Guhuza ibitsina: "Hari abagabo bibaza ko nsoba mu gitanda" - Fanta, umugore w'iriba

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Isidore Kouwonou
- Igikorwa, Journaliste -BBC Afrique
- Yakoze inkuru ari, Dakar
***Muragaba, bimwe mu bisigurwa n'ibivugwa bishobora kugutera amasoni
Uko umugore asohora amazi mu gihe c'imibonano mpuzabitsina bigenda bitandukana kuri uyu canke uriya. Kuri bamwe bamwe ntibinagaragara, ku bandi ugasanga ni meshi cane. Abagore basohora menshi rimwe rimwe birabatera amasoni.
Ni ikitavugwa. Cane cane muri Afrika, nta n'umwe yubahuka kubivuga ku mugaragaro. Mbere ibiganiro ku guhuza ibisina biba gake mu miryango yo muri Afrika.
Ni gake mbere kubona umugore yiyemera avuga ingene guhuza igitsina bimugendera hamwe n'ayandi mabanga bijanye.
Ariko Fanta, izina twamuhaye kugira ntamenyekane, umugore w'imyaka 38 yavuganye na BBC aba i Lomé muri Togo, arabivuga ata masoni kandi yisanzuye. Kuri we, hari kera aho batinya kubivuga.
"Nta kintu kihari co kwiyagiriza mu gihe guhuza ibitsina no kwumva uburyohe biri mu bintu vy'ibanze nkenerwa mu buzima bw'umuntu," uko ni ko avuga n'ijwi ryo gutebura ryerekana uko asanzwe ameze.
"Mumenyeshamakuru, ndi umugore, ndasohora amazi menshi iyo negereje canke ngira ndangize, ndavyemanga," uko ni ko uwo mugore akiri muto atagira umugabo ariko afise umwana umwe yatubariye.
"Ni vyo mu ntango vyari bigoye, sinatahura ibinshikiye, cane cane abagabo bamwe bamwe banyinuba badatahura ingene biryoshe kuryamana n'umugore ameze nkanje".
Ariko uko umwanya ugenda, yagiye yikuramwo ayo masoni, kuko "kubera abaganga, natinze ntahura ko ari impano abandi bagore badafise".
Ariko ushobora kwumva amasoni mw'ijwi ryiwe ariko arakubwira ingene abagabo bamwe bamwe babona ico yita impano y'Imana (gusohora amazi).
Abandanya agira ati: "Gushika ubu, hariho abagabo bibaza ko nsoba mu gitanda. Ikijisho bakuraba muhejeje guhuza ibitsina, mwese mwaryohewe, kirababaje."
Ariko Fanta avuga ko yumva ahimbawe aryamanye n'abo bandi bagabo, kubera amatsiko, "bakunda uko meze kandi bakunda kumbona no kwihweza ingene ayo mazi ariko aramvamwo, n'aho igitanda cabo cotota.
"Hariho abo, iyo ico gihe kigeze, baca bamvako kugira baryoherwe n'ukuraba ico kirori. Ndemera ko ivyo bituma baryoherwa gusumba gusumba, uburyohe bukabandanya hagati yacu".
Hari abagore benshi bameze nka Fanta, ariko ntibubahuke kubivuga kubera ingene baca babishiramwo [kwishiramwo] canke gutinya amaso y'abantu. Ikivyemeza, vyaratugoye kugira turonke uwo mugore akiri muto yemeye kubitubwira.
Benshi mu bahinga, cane cane abo ibijanye n'imibonano mpuzabitsina [Sexologues] twavuganye ku vyerekeye iyi nkuru, ntibashoboye kugondoza abaje kubitura ngo bemere kuvugisha umumenyeshamakuru.
Ariko none abahinga bavuga iki kuri ivyo bintu?
Umugore w'amazi bisigura iki ?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Birashoboka ko hariho abatarabimenya. N'abagore bararangiza. Ugusohora ku mugore rero n'ukurekura amazi mu gihe yegereje canke mu gihe co kurangiza.
Ku bagore benshi, ayo mazi asohoka ari make. Ariko ku bandi, aba ari menshi cane, akirasa ari menshi gushika nko kuyangana na 300 ml (hafi ica gatatu c'iritiro), nk'uko bivugwa n'abahinga ku magara y'abagore.
Ni na ho havuye ijambo "femme fontaine" [umugore w'iriba]. Nk'uko bivugwa na Dr Vanessa Adrienne Kouatchouang Njewel, umuganga w'ibijanye n'imibonano mpuzabitsina, umuganga w'amagara y'abantu mu karere k'ubuvuzi ka Bangue i Douala mu gihugu ca Cameroun, umugore w'iriba bisigura "umugore, mu gihe c'ukuryoherwa cane (canke ariko ararangiza), arekura amazi menshi.
Uwo muganga agira ati: "Ni nk'uko umubiri wiwe woba uriko uramubwira 'Uragaba, birarenze urugero!' mu gihe ariko ararangura imibonano mpuzabitsina. Ivyo kenshi bijana n'uburyohe bwa cane."
