'Imana yari yampishuriye ko nzoyikorera biciye kuri Internet [Kanguka]' - Chris Ndikumana

    • Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC Gahuzamiryango
  • Igihe co gusoma: iminota 6

Mu kiganiro c'imbonekarimwe mw'itangazamakuru, umuvugabutumwa Chris Ndikumana wifashisha cane Internet yayaze na BBC Gahuzamiryango.

Ndikumana avuga ko yahishuriwe ko azokora uwo murimo mu 1996 biciye kuri Internet.

"Ico gihe Internet nta co nari nzi," uko ko avuga.

Azwi cane kubera ubutumwa bwa Kanguka bwatanguye buhererekanywa buciye ku rubuga rwa WhatsApp.

Azwi kandi nk'umuvugabutumwa akoranya isinzi ry'abantu mu bihugu no ku migabane itandukanye, hakaba hari n'abemeza ko akiza ingwara zitandukanye.

Chris Ndikumana avuka mu gisagara ca Bujumbura, muri karitiye Rohero, akaba avuka mu muryango w'abana batandatu.

Ivuka rya Kanguka

Ndikumana avuga ko yatanguye gushikiriza ubutumwa buciye kuri internet mu 2006, ariko aho yakoresha 'email'.

Ubutumwa bwa Kanguka buciye kuri 'audio' yatanguye kubukwiragiza itariki 16 z'ukwezi kwa Munyonyo(11) mu 2015.

"Numvise ijwi rimbwira riti rungika 'audio', " uko ni ko Chris avuga.

Ico gihe yari yasavye ideni muri banki atanguza 'Cyber Cafe' kugira akoreshe ubumenyi yari akuye muri Afrika y'Epfo.

Uwo mugabo muremure wa metero 1.95 yaranditse igitabo yise "L'histoire de Kanguka." [Inkuru ya Kanguka].

Avuga ko igihe yatangura gutanga ubutumwa bwa Kanguka Uburundi bwari mu bihe bibi, abantu bariko barapfa abandi bariko barahunga.

Ati: "Niyumviriye ijambo ryoremesha abantu bari mu ngorane, nifata ijwi ry'iminota indwi, ndarirungika."

Abandanya agira ati:" Nari mfise ama 'groupes' WhatsApp atatu, imwe yose irimwo abanti 100.

"Ariko bukeye, nasanze ndiko ndakurikirwa n'abantu barenga 5.000. N'uko Kanguka yavutse. "

Kuva ico gihe, abantu bamukurikirana bagiye barongerekana, gushika aho atangura gutunganya ubutumwa bwa Kanguka mu Gifaransa no mu Congereza.

Kujana ubutumwa mu bindi bihugu

Kuva mu 2017, umuvugabutumwa Chris Ndikumana yatanguye kugenda kuvuga ubutumwa mu bihugu bitandukanye harimwo Reta zunze Ubumwe bwa Amerika, Ububiligi, Suede, Canada, Benin, Cote d'Ivoire...

Aho hose agenda akoranya isinzi ry'abantu baza kumusanganira.

Amasengesho atunganya yitabwa kandi na bamwe bamwe mu mazina azwi cane kw'isi nk'uwigeze kuba umukinyi rurangiranwa mu mupira w'amaguru, ubu akaba arongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Cameroun, Samuel Eto'o Fils aherutse kuboneka mu masengesho ya Ndikumana i Cotonou muri Benin.

Ivyo biteramo bitunganywa hakoreshejwe amahera menshi.

Ndikumana avuga ko amahera akoresha atangwa n'abakunzi ba Kanguka.

Ati: "Twebwe nta mafaranga dusaba. Amahera ava mu bakunzi ba Kanguka kandi nta we turinda gusaba. Umutu wese atanga ico umutima wiwe umubwiye."

Abandanya avuga ko ata cicumi (1/10) asaba.

Ati:"Icicumi kiri mu bwuzure bwa kera. Mu bwuzure bushasha bavuga 'gutanga unezerewe'.

"None umuntu yogutegeka uko icutanga kingana, hanyuma ukagitanga unezerewe?"

Uwo muvugabutumwa kandi avuga ko ata shengero ryiwe bwite afise, ariko ko afise ishengero asengamwo.

'Si jewe nkiza...n'umupfasoni wanje yaragwaye araremba'

Iruhande yo kuvuga ubutumwa, Chris Ndikumana avuga ko Imana yamuhaye ubundi butumwa bwo gusengera abagwaye bagakira.

"Si jewe nkiza, n'ukwemera kw'umuntu kumukiza," uko ni ko yishura umubajije ingene akiza abagwaye.

Amwenyura cane, uwo muvugabutumwa w'imyaka 52 avuga kandi " iyaba ari jewe nkiza, mu muryango wanje ntabopfuye. None wumva nogira ubushobozi bwo gukiza abantu hanyuma mu muryango wanje abantu bakaguma bapfa?

"Umusi umwe, umupfasoni wanje yaragwaye araremba. Mu kiganiro Kanguka co ku musi wa Gatandatu naraterereje abantu ngo basengere umupfasoni wanje. None iyaba mfise ubushobozi bwo gukiza, nari kurinda gusaba abantu ngo badusengere?

"Umuntu akizwa n'ukwemera kwiwe. Jewe ndagusengera gusa hanyuma Yezu akagukiza."

Ku bafise amakenga ko abavaga ko bakize baba babesha, Ndikumana avuga ko "iyo umuntu agwaye mwene izo ngwara zidakira nka Kansere canke Sida, tubasaba kuja ku baganga babapimye ubwa mbere, kugira abe ari bo bemeza ko, koko, bakoize."

