Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Manchester United yirukanye Louis van Gaal
Manchester United yirukanye umutoza wayo, Louis van Gaal, mu gihe bivugwa ko Jose Mourinho wirukanywe muri Chelsea umwaka ushize ariwe ugomba kumusimbura.
Uyu mugabo wo mu Buholandi agiye amaze gusa imyaka ibiri kuri itatu y'amasezerano y'akazi yagiranye na Manchester United.
Kuwa gatandatu BBC yari yatangaje ko umukino Manchester United yatsinzemo Crystal Palace igatwara igikombe cya FA ariwo mukino we wanyuma ari umutoza wayo.
Bizemezwa ko Jose Mourinho abaye umutoza wa Manchester United kuwa kabiri amaze guhura n'abayobozi bakuru b'iyi kipe.