Ancelotti: Arsene Wenger akwiye gushimirwa

Umumenyereza w'umugwi wa Bayern Munich, Carlos Ancelotti, avuga ko yubaha cane umumenyereza Arsene Wenger, akavuga ko uwo mumenyereza ashobor gusezerana n'ingorane zari zimugeramiye muri iyi misi.
Ugutsindwa cane mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza kwatumye hagwirirana urukurukuru kuri kazoza k'uwo mufaransa mu mugwi Arsenal, mu gihe bamwe mu bakunzi b'uwo mugwi basaba ko yokinjura.
Ancelotti avuga ko Wenger akwiye gushimirwa ku kazi yaranguye.
Uwo mumenyereza w'Umutaliyano avuga ko "Asize iragi ry'ubuhinga bwo gukina umupira".
"Wenger aramenyereye ko mu kazi kacu ari ibisanzwe kunebagurwa."

Kubera ivyo, nta kibazo afise. Ndashima cane akazi yakoze mu mugwi wa Arsenal".










