Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Sosthène Munyemana yahamwe n'ivyaha vya jenoside ari mu rubanza rw'iyungururizo rwatanguye mu mpari i Paris
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru i Paris
I Paris mu Bufaransa uyu munsi ugira kabiri hariko haraba urubanza rw'iyungururizo rwa Sosthène Munyemana rwatanguye ku wa kabiri mu mpari nyinshi.
Rwari rwitabwe n'abantu benshi ku buryo abajejwe umutekano babanje guhitamwo abinjira n'abaguma hanze.
Ku munsi ugira kabiri ariko abantu si benshi nko ku munsi wa mbere.
Nko ku munsi w'ejo, Munyemana yaje ariko amapingu yamara atwengatwenga asa n'umuntu atekanye n'aho yari akikijwe n'abajandarume bari bacunze umutekano. Rimwe na rimwe yaraba abo mu muryango wiwe baje kumushigikira.
Mw'ijwi rituje, bamubajije umwidondoro wiwe, yavuze ko yavukiye mu muryango w'abarimyi n'aborozi, avuga ko afise imyaka 68 kandi ko kuva mu buto bwiwe yabana neza na bose. Yavuze ko ubuzima bwiwe yabuhebeye kurokora ubuzima bw'abantu no kwigisha urwaruka muri kaminuza y'Urwanda, avuga ko gushika akukuruke mu 2022 ubuzima bwiwe bwaranzwe n'ubugiraneza no kwitaho abandi.
Uwo mugabo, yahora ari umuganga mu Rwanda, yarakoze kandi mu bitaro vya Villeneuve-sur-Lot mu Bufaransa gushika akukuruke.
Yakatiwe imyaka 24 y'ugufungwa na sentare y'i Paris mu kwezi kw'icumi na kabiri mu 2023, yagiriwe n'ivyaha birimwo ivyo ihonyabwoko hamwe n'ibikorewe zina muntu vyakorewe Abatutsi mu Rwanda mu 1994, mu gihe yakorera mu buvuzi bwo kwakira abavyeyi mu yahoze ari préfecture ya Butare.
Munyemana yaciriwe urubanza na sentare y'i Paris ica imanza z'ivyaha (cour d'assises) ko yagize uruhara muri jenoside igihe yari umuganga ku bitaro vya Butare. Sentare yamwagirije ko yari mu bagize uruhara mu migambi yo kwica Abatutsi mu kwezi kwa kane mu 1994, igihe yakorera mu buvuzi muri ako gace.
Munyemana yarahakanye ivyo vyaha, aca arunguruza, bituma asubira imbere y'ubutungane mu rubanza rurerure rumaze hafi imyaka 30, kuva mu 1995 igihe ikirego ca mbere kimwagiriza casohoka.
Impari kuri Fabrice Ishimwe zatewe n'iki?
Intahe y'umunsi wa mbere w'urubanza rwo mw'iyungururizo yaranzwe n'impari zikomeye, bivuye ku cabona (umutangabuhamya) kimwe cifuza gukoresha uburyo bw'ikoranabuhanga aho kuza i Paris.
Inyuma yo gutora inyankamugayo 12 bazofashanya n'abacamanza batatu guca urubanza rw'iyungururizo rugiye kumara indwi zitandatu, sentare yakurikije isomwa ry'amazina y'ivyabona (abatangabuhamya) bizotangwa birenga 60.
Ariko umwe muri bo yatumye ababuranyi baja mu mpari nyinshi.
Uwo mutangabuhamya, Fabrice Ishimwe, asanzwe aba mu Rwanda, ari mu bakura icaha kuri Munyemana.
Ariko ubucamanza bw'Urwanda bwamenyesheje ko adashobora kuza i Paris ku mpamvu z'akazi, kuko ngo azoba ari mu gikorwa co kumenyereza abakinyi b'umupira w'amaboko (basketball).
Izo nsiguro ntizanyuze ababuranira Munyemana, bazita amayeri ya reta y'Urwanda yo kwivanga muri urwo rubanza.
Jean-Marie Biju-Duval, arongoye ababuranira Munyemana, yavuze ko Ishimwe yankiwe kuza i Paris kubera yakura icaha kuri Munyemana. Uwo mushingwamanza yerekanye urwandiko avuga ko uwo mutangabuhamya yarungikiye ababuranira Munyemana ku muhora wa WhatsApp avuga ko afise ubwoba ko yogirirwa nabi.
''Ibi vyerekana ko abatangabuhamya batavuga ivyo Leta ya Kigali ishaka bagirirwa nabi'', ni ko Biju-Duval yavuze, agasaba ko ''uyu mugabo aza kandi ntibamwice, kuko ubucamanza bwa Kigali bushaka ko Munyemana ahanwa.''
Sentare y'iyungururizo yamenyesheje ko izokora ibishoboka vyose kugira ikibazo c'uwo mutangabuhamya ntikibangamire ibandanya ry'urubanza. Kuri iyi ndwi nyene, hitezwe kwumvirizwa ivyabona 30.