Yongerako ko ubwo buryohe bugenda butandukana ku mugore ku wundi kuko umubiri wose ufise uko umera iyo uwukuyakuye, ivyo rero co kimwe n'ibindi bijanye no guhuza ibitsina, birisa kuri buri mugore.
"Bamwe bavyumva nk'umupfunda w'uburyohe burenze, mu gihe abandi bumva barengewe n'uburyohe bukwi na bukwi ata n'isano bifitaniye no kurangiza. Ubwo buryohe rero bushobora guhindagurika: kuri umwe, ubwo buryohe bushobora kuba kwumva ingene uriko uraryoherwa, ku wundi umubiri ukigeza gutyo mu buryo busa n'uko atawumenya ingene bije".
Rero n'ico kinyegezwa abagabo bamwe bamwe badatahura, abandi bashaka kumenya, bakipfuza abagore bafise amazi nk'uko Fanta abivuga.
Kuvyibonako ubwa mbere, amasoni n'uburyohe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abahinga barahuza mu kwemeza ko gusohora amazi atari mvukanwa ku mugore. Uko imisi igenda ni ko umugore agenda avyibonako, kandi kenshi na kenshi, ntibihimbaye kubibamwo mu ntango.
Dr Kouatchouang Njewel agira ati: "Uko bimaze kugaragara, benshi mu bagore bashobora kubibona uko bagenda bakora imibonano mpuzabitsina, urugero baryoherwamwo n'ingene biyumva ku giti cabo. Si ibintu vyiharijwe n'abagore bamwe bamwe, ahubwo ni inyishu ishobora kuva ku bituma nko kubaho neza, kuruhuka hamwe n'urugero rwo kubishuhira."
Fanta, akora akazi k'imibonano mpuzabitsina, yagiye kuvyibonako ashikanye imyaka 30, n'aho yatanguye ako kazi akiri muto. Ivyo bikaba bisigura ko yatanguye gukora imibonano mpuzabitsina akiri muto cane, ariko ntiyamenya ko afise amazi.
Fanta agira ati: "N'aho maze kuryamana n'abagabo benshi mu buzima bwanje, nagiye kubona ivyo bintu kuri jewe ntevye cane. Hari igihe naja Accra tujanye n'umuntu w'umugabo. Bwari bubaye ubwa mbere kandi umugabo anshimishije, anankorera ibintu ntazopfa nibagiye."
Yongerako ati: "Turi mu mibonano, narabonye ko hari amazi ariko aransohokamwo ari menshi, yari nk'imbizi idudubiza, ariko muri ico gihe nyene nariko ndaryoherwa cane, birengeje, imbere y'uko numva amasoni imbere y'uwo mugabo na we nari najobetse".
Nk'uko abivuga, uwo mugabo yabanje kwiyumvira ko ari amasobe (inkari). Ariko ayo mazi ntiyanuka. "Ku mugoroba twaciye dutaha i Lomé, ntiyasubiriye kundondera na rimwe."
Abandanya avuga ko rwabaye urukundo rw'akanya gato kubera uwo mugabo atashimye ivyabaye. "Nibaza ko, kuri we, atatahuye ingene umukobwa akuze nka nje agisoba mu gitanda. Ikibabaje gusumba, muriko murahuza ibitsina", uko ni ko yadusiguriye, ariko yongerako ko ubu aticuza.
Yaragize amahirwe yo kugwa ku mugabo amukunda cane inyuma y'amezi make, yipfuza kumenya igituma asoba mu buriri iyo ariko arakora imibonano mpuzabitsina.
Fanta agira ati: "Ni ho umuganga yatubarira ko ari ibisanzwe ivyo binshikira kandi ko atari amasobe. Uwo mugabo ntiyasubiye kumvirira amaze kumenya ivyo ari vyo. Arakunda kundaba ndiko ndarekura amazi, cane cane kuraba uburyohe burenze mba mfise mu maso no ku mubiri wanje wose."
Kuzana amazi n'ukutigumya?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Dr Vanessa Kouatchouang Njewel yashatse gukura amazinda mu kwishura oya itaziguye. "Si ingwara kandi si no ukutigumya".
Ku bwiwe, umuntu yobifata nk'inyishu y'umubiri hageze guhuza ibitsina, nk'ikimenyetso rudende c'uburyohe ku bagore bamwe bamwe.
Agira ati: "Si ikibazo c'ingwara, ni ikintu kidasangiwe na bose kiri mu bigize uburyohe ku bagore bamwe bamwe."
Rero ayo mazi nta co bisa bisana n'amasobe, n'aho aca mu karingoti (urètre) kavana amasobe mu gasaho kayo (vessie).
Ayo mazi arakeye cane kandi nta kamoto agira.
Ariko abagore nka Fanta babandanya gukorerwa ikumirwa rifatiye ku kudatahura. Nk'uko uwo mugore abivuga, hari abadatahura ko atari amasobe.
