Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Australian Open 2017: Venus na Serena Williams barahura ku ncuro y'icenda muri Grand Slam
Venus na Serena Willimsbarahura mu rukino rwa nyuma rwa Grand Slam incuro y'icenda, inyuma yo gutsinda igice ca kabiri gishira ica nyuma i Melbourne.
Venus w'imyaka 36 ari mu kibanza ca 13, yatsinze mugenzi we wo muri Amerika Coco Vandeweghe 6-7(3-7) 6-2 6-3 mu gushika mu rukino rwa mbere rwa nyuma mu 2009.
Na yo mwenewabo Serena w'imyaka 35, ubu aza mu kibanza ca kabiri kw'isi yakuyemwo umucroate Mirjana Lucis-Baroni ku 6-2 61 mu gice ca kabiri gishira ica nyuma ubugira kabiri.
Serena agerageza gutsinda ubugira 23 mu nkino za Grand Slam akina wenyene.
Bwoba kandi bubaye ubugira indwi Serena Williams atsinda inkino za Australia Open, mu gihe mwenewabo yizeye gutahukana itnsinzi igira umunan, ubwa mbere i Melbourne n'imwe kandi kuva i Wimbledon 2008.
Ku wa gatandatu ruzoba rubaye urukino rwa nyuma rwa Grand Slam bahuriyemwo kuva mugwa Wimbledon 2009 aho Serena yatahukanye intsinzi mukuru we adakozemwo.
"Birasiga ubwenge uravye Serena ingene akina tennis - uburyo ukupota umupira n'ingene azi guhiganwa," uko ni ko Venus Williams yavuze inyuma y'igice ca kabiri gishira ica nyuma ca mbere.
""Ni nk'indoto kumubona ari mu kindi gice c'ikibuga ku musi wa gatandatu."
Ashikiriza ijambo ahejeje gutsinda, Serena yavuze: "Ndashimishwa cane na Venus - ni intangarugero. Aranezereza cane kandi kuja mu rukino rwa nyuma twesen'ico twese twarota.
"Ni we muntu ambangamira cane, nta muntu n'umwe arantsinda nka Venus.
"Numva, ntaravye intsinzi umwe wese amaze kuronka, ndazi ko umwe muri twebwe ategerezwa gutsinda iri higanwa."