Bayern Munich na Real Madrid, baza guhura ku wagatatu mu rundi rukino rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma.
Uretse ivyo bitego vyatsinzwe na Roma mu gice ca kabiri, umukinyi wo hagati wa Liverpool Alex Oxlaide-Chamberlain yaravunitse aca ava mu kibuga ubwo nyee.
Umumenyereza Jurgen Klopp avuga ko uwo mukinyi ashobora kuba yarababaye cane.










