Ikumira mu mupira w'amaguru ryariyongeye mu Bwongereza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ikumira rishingiye ku rukoba rikoregwa abakinyi mpuzamakungu mu gihugu c'Ubwongereza ryariyongeye ku bice 53% ku mwaka, nkuko ikigo giharanira amangane Kick It Out kivuga.
Iryo kumira ryibonekeje incuro 197 ku mbuga hwaniro, incuro 194 mu nkino z'abanyamwuga mu mupira w'amaguru, na 78 mu mahiganwa mato mato.
Ku vyibasiye abanyamwuga mu mupira w'amaguru, igice cibonekeje cane mw'ihiganwa Premier League, ica gatatu mw'ihiganwa "English Football League".
Roisin Wood, arongoye ikigo Kick It Out, yavuze ko ibitigiri vyatowe "vyerekana ko ikumira rigihari".
Muri rusangi haharuwe inyifato 469 z'ikumira mu nkino z'umupira mu Bwongereza, iba yiyongeye 16.7%.
Ivyo vyibonekeje ku mbuga hwaniro, mu nkino z'abanyamwuga no mu mahiganwa y'intango.
Abafana nibo benshi berekanye iyo nyifato mu nkino z'abanyamwuga, ahandi 12 ababikoze ni abakinyi, abamenyereza canke abakozi bo mu migwi.
Ku gice c'iyo nyifato mu 2016-17 -48% yari ishingiye kw'ikumira ry'urukoba, ahandi igashingira ku gitsina no kw'idini.










