Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ikipe ya Cameroun yakiriwe bwa gitwari ishitse muhira
Ikipe y'umupira w'amaguru nserukiragihugu ya Cameroun yakiranywe igishika cinshi nyuma yo gutsindira igikombe c'ihiganwa rya Afrika.
Kapitene wayo, Benjamin Moukandjo niwe yari afise ico gikombe agifatiye hejuru igihe bava mu ndege.
Isinzi ry'abantu barengewe n'umunezero bahobereye abakinyi ku kibuga c'indege ca Yaounde.
Abashikiranganji muri leta nabo bari bashitse ku kibuga c'indege kwakira iyo kipe.
Cameroun yari yabanje kwinjizwa kimwe ejo kuwa Mungu ariko irivyukiranya yinjiza bibiri, itsinda Misiri mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa rwari rubereye ijisho cane muri Gabon.
Iki kibaye igikombe ca Afrika kigira gatanu Cameroun itahukanye.