Kenya: Igipolisi carashe ivyuka bikoroza amosozi ku bari mu myiyerekano

Ahavuye isanamu, Reuters
Igipolisi carashe ivyuka bikoroza amosozi ku mugwa mukuru mu kwirukana abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza reta.
Hagati mu gisagara amaduka menshi ntiyuguruye. Imyiyerekano yabaye kandi mu bisagara bindi harimwo Mombasa na Kisumu.
Amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu avuga ko kuva hadutse iyi myiyerekano yo kwiyamiriza integuro y’ibwirizwa rigenga amafaranga reta izokoresha, abajejwe umutekano bamaze kwica abantu 39.
Perezida William Ruto yaramaze guhagarika iduzwa ry’amakori ryari muri iyi nteguro, ariko iyi myiyerekano yahindutse iyo kumusaba gutanga imihoho no kwiyamiriza ubugome bw’abapolisi.
Mu gisagara ca Mombasa, amamodoka aboneka ariko arasha mu gihe abari mu myiyerekano batana mu mitwe n’abapolisi.
Ikinyamakuru Daily Nation kivuga ko imishamirano yabereye i Nairobi yatumye abacamanza bahagarika ibikorwa vyo kuburanisha muri sentare imwe yo muri iki gisagara.
Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka muntu, Kenya National Commission on Human Rights (KNCHR), uvuga ko abenshi mu bari mu myiyerekano bapfuye bishwe ku wa kabiri igihe abashingamateka bariko baremeza iyi nteguro yiyamirizwa.
Abantu 19 bishwe i Nairobi, 22 nabo bicwa mu bindi bice vy’igihugu, nk’uko itangazo uno murwi wasohoye ku mugoroba w’ejo ku wa mbere ribivuga.
Rivuga kandi ko 361 bakomeretse, 32 nabo baburwa irengero, nayo 627 bakaba barahagaritswe.
Ishirahamwe Amnesty International rivuga ko abari mu myiyerekano 24 bishwe. Imbere y’aha, igipolisi cari cavuze ko igitigiri c’abapfuye cari 19.
KNCHR iriyamiriza “yivuye inyuma ubu bugome bwakorewe abari mu myiyerekano, abavuzi, abanyamategeko, abanyamakuru hamwe no ku bibanza vyizewe nk’amasengero, ibibanza vy’ubutabazi hamwe n’amamodoka y’ubutabazi”.
Ivuga ko inguvu zakoreshejwe ku bari mu myiyerekano “zari zirenze urugero”.
Mu kiganiro n’abanyamakuru ku wa Mungu, Perezida Ruto avuga ko igipolisi “cakoze neza uko gishoboye kwose”.
Yongeyeko ko “nimba vyarashitse kigakoresha inguvu zirenze urugero” bazobikurikirana “biciye mu nzira zisanzwe zihari”.