Agira ati: "Ndibuka umusi umwe ndi i Cotonou, umugabo umwe, duhejeje guhuza ibitsina, yandabanye iseseme, aca arantuka ngo umugore akuze nka nje ashobora gusoba mu gitanda? Vyarambabaje cane."
Yongerako ko mu ntango, vyamugora kuvyakira. "Vyarashika ko ngira ubwoba ngira nje kuryamana n'umugabo, kandi murazi akazi nkora ako ariko. Igihe nabona umuntu aryohewe kubera abonye amazi yirashe, ni ho natahura ko amazi ashobora no kuba ikintu co gukwegakwega umugabo. Sinohakana kandi ko impanuro za muganga zatumye nitahura".
Dr Kouatchouang ati: "Nabonye benshi bagira ingorane mu ngo zabo kubera ivyo."
Aramaze kwakira abagore benshi bafise amazi, kandi aremeza ko ubu hariho benshi bitoroheye kubana na vyo.
Uwo muganga agira ati: "Abo bubakanye, rimwe na rimwe bafise ubumenyi buke, bibaza ko 'basoba' mu gihe bariko bararangura amabanga mpuzabitsina, ivyaca bizana umwumvikano muke, mbere rimwe na rimwe n'isoni. Ku bo abagabo babo babitahura, na ho nyene ibintu ntivyari vyoroshe cane! Abo bagabo bipfuza kubona ico kimenyetso co kurangiza, baba bashaka kubona ico kimenyetso uko bakoze imibonano mpuzabitsina, nk'uko umenga n'ikimenyetso simusiga kitabesha c'uburyohe."
Kuri we, ni nk'igitsure kiri kuri abo bagore kuko "abanyitura bama barindiriye ko ayo mazi aza, bamwe mu bo bubakanye baranaharura n'umwanya kugira bahinyuze ko batigirisha".
Abandanya avuga ko, muri ico gihe, impanuro kuri abo bagore ari gushira imbere ibiganiro, gusigurira abo bubakanye ko uburyohe budaharurwa ku maritiro! Ica ngombwa, n'ukwumva ko wisanzuye, ko umwe wese yumva ko umubiri atari imashini ifise aho bafyonda ngo amazi asohoke.
Fanta agira ati: "Iyumvire mumenyeshamakuru, umugabo twamenyeranye, anshavuriye umusi umwe inyuma kubera ata mazi menshi nasohoye uwo musi. Yibaza ko hari ahandi naciye gusambana imbere yo kuza iwe. Ndemera ko ntari nzi uko nobimusigurira."
Mu vy'ukuri, uwo mugore yari afise ibintu vyinshi mu mutwe ico gihe, ntiyari yipfuza gukora imibonano mpuzagitsina. "Nashaka gusa kumunezereza kuko yaguma angobera uwo musi".
"Amazi y'umugore" nk'uko bayita si amasobe. Ni amazi ava mu gihimba citwa 'glandes para-urétrales' canke 'Skene' kizungurutse akaringoti ka 'urètre'. Mu gihe co kuryoherwa, ico gihimba gica kizana amazi aca asohoka aciye muri ako karingoti ka urètre nk'ikimenyetso co kuryoherwa birenze.
…Ariko ntihaba haragera ko umuntu arangiza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu benshi bashaka kwitiranya ako kanya k'umunezero no kurangiza. Dr Vanessa Kouatchouang avuga ko kurekura amazi bitandukanye no guheza ku mugore.
Asigura ko iyo umugore arangije, haza amazi avuze yera kandi make, mu gihe ayo mazi y'iriba yo yisuka ari menshi kandi akeye. "Ubiravye ubudasa buri mu bwinshi n'ingene ari manovu, aho ayo y'iriba aba ari agaragara aza utayiteze.
Uwo muhinga mu bijanye n'imibonano mpuzabitsina wo mu karere k'ubuvuzi ka Bangue i Douala avuga ashimitse ko gusohora amazi bitandukanye no kurangiza. Ni vyo ko gusohora amazi rimwe na rimwe bihurirana no kurangiza, ariko "abagore bamwe bamwe bashobora gusohora amazi kandi batararangiza". Kandi buri mugore aba atandukanye n'uwundi.
Kwumva uburyohe atiziganya

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abaganga batanga impanuro ku bagore ko igihe bariko barasohora amazi ari ukuryoherwa batiziganya. "Kugira bikunde n'ukwisanzura no kureka agasohoka [amazi] ata masoni".
Aremera ko bitoroshe mu ntango, mbere bituma ugira amasoni, ariko "wibutse ko ari ibintu bisanzwe, bica vyoroha kubikora". Igihambaye, ni ukubifata ibisanzwe no kubiganira n'uwo muhuza ibitsina wizeye. Ni nk'intambo umubiri ukora uko ushaka".
Ubu, Fanta ntacicuza kandi nta n'ubwoba akigira imbere y'umugabo amushaka. "Uko biri kwose ndanezerwa mpaka. Cane cane iyo ndi kumwe n'umugabo abikunda. Birongereza uburyohe bigatuma twese twumva uburyohe burenze", uko ni ko avuga.













