Kuki abantu bihaye amabarabara muri Kenya?

Insiguro ya video, Kenya ihanganye n'ikinogo c'ideni ry'amahera, ivyateye ubukene mu gihugu.
Kuki abantu bihaye amabarabara muri Kenya?

Abantu barenga 160 bariko bavurirwa mu bitaro bikuru vy’i Nairobi vyitiriwe Kenyatta.

Muri ivyo bitaro, n'imiburiburi hacikaniye abantu 3, inyuma y’imyiyerekano y’abiyamiriza integuro y’itegeko rigenga amahera leta ikeneye mu 2024.

Ni integuro itashimishije aba nye Kenya benshi, cane cane abakiri bato, b’urunganwe ‘Gen Z’.

Iyo nteguro igamije kuduza amikoro naho hari impari ku ma tagisi.

Kenya - imyiyerekano: Kenya ihanganye n'ikinogo c'ideni ry'amahera, ivyateye ubukene mu gihugu.
Insiguro y'isanamu, Kenya - imyiyerekano: Kenya ihanganye n'ikinogo c'ideni ry'amahera, ivyateye ubukene mu gihugu.