Imvo n'Imvano kw'ihagarikwa rya internet mu gihe c'amatora

Insiguro y'amajwi, Imvo n'Imvano kw'ihagarikwa rya internet mu gihe c'amatora
Imvo n'Imvano kw'ihagarikwa rya internet mu gihe c'amatora

Ndabaramukije nongera ndabaha n'ikaze muri iki kiganiro c'Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 14 ukwezi kwa kabiri mu 2026.

Mu kiganiro c'uyu musi turabira hamwe ikibazo co guhagarika internet mu gihe c'amatora.

Ni ingendo imaze gufatwa n'ubutegetsi mu bihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika. Mu kwezi kwa mbere reta muri Uganda yaraciye internet hasigaye iminsi ibiri ngo amatora abe, igarukanwa haheze iminsi itanu. No mu matora yo mu 2021 ni ko vyari vyagenze. Tanzania na yo yarabikoze mu matora yo mu mwaka uheze.

Biramaze gukorwa no mu bindi bihugu nka Sénégal, ariko Ethiopia ni yo iza kw'isonga mu bihugu bica internet cane, aho yabikoze incuro 30 hagati ya 2016 na 2024.

Mu matora aheruka, igihugu ca Uganda cavuze ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo gucungera umutekano, kwirinda ubusuma bw'amatora no kwanka ko hakwirakwizwa amakuru y'ibinyoma. Insiguro zisa n'izo ni zo zatanzwe na reta ya Tanzania mu matora yo mu kwezi kw'icumi mu mwaka uheze.

Wiyamiriza ihagarikwa rya internet mu gihugu ca Tanzania, umugwi ujejwe agateka ka zina muntu mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika, waribukije akamaro ka internet mu guteza imbere agateka ka zina muntu muri Afrika, cane cane ko, kugira amatora abe mu mwidegemvyo, ata ho yegamiye kandi yemerwe n'impande zose, abatoye bategerezwa kugira uburenganzira bwo kumenya amakuru ku kungene ibintu bigenda birakurikirana mu matora.

Mu ngingo ya 580 iraba internet n'amatora muri Afrika, uwo mugwi uhamagarira ibihugu bigize Ubumwe bwa Afrika gufata ingingo zisunze amategeko kugira abantu bose bashobore gukoresha internet imbere y'uko amatora aba, ariko araba n'inyuma ya yo, na cane cane mu kuraba ko ibigo biyitanga bibandanya kubikora bitayigabanije kandi idahagaze na rimwe.

Kuba bimwe mu bihugu vyirengagiza ingingo nk'iyi yo mw'ishirahamawe bihurikiyemwo ry'Ubumwe bwa Afrika bisigura iki? Iryo shirahamwe rirafise ububasha bwo kwubahiriza iyo ngingo?

Imvo zitangwa n'ama reta mu guca internet mu gihe c'amatora ni zo koko?

Bifise iyihe ngaruka kuri demokrasi no ku bundi burenganzira? Inkurikizi ishobora kuba iyihe?

Ibi ni bimwe mu bibazo tugiye guca hirya no hino muri kino kiganiro mugiye gushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.

Muri kino kiganiro tugiye kuba hamwe na Anschaire Nikoyagize, arongoye ishirahamwe ryo mu Burundi riharanira agateka ka zina muntu, Ligue Iteka.

Turi kumwe kandi na Zenon Ndayisenga, umusesenguzi akaba n'umwigisha muri Kaminuza ya Wits i Johannesburg muri Afrika y'Epfo.