'Inda mu mpuzu' - Ibihe vy'ingorane

Igihe hicwa abanyeshure b'abahutu kuri kaminuza y'Uburundi mu 1995, bigatuma yugarwa mu kiringo c'amezi abiri, Chris Ndikumana na we ni ho yiga.

Ico gihe yaragize Imana aronka akaryo ko kuja kwiga mu gihugu ca Afrika y'Epfo, mu gisagara ca Johannesburg.

Vyari ivyishimo kuri we no ku muryango wiwe.

Ariko ashitseyo, si ko vyagenze.

Chris ntiyabaye aciga kandi ari co cari camujanye. Biragorana gose, abura ahaba, abura ico arya.

Yibuka, agira ati:"Harageze igihe nyene inzu ayugara harimwo ibintu vyanje vyose.

"Ndamutakambira kugira ampe 'diplome' yanje gusa, ibindi vyose mpeberayo."

Ariko yitwengera Ndikumana avuga ko "wari umugambi w'Imana kugira nce muvyo naciyemwo."

Yavuye Johannesburg aronse akazi aja gukora muri Republika ya Demokrasi ya Congo, ico gihe yitwa Zaïre. Hari mu 1996.

Ubwo nyene intambara ica iratera ari mu gisagara ca Lubumbashi.

Avuga ati: "namaze amezi atanu ntazi hanze ingene hasa, ninyegeje."

Ico gihe baguma bamwitiranya n'abanyarwanda byavugwa ko bari bateye ico gihugu.

Ati: "Kuvukira mw'irohero mu gisagara ca Bujumbura, mugira iwanyu wavutse urara ku matera, wambara ibirato, ukisanga uryama hasi, inda mu mpuzu, utagira ico urya...ntivyari vyoroshe," uko ni ko Chris avuga ariko aribuka ivyamubayeko.

Yashoboye gusubira mu Burundi afashijwe n'abasirikare bari bahejeje gutembagaza ubutegetsi bwa Prezida Mobutu Sese Seko.

"Mbega abakizwa ni nde yabaroze?"

Ikintu cababaje Chris Ndikumana ni igihe yitwa umusuma wo ku ruyeri [Escroc].

Abantu ntibamutumbera ngo babimubwire amaso mu yandi, ariko baramuhererekana, nk'uko abivuga.

Ariko na ho nyene aragaruka akavuga "erega mugabo ubiravye vyari vyo." - Uko ni ko avuga atwenga.

Avuga ko muri ico gihe, yagize ingeso yo kugurana amahera gushika n'aho "naragurana nka Yohani kugira nje kuriha Maria, gutyo gutyo gutyo...

"Ariko hari igihe vyanka gose ugasanga ndabuze uko ndabigenza.

"Inzira z'Imana ziragoye."

Ndikumana avuga ko ico gihe hari umukozi w'Imana "yansabiye akazi kuko yari azi ko nzi 'Informatique'.

"Mw'ijoro nca ndota ndiko ndabona ya 'contrat' icishijemwo umurongo utukura, bisigura ko ifuswe.

"Bukeye mu gitondo nahamagaye wa mukozi w'Imana ndamubarira ko Imana yambujije ako kazi."

Yarababaye cane aca ambarira ati:"Mbega abakizwa ni nde yabaroze?"

Avuga ariko ko wari umugambi w'Imana.

Agira ati:" Jewe n'Imana yambujije gukora. Kuko Imana ari yo ibigize, iraheza ikaguha ico urya.

"Imana yarampaye uko mbaho.

"Ariko udakoze ugatangura gusabiriza, iyo si Imana iba yabikubwiye."

Kabaza mu bukwe bwa Chris na Nadia

Umuvugabutumwa Chris Ndikumana afise umupfasoni n'abana bane.

Kwubakana kwabo ntikwari kworoshe.

Avuga ko hari ababigwanije cane cane bo mu muryango w'umupfasoni wiwe kuko batumva ingene yova muri Canada akaza kwubakana n'umuhungu ari mu Burundi.

"Jewe ku ruhande rumwe narabatahura kuko, urinze urungika umwana kwiga muri Canada agashikayo ico gihe, kandi igihugu cari mu mutekano muke, hanyuma akakubwira ko agira agaruke, weho wobifata gute?" uko ni ko avuga.

Yongeraho ati: "Ku rundi ruhande, iyumvire Chris Ndikumana, atagira aho ataha , arara mu biro aho yakorera, agenda n'amaguru ku zuba rya Bujumbura...baca babifata ko ndi umutekamutwe."

Avuga kandi ko hari n'abagenzi b'umupfasoni wiwe babana muri Canada bamuca intege.

Avuga ko umuvyeyi wiwe yari asigaranye [mama wiwe], vyamutwaye umwanya kugira abareke bubakane.

Avuga kandi ko babanje kubisengera.

"Urubanza rwegereje, Imana yambwiye ko amadeni yose ya 'Mariage' yarishwe", uko ni ko Chris avuga.

Urubanza rwabaye "ata kazi mfise, ariko ibintu vyose vyarakozwe kandi ata deni na rimwe rigiyemwo."

Ibindi birambuye ku kiganiro na Chris Ndikumana wobikurikira mu kiganiro Imvo n'Imvano kizatambuka ejo ku wa gatandatu aha kuri 'page yacu ya Facebook na WhatsApp channel yacu.