Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Sosthène Munyemana urwo yaciriwe ubwa mbere nirwo rwemejwe: gupfungwa imyaka 24
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Yakoze inkuru ari, i Paris
Inyuma y'indwi zitatu hariko haraba imburano mu gisata c'iyungururizo i Paris, mu Bufaransa, sentare y'i Paris yemeje urubanza rwari rwaraciriwe ubwa mbere Sosthène Munyemana yagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda.
Munyemana yari yarunguruje yiyamiriza igihano co gupfungwa imyaka 24 yaciriwe na sentare y'intango y'i Paris mu mwaka wa 2023.
Urubanza rwasomwe mu masaha akuze y'ijoro ryakeye.
Abamwitwariye bavuga ko ubutungane bubonetse, abamushigikiye bati ni urubanza rwa politike.
Uwo muganga w'Umunyarwanda w'imyaka 70, yagiriwe n'ivyaha vy'ubwicanyi ndengakamere. Uwo yahoze ari umwigisha muri kaminuza y'u Rwanda n'umuganga mu yahoze ari préfecture ya Butare, yahungiye mu Bufaransa mu 1994 aho yabandanije akazi ko kuvura mu bitaro vya Bordeaux.
Sentare yashimye gukomeza igihano c'imyaka 24 Sosthène Munyemana yari yakatiwe na sentare ya mbere ku wa 23 Kigarama 2023.
Urubanza rwasomwe Munyemana asa n'uwutuje, yambaye agapira kirabura k'amaboko magufi, aboheshejwe amapingu.
Ruhejeje gusomwa yakoze ikimenyetso c'umutwe mu kuramutsa abamushigikiye imbere y'uko ajanwa muri mu munyororo.
Imbere y'isomwa ry'urubanza, abashingwamanza bane bamwunganira, Me Biju-Duval, Levy, Bourg na Vincent Lurquin baragerageje gusaba ko umukiriya wabo arekurwa, bavuga ko amaze imyaka 30 aburabuzwa kandi ari umwere. Bavuze ko ivyo yagirizwa vyubakiye ku vyo bise ibihimbano n'ubuhamya butizewe.
'Urubanza rwa poritike' canke 'ubutungane bubonetse'
Bamwe mu bari baje kumushigikira, barimwo Joseph Matata, umunyarwanda afise imyaka irenga 70 yari yaje ava mu Bubiligi, bavuze ko urwo rubanza ari urwa politike .
Matata yagize ati : ''Uru si urubanza rw'ubutungane, ni politike ya Kigali igamije gutoteza Abahutu bize imbere ya 1994. Munyemana ni umwere, ivyamushikiye ni ibikorwa vy'ubutegetsi bwa Kigali vyo gutoteza Abahutu b'incabwenge nivyo biri inyuma y'uru rubanza''.
Abitwariye Munyemana bo bavuga ko ari ubutungane bubonetse ku miryango yakozweko na genocide.
Ku ruhande rw'abasaba indishi, bo bavuga ko bahumurijwe n'urwo rubanza.
Daphrose Gauthier, arongoye Collectif des Parties Civiles pour le Rwanda, rimwe mu mashirahamwe yitwariye Munyemana, yagize ati : ''Turaruhutse. Ubutungane burateba ariko burashika. Ni iteka ku babuze kuko Munyemana yaraturuhishije. Si twe tubonye arahanywe, ni isomo ku bantu bose binyegeje barakoze jenoside''.
Urubanza rwa Sosthène Munyemana rwatanguye mu 1995, rukaba rumaze imyaka 30 ruri mu mburano imbere y'uko rusozwa.
Ni rumwe mu manza za kera zerekeye jenoside yo mu Rwanda.
Rwabonetsemwo ivyabona (abatangabuhamya) vyinshi rukaba rwitabwe n'abashika 200, harimwo 69 baturuka mu Rwanda.
Ku munsi wa nyuma w'imburano
Kuri uwu wa kane, wari umusi wa nyuma wo kuburana. Intahe yamaze iminota mirongo itatu gusa. Ahanini, sentare yahaye ijambo rya nyuma uwagirizwa kugira asozere imburano ziwe.
N'ijwi rituje, Munyemana w'imyaka 70, yavuze ijambo rigufi ryamaze iminota iri musi ya 15.
Yibukije ko ata ruhara yigeze agira muri jenoside yo mu Rwanda mu 1994. Ashimangira ko ata caha na kimwe yakoze kandi ko ata na kimwe yicuza.
Yabwiye abacamanza gutahura ivyo, abibutsa kandi ko bamaze kwumva no kubona ko aho yabaye i Tumba, muri Butare, mu gihugu c'Urwanda, yari abanye neza n'abantu bose.
Abasaba kwisunga ubutungane nyakuri mu gufata ingingo ibereye, no mu guca ico yise "urubanza runsubiza iteka".
Abunganira Sosthène Munyemana na bo nyene ntibaja kure y'ico gisabo. Bipfuza ko uyu muganga yezwa.
Berekanye ko ivyaha vya jenoside yagirizwa ari irementanya kandi ko n'amasura yakoreshejwe "yategetswe ivyo avuga".
Ku bw'ivyo, babandanije basaba ko sentare yofata uwo baburanira nk'inzirakarengane "yaranzwe n'ibikorwa vyo gufasha abandi no kurokora abari mu kaga mu gihe ca jenoside".
Bimwe mu vyo bishimikije, ni amakete abiri Munyemana yandikiye umugore wiwe yari kwiga mu Bufaransa mu 1994, aho yagaragaza uko ibintu vyari vyifashe nk'uwuraga.
Basigura ko ubutumwa buyarimwo bwerekana umutima w'umuntu ico gihe atari mu bikorwa vya jenoside.
Sosthène Munyemana asanzwe ari mu karuhuko k'izabukuru kuva mu 2022. Yahoze ari umuganga w'abagore n'indembe i Bordeaux mu Bufaransa.
Ako kazi ni ko yakora n'imbere ya 1994 mu cahoze ari Préfecture ya Butare mu bumanuko bw'Urwanda.
Yaranigishije mu gisata c'ubuganga muri kaminuza y'ico gihugu.
Abamwunganira barafatira no kuri ivyo mu kwerekana ko "yamaze imyaka myinshi akiza ubuzima bw'abavyeyi bariko baribaruka", kandi ko izina yiswe n'ibinyamakuru ko ari "umuyangayanga wa Tumba" (mu gifaransa, le boucher de Tumba) ari ikinyoma kigamije kumwambika ibara.
Tumba ni ko karere, muri Butare, karimwo kaminuza yigishako akanahakorera nk'umuganga.
Ibisigurwa n'ababuranira Munyemana ntibinyura abunganira imiryango yabuze abayo.
Kuri uwu wa kabiri, bavuze ko kuba Munyemana yarafashije bamwe kurokoka bidahindura ukuri kw'uko yari mu babaye kw'isonga ry'itegurwa rya jenoside.
Yagize ati: "Gukiza umuntu umwe ntibifuta amaraso y'abandi benshi bazize jenocide."