Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Dushigikiye utwigoro tw'amahoro twa reta ya Congo' – urwaruka rw'Abanyamulenge baba muri Amerika
Urwaruka rw'Abanyamulenge baba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika rwemereye umukuru w'igihugu cabo ko bashigikiye utwigoro twiwe two kugarukana amahoro n'ituze mu gihugu. Ni inyuma y'umubonano wabo na Perezida Félix Tshisekedi mu rugendo rwiwe muri Amerika.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X, Patrick Bagabo yari arongoye intumwa z'urwaruka rw'Abanyamulenge muri uwo mubonano na Perezida Tshisekedi, yanditse ko bamenyesheje umukuru w'igihugu cabo ko barajwe ishinga n'amahoro, ubumwe n'ubwigenge bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Nubwo bobo ba vuga uku, hari abandi bagiriza reta ya Congo ko ubwoko bwabo buhahazwa mbere hakaba n'abicwa kubera ari Abanyamulenge.
Muri ubu butumwa bwiwe, Patrick Bagabo agira ati: "Nk'abenegihugu ba Congo biyemeje guharanira ituze na kazoza k'igihugu cacu, twashatse kwemeza y'uko kazoza kacu kajana n'ubumwe n'iterambere ry'igihugu – si ugucanamwo, indyane canke imigambi iva hanze".
Avuga ko bashigikiye utwigoro tw'ibiganiro mu ntumbero yo guhagarika indyane zo mu buseruko kandi "twamenyesheje ko abitwaza ubwoko bwacu mu ntumbero zo guteza intambara canke za poritike atari vyo biri mu banyagihugu basanzwe".
Ati: "Imiryango yacu yipfuza umutekano, iteka n'akaryo ko guterera mw'iterambere rya Congo nk'abandi banyagihugu bose".
Arashima akamo batewe n'umukuru w'igihugu abahamagarira gutsimbataza ubumwe no gukora kugira igihugu kigire kazoza keza.
Ati: "Aka kamo ni ngirakamaro cane ku runganwe rwacu. Amahoro ntazova gusa mu masezerano hagati y'ibihugu, azova kandi ku benegihugu bahitamwo ubumwe aho kwicamwo imigwi".
Mu butumwa bwiwe ntaco avuga ku bijanye n'uko Urwanda rwagirizwa ko ari rwo gashozantambara muri Congo kw'izina ry'Abanyamulenge n'abandi Bakongomani b'Abatutsi bavuga Ikinyarwanda.
Hagati aho, ibiro vy'umukuru w'igihugu bivuga ko uru rwaruka "rwiyamirije igitero c'Urwanda rwigaruriye ubutaka bwabo mu buryo butemewe n'amategeko, hamwe n'ukubagira igikoresho mu migambi y'intambara".
Mu ntambara zose zagiye ziba kuva mu 1996, izina Abanyamulenge ryagumye rigaruka, haba mu gihugu canke no hanze, aho cane cane Urwanda rwagiriza reta ya Congo ko idakora ivyo itegerezwa gukora kugira ngo ikingire ubu bwoko ihonyabwoko nk'iryabaye ku Batutsi benewabo babo mu Rwanda mu 1994.
Mu gihe kahise kabo, co kimwe n'ak'abandi Bakongomani, gashobora kwihweza kuva cane cane mu gihe c'ubukoloni n'imbere yaho gato, ibintu vyagiye kuza biragorana kuva iki gihugu kironse intahe y'ukwikukira mu 1960.
Kuva ico gihe, hari bamwe bagiye bafata Abanyamulenge nk'abanyamahanga mu gihe bari bamaze imyaka mirongo, canke mbere ibinjana mu buseruko bw'ico gihugu.
Ibi vyagiye biteza ibibazo, birahava vyandurukamwo intambara mu 1996 yashikanye ku butegetsi Laurent-Désiré Kabila, n'ubu ikaba ikibandanya, kw'izina nyene ry'Abanyamulenge.
Mu ntambara za kino gihe, Abanyamulenge bo mu ntara ya Kivu y'Epfo ntiborohewe, aho hagiye havugwa ibitero vyakorwa n'imirwi y'aba Mai-Mai be n'iyindi, nko mu bigwati vya Minembwe, Itombwe, Fizi n'ahandi.
Hagati aho, ubu uno muryango usa n'uwigabuyemwo kubiri, uruhande rumwe rwegamiye kuri reta ya Congo (Kinshasa) rwumva ko rukwiye kuja hamwe n'abandi Bakongomani, hakaba n'urundi ruvugwa ko ruri kumwe na AFC/M23 hamwe n'Urwanda rwagirizwa kuyifsha mu kurwanya reta ya Congo. Urwo ruhande rubandanya rwagiriza ingabo za DRC n'abafatanya na zo ubwicanyi ku Banyamulenge, imvo baha insiguro y'intambara yabo nk'iyo kwigwanako no kwibohora, ivyo uruhande rwa DRC ruhakana.