Imvo n'Imvano ku mugenzo wo guca imyeyo
Ndabaramukije nongera ndabaha n'ikaze muri iki kiganiro c'Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 28 ukwezi kwa kabiri mu 2026.
Muri iki kiganiro turabira hamwe ivyerekeye umugenzo uri mu bihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika wo guca imyeyo. Bamwe barashigikira uwo muco abandi bakawiyamiriza.
Kuri bamwe, uyu ni umugenzo mwiza ushingiye ku muco udakwiye guhebwa ugamije gutegura umwana w'umukobwa mu mabanga y'abashakanye.
Ku bandi, nk'amashirahamwe aharanira agateka k'abakenyezi, uwo mugenzo bawufata nk'ihohoterwa rikorerwa abana b'abakobwa kuko ngo baba bakiri bato, bakaba bataba batanze uburenganzira bwo gukora ku mibiri yabo.
Uwo mugenzo uri cane cane mu bihugu nk'Urwanda, Uganda, Zambia na Mozambique. Mu bindi bihugu nk'Ubwongereza, igikorwa nk'ico kirahanwa n'amategeko.
Ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi (OMS/WHO) rishira uyu mugenzo mu rwego rwa gatanu rw'ibikorwa vyo guca/gukata no guhindura igitsina c'umugore canke umukobwa, bizwi nka 'Female Genital Mutilation' (FGM).
Muri iki kiganiro turaca hirya no hino ivyerekeye uyu mugenzo twishimikije insiguro y'ababigwanya hamwe n'ababishigikiye. Muri kumwe na Cyriaque Muhawenayo.
Muri iki kiganiro rero tugiye kuba hamwe n'Abanyarwandakazi Gerry Mugwiza, impirimbanyi iharanira ko imico nyarwanda ikomezwa (ibandanya) akaba n'umuvuzi w'imiti gakondo, hamwe na Alice Kanyana wo mu rugaga rwa HDI (Health Development Initiative